Ezekiyeli 17:1-24

17  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Mwana w’umuntu, pfinda agapfindo+, utunganye imvugo y’akagani ku nzu ya Isirayeli+.  Uze uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ya nkona nini+, imwe ifise amababa manini+, ikagira n’amubi maremare, ikaba yuzuyeko amoya, imwe yari ifise amabara y’indobeke, yaraje i Libani+ itora ubushorishori+ bw’isederi+.  Yāha isonga ry’imivyaro yaryo, iza irizanye mu gihugu ca Kanani+; irishira mu gisagara c’abacuruza.  Vyongeye, itora ku mbuto y’ico gihugu+, iyishira mu murima wo kubibamwo imbuto. Yayishizeho nk’igiti c’umusafusafu iruhande y’amazi menshi+, nk’igiti c’umusafusafu.  Nuko itangura kunaga, buhorobuhoro icika umuzabibu utotahaye, mugufi+, umeze nk’uwugondeye amababi imbere muri wo; nayo imizi yawo, yahavuye iba munsi yawo. Amaherezo ucika umuzabibu, uzana imivyaro, ushamika n’amashami+.  “‘“Hanyuma haba iyindi nkona nini+, ifise amababa manini, ikagira n’amubi manini+, maze uwo muzabibu nyene ushora imizi yawo n’umunoho n’akantu uyerekeza kuri yo+. Urungika amababi yawo kuri yo kugira ngo iwunyoshe, kure y’amatuta wari watewemwo+.  Wari wamaze kubadikwa+ mu murima mwiza, iruhande y’amazi menshi, kugira ngo ushamike amashami wongere wame ivyamwa, ngo ucike umuzabibu w’agakomeye.”’  “Vuga uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega uwo muzabibu uzororanirwa+? Mbega ntihazogira uwuwumomora imizi+, agatuma ivyamwa vyawo bigira ibikaragashi? Mbega iminago yawo yose ikimara kwahwa ntizokwuma+? Uwo muzabibu uzokwuma. Ntihazorinda gukoreshwa ukuboko gukomeye canke igisata c’abantu isinzi ngo urandurwe guhera mu mizi. 10  Kandi raba: naho wabaditswe, mbega uzororanirwa? Mbega ntuzokwuma rwose, nk’igihe uciweko n’umuyaga wo mu buseruko+? Uzokwumira mu matuta y’umunago wawo+.”’” 11  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 12  “Ndakwinginze ubwire ya nzu y’ingarariji uti+: ‘Ariko vy’ukuri ntimuzi ico ivyo bisobanura?’ Vuga uti: ‘Raba! Umwami wa Babiloni yaraje i Yeruzalemu, atora umwami waho+ n’abaganwa baho, abazana iwe i Babiloni+. 13  Vyongeye, atora umwe mu bo mu nda y’ingoma+, agirana isezerano na we, amurahiza indahiro+; atwara n’abantu bakurubakuru bo mu gihugu+, 14  kugira ngo ubwami buce bugufi+, ntibushobore kwiduza, bushobore guhagarara biciye ku kugumya isezerano ryiwe+. 15  Mugabo amaherezo aramugarariza+ mu gutuma intumwa ziwe mu Misiri, kugira ngo imuhe amafarasi+ be n’igisata c’abantu isinzi. Mbega azororanirwa? Mbega azocika kw’icumu, uwukora ivyo kandi akaba yarenze isezerano? Mbega vy’ukuri azocika kw’icumu+?’ 16  “‘“Ndahiye ukubaho kwanje+,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “ahantu nyene h’umwami yimitse uwasuzuguye indahiro yiwe+ kandi akarenga isezerano ryiwe, ni ho azopfira, iruhande yiwe, hagati muri Babiloni+. 17  Kandi Farawo ntazotuma aroranirwa mu ntambara biciye ku nteko za gisirikare nyinshi no kw’ishengero ry’abantu isinzi+, mu kuduza igikuta c’ugusugereza no mu kwubaka uruhome rw’ugusugereza, kugira ngo arandure benshi+. 18  Yasuzuguye indahiro+ mu kurenga isezerano, kandi raba: yari yatanze ukuboko+, none yakoze ivyo bintu vyose. Ntazogenda acitse kw’icumu+.”’ 19  “‘Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ndahiye ukubaho kwanje, ni ukuri, indahiro yanje yasuzuguye+ be n’isezerano ryanje yarenze, emwe, nzobizana ku mutwe wiwe. 20  Nzosanza urusenga rwanje hejuru yiwe, kandi ntazobura gufatwa mu rusenga rwanje rw’uruhigi+; kandi nzomuzana i Babiloni, mburanireyo na we ku bijanye n’ubuhemu yangiriye+. 21  Nayo impunzi ziwe zose zo mu nteko ziwe zose, zizogwishwa n’inkota, abasigaye na bo bashwiragizwe mu miyaga yose+. Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova nabivuze+.”’ 22  “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nanje nzotora ku bushorishori buri hejuru bw’isederi ndabushire ahantu+; kw’isonga ry’udushami twaryo nzokwahako akoroshe+, ndakabadike ku musozi muremure kandi ukirurutse+. 23  Nzokabadika ku musozi w’ahakirurutse wa Isirayeli+, kandi ntikazobura gushamika amashami, kame ivyamwa+, gacike isederi ry’agakomeye+. Kandi munsi yaryo ni ho vy’ukuri inyoni zose z’amababa y’ubwoko bwose zizokwibera; zizokwibera mu gitutu c’amababi yaryo+. 24  Kandi ibiti vyose vyo mu gahinga bizobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova+ nashize hasi igiti kirekire+, ngashira hejuru igiti kigufi+, nkumisha igiti kikiri kibisi+, ngatuma igiti cumye gishurika. Jewe Yehova narabivuze kandi ndabikora+.”’”

Utujambo tw'epfo