Abakolosayi 3:1-25
3 Ariko nimba mwarazuranywe+ na Kristu, nimubandanye kurondera ibintu vyo hejuru+, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+.
2 Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru+, atari ku bintu vyo kw’isi+.
3 Kuko mwapfuye+, ubuzima bwanyu+ na bwo bukaba bwaranyegejwe hamwe na Kristu mu bumwe+ n’Imana.
4 Kristu we buzima bwacu+ niyahishurwa, ni ho namwe muzohishuranwa+ na we mu buninahazwa+.
5 Nimwice+ rero ibihimba vy’umubiri+ wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri+, ivyipfuzo vyonona, n’umwina+ ari kwo gusenga ibigirwamana.
6 Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana+.
7 Ivyo nyene ni vyo na mwebwe mwagenderamwo kera igihe mwahora mubibamwo+.
8 Ariko ubu, nimuvyikunkumure koko vyose+: uburake, ishavu, ububi, ugutukana+, n’amajambo ateye isoni+ ava mu kanwa kanyu.
9 Ntimubeshane+. Mwambure wa muntu wa kera+ n’ingeso ziwe,
10 hanyuma mwambare wa muntu mushasha+, umwe agirwa mushasha hisunzwe ishusho+ y’Uwamuremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa,
11 ahatakigira Umugiriki canke Umuyuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, umunyamahanga canke Umusikite, umushumba, uwidegemvya+; mugabo Kristu ni vyose kandi muri vyose+.
12 Nuko rero, nk’abatowe n’Imana+, beranda kandi bakundwa, nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe+, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+, ubwitonzi+, n’ukwiyumanganya+.
13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera+ uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi+, namwe nyene mugenze mutyo.
14 Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo+, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge+ wunga ubumwe.
15 Vyongeye, amahoro+ ya Kristu naganze mu mitima yanyu+, kuko vy’ukuri mwahamagariwe ayo mahoro mu mubiri umwe+. Kandi mwerekane ko mushima.
16 Ijambo rya Kristu niribe muri mwebwe rigwiriye mu bukerebutsi bwose+. Mugume mwigishanya+ mwongera mukeburana mukoresheje amazaburi+, amashemezo aturwa Imana, indirimbo+ z’ivy’impwemu zijana n’igikundiro, muririmbira Yehova+ mu mitima yanyu.
17 Kandi ivyo mugira vyose mu mvugo canke mu bikorwa+, mukore vyose mw’izina ry’Umukama Yezu+, mukengurukira+ Imana ari yo Data biciye muri we.
18 Yemwe bagore, muyobokere+ abagabo banyu, nk’uko bibereye mu Mukama.
19 Yemwe bagabo, mugume mukunda abagore banyu+ kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi+.
20 Yemwe bana, mugamburukire+ abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama.
21 Yemwe ba se, ntimuratse abana banyu+, kugira ngo ntibavunike umutima.
22 Yemwe bashumba, mugamburukire muri vyose ba shobuja bo mu buryo bw’umubiri+, atari mu gukorera ijisho, nk’abahimbara abantu+, mugabo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova+.
23 Ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya+, nk’abakorera Yehova+, atari nk’abakorera abantu,
24 kuko muzi yuko Yehova+ ari we azobaha impembo ikwiriye y’intoranwa+. Mushumbire Shobuja Kristu+.
25 Nta gukeka, uwukora ikibi azokwishurwa+ ikibi yakoze, kandi nta kugira nkunzi kubamwo+.