Abalewi 20:1-27
20 Yehova yongera kubwira Musa ati:
2 “Ubwire bene Isirayeli uti: ‘Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, na kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga muri Isirayeli, azoha Moleki+ uwo ari we wese mu ruvyaro rwiwe, ntaze abure kwicwa. Abanyagihugu baze bamutere amabuye apfe.
3 Nanje nzoshinga igitsure canje* uyo muntu, ndamurandure mu bantu b’iwabo+, kuko yahaye uwo mu ruvyaro rwiwe Moleki kugira ahumanye aheranda hanje+ no kugira ahumanye izina ryanje ryeranda+.
4 Kandi abanyagihugu nibaramuka bahishije amaso yabo uyo muntu n’ibigirankana ntibamwice igihe ahaye Moleki uwo ari we wese mu ruvyaro rwiwe+,
5 jewe ubwanje rero nzoshinga koko igitsure canje uyo muntu n’umuryango wiwe+, ndamurandure vy’ukuri, ndandure n’abo bose bashurashura bari kumwe na we mu gushurashura+ na Moleki, bave mu bantu b’iwabo.
6 “‘Umuntu yitura abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ n’abagize umwuga ukubura ibizoba+ ngo ashurashurane na bo, emwe, nzoshinga igitsure canje uyo muntu, ndamurandure mu bantu b’iwabo+.
7 “‘Kandi mutegerezwa kwiyeza no kwerekana ko muri beranda+, kuko ndi Yehova Imana yanyu.
8 Kandi mutegerezwa kugumya ivyagezwe vyanje, mukabishitsa+. Ndi Yehova uwuriko arabeza+.
9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+.
10 “‘Umugabo arenze ibigo n’umugore w’uwundi mugabo, aba arenze ibigo n’umugore wa mugenziwe+. Ntaze abure kwicwa, hicwe nya mugabo na nya mugore+.
11 Umugabo aryamanye n’umugore wa se, aba apfukuye ubwambure bwa se+. Bompi ntibaze babure kwicwa. Amaraso yabo ari kuri bo.
12 Aho umugabo aryamanye n’umukazana wiwe, bompi ntibaze babure kwicwa+. Baba bagize ibitagirwa. Amaraso yabo ari kuri bo+.
13 “‘Igihe umugabo aryamanye n’umugabo nk’uko umuntu aryamana n’umugore, bompi baba bakoze ikintu giteye ishishi+. Ntibaze babure kwicwa. Amaraso yabo ari kuri bo.
14 “‘Umugabo niyatwara umukobwa na nyina wiwe, buzoba ari ubushirasoni+. Bakwiye kumuturirana na bo mu muriro+, kugira ngo ubushirasoni+ ntibubandanye hagati muri mwebwe.
15 “‘Aho umugabo yimije igikoko+, ntaze abure kwicwa, na nya gikoko muze mucice.
16 Kandi aho umugore yegereye igikoko ico ari co cose ngo kimwimye+, uze wice nya mugore na nya gikoko. Ntibize bibure kwicwa. Amaraso yavyo ari kuri vyo.
17 “‘Aho umugabo atwaye mushikiwe, umukobwa wa se canke umukobwa wa nyina, akabona koko ubwambure bwiwe, na nya mukobwa ubwiwe akabona ubwambure bw’uyo, ni agaterasoni+. Bategerezwa rero kurandurwa mu maso y’abantu b’iwabo. Aba apfukuye ubwambure bwa mushikiwe. Akwiye kwishura ikosa ryiwe.
18 “‘Aho umugabo aryamanye n’umugore ari mu butinyanka agapfukura koko ubwambure bwiwe, aba ashize ahabona isôko rya nya mugore, na nya mugore ubwiwe aba ashize ku kabarore isôko ry’amaraso yiwe+. Bompi rero bategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.
19 “‘Ntuze upfukure ubwambure bwa mwene wabo na nyoko wawe+ n’ubwa mushiki wa so+, kuko umuntu aba ashize ku kabarore incuti yiwe y’amaraso+. Bakwiye kwishura ikosa ryabo.
20 Kandi umugabo aryamanye n’umugore wa sewabo aba apfukuye ubwambure bwa sewabo+. Bazobwirizwa kwishura igicumuro cabo. Bazobwirizwa gupfa ata kana bafise+.
21 Aho umugabo atwaye umugore wa mwene wabo, ni ikintu co kuzinukwa+. Aba apfukuye ubwambure bwa mwene wabo. Nta kana bazogira.
22 “‘Mutegerezwa kugumya ivyagezwe+ vyanje vyose n’ingingo zanje zose z’ubutungane+, mukabishitsa, kugira ngo igihugu ndiko ndabajanamwo ngo mukibemwo ntikize kibadahwe+.
23 Kandi ntimuze mugendere mu vyagezwe vy’amahanga ngira nirukane imbere yanyu+, kuko yakoze ivyo bintu vyose nanje nkaba ndayazinukwa+.
24 Ku bw’ivyo nababwiye nti+: “Mwebwe muzokwigarurira ubutaka bwabo, nanje nzobubaha mubwigarurire, kikaba ari igihugu gitemba amata n’ubuki+. Ndi Yehova Imana yanyu, uwabashize ku ruhande mu kubatandukanya n’ibindi bisata vy’abantu+.”
25 Kandi mutegerezwa gushira itandukaniro hagati y’igikoko kidahumanye n’igihumanye, no hagati y’ikiguruka gihumanye n’ikidahumanye+. Ntimuze mutume ubwanyu muba abashisha+ biciye ku gikoko n’ikiguruka n’ikintu cose kigendagenda ku butaka, ari vyo natandukanije namwe mu kuvuga ko bihumanye.
26 Kandi mutegerezwa kwerekana ko muri beranda kuri jewe+, kuko jewe Yehova ndi mweranda+; kandi ntanguye kubatandukanya n’ibindi bisata vy’abantu ngo mucike abanje+.
27 “‘Nayo umugabo canke umugore abonetsemwo impwemu y’ukuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke impwemu y’ukubura ibizoba+, ntibaze babure kwicwa+. Baze babatere amabuye gushika bapfe. Amaraso yabo ari kuri bo+.’”
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “mu maso hanje.”