Ezekiyeli 4:1-17
4 “Nawe ga mwana w’umuntu, niwitorere itafari, urishire imbere yawe, urisarureko igisagara, emwe, Yeruzalemu+.
2 Kandi uze ugisugereze+, wubake uruhome rwo kugisugereza+, uduze n’igikuta co kugisugereza+, ushinge amakambi yo kugitera wongere ugikikuze hose impfizi z’intama z’indwano* zo kugitera+.
3 Nayo wewe, niwitorere ikarayi y’icuma, uyishinge nk’uruhome rw’icuma hagati yawe n’igisagara, ugihange amaso, kibe igisugerejwe, ucugarize. Ni ikimenyetso ku nzu ya Isirayeli+.
4 “Nayo wewe, nuryamire urubavu rwawe rw’ibubamfu, ururemeke ikosa ry’inzu ya Isirayeli+. Igitigiri c’imisi uzomara ururyamiye ni co uzomara wikoreye ikosa ryabo.
5 Nanje nzoguha imyaka y’ikosa ryabo+, ingane n’igitigiri c’imisi amajana atatu na mirongo icenda+, kandi uzobwirizwa kwikorera ikosa ry’inzu ya Isirayeli.
6 Kandi uze uyirangize.
“Ubugira kabiri, uze uryamire urubavu rwawe rw’iburyo, wikorere ikosa ry’inzu ya Yuda imisi mirongo ine+. Ico nguhaye ni umusi uhwana n’umwaka, umusi uhwana n’umwaka+.
7 Uzohanga amaso ugusugerezwa kwa Yeruzalemu+, ubigire ukuboko kwawe gupfukuye, kandi uvuge koko ubuhanuzi buhagiriza.
8 “Ehe nzogushirako imigozi+ kugira ngo ntiwihindukize ngo uve ku rubavu rwawe rumwe uje ku rundi, gushika urangije imisi y’isugereza ryawe.
9 “Nayo wewe, niwitorere ingano+ na sayiri* n’ibiharo+ n’inkore+ n’amasaka na kusemeti*+, ubishire mu combo kimwe, uvyihinguriremwo umukate, ku bw’igitigiri c’imisi uzomara uryamiye urubavu rwawe; uzowurya imisi amajana atatu na mirongo icenda+.
10 Ibifungurwa vyawe uzorya bizoba biri ku gipimo: shekeli mirongo ibiri ku musi+. Uzoza uracishamwo ubirya.
11 “Kandi n’amazi, uzoyanywa ku ngero: ica gatandatu ca hini*. Uzoza uracishamwo uyanywa.
12 “Uzobirya nk’agatsima ka sayiri+; kandi uzovyotsa ku mwanda mukuru+ w’abantu wumye, mu maso yabo.”
13 Yehova abandanya kuvuga ati: “Ukwo nyene ni ko bene Isirayeli bazorya umukate wabo uhumanye+ hagati mu mahanga nzobashwiragizamwo+.”
14 Ndaheza mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Raba! Simpumanye+; eka kuva mu buto bwanje sinigeze ndya umuvyimba w’icamaze gupfa canke igikoko catabaguwe, gushika n’ubu+, kandi nta nyama ihumanye yigeze ija mu kanwa kanje+.”
15 Na we aca ambwira ati: “Raba, nguhaye ibisheshe vy’amase y’inka mu kibanza c’umwanda mukuru w’abantu wumye, abe ari vyo wotsako umukate wawe.”
16 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ehe muri Yeruzalemu ngira mvune inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+; bazobwirizwa kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya+, banywe amazi ku ngero kandi bari n’ikinya+,
17 kugira ngo babure umukate n’amazi, barabane bajorewe, baborere mw’ikosa ryabo+.
Utujambo tw'epfo
^ Cari igikoresho c’intambara cakoreshwa mu gusenyura amarembo n’impome vy’igisagara.
^ Ni ubwoko bw’ingano bwarimwa mu Misiri ha kera.
^ “Sayiri” ni igiterwa kimeze nk’ingano.
^ Ingero ya hini yangana n’amalitiro 3,67.