Ezira 9:1-15

9  Ivyo bikimara kurangira, abaganwa+ begera aho ndi, bavuga bati: “Abantu ba Isirayeli n’abaherezi n’Abalewi ntibitandukanije+ n’abantu bo muri ibi bihugu ku bijanye n’ibintu vyabo biteye ishishi+, abo na bo bakaba ari Abanyakanani+, Abaheti+, Abaperizi+, Abayebusi+, Abamoni+, Abanyamowabu+, Abanyamisiri+ n’Abamori+.  Kuko bemeye kwabira bamwe mu bakobwa babo bakemera n’uko bamwe mu bakobwa babo babirwa n’abahungu babo+; kandi ubwabo, bo ruvyaro rweranda+, barivanze+ n’abantu bo muri ivyo bihugu, kandi ukuboko kw’abaganwa n’ivyegera vy’abatware kwabaye ukwa mbere+ muri ubwo buhemu.”  Nkimara kwumva ico kintu, nca ntantamura impuzu yanje+ n’umwitero wanje utagira amaboko, ntangura gushikura umushatsi wo ku mutwe wanje+ n’ubwanwa bwanje, nguma nicaye njumarariwe+.  Vyongeye kuri jewe hakoranira abantu bose bariko bajugumira+ kubera amajambo y’Imana ya Isirayeli yiyamiriza ubuhemu bw’abajanywe ari inyagano, mu gihe nari nicaye njumarariwe gushika igihe c’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+.  Igihe c’ishikanwa ry’intete+ ryo ku mugoroba kigeze, ndahaguruka mva aho nari nicaye nteterewe, impuzu yanje n’umwitero wanje utagira amaboko vyatantamutse, maze ndapfukama+, ngaranzurira ibiganza Yehova Imana yanje+.  Ndaheza mvuga+ nti: “Ewe Mana yanje, numva koko maramaye+ kandi mfise ubuyega+ ku buryo ntoraramurira mu maso hanje kuri wewe, ewe Mana yanje, kuko amakosa+ yacu yagwiriye ku mutwe wacu, ukwagirwa n’icaha kwacu na kwo kukaba kwabaye kwinshi gushika no mu majuru+.  Kuva mu misi ya ba sogokuruza bacu+ twamye twagirwa n’icaha bimwe bikomeye gushika n’uyu musi+; kandi amakosa yacu ni yo yatumye twe n’abami bacu+ n’abaherezi bacu+ dutangwa mu kuboko kw’abami b’ibi bihugu, turicishwa inkota+, tugirwa imbohe+, turasahurwa+ kandi tugira ibimaramare ku maso+, nk’uko biri uyu musi.  Ubu na ho, Yehova Imana yacu atugiriye ubutoni+ akanya gato mu kudusigariza abacitse kw’icumu+ no mu kuduha ikibanza kitagira inkomanzi* ahantu hiwe heranda, kugira akayanganishe amaso yacu+, ewe Mana yacu, no kugira atugarurire agatege mu bushumba bwacu+.  Kuko turi abasuku+; kandi Imana yacu ntiyaturekeye mu bushumba bwacu+, mugabo itugirira ubuntu bwuzuye urukundo imbere y’abami b’Ubuperesi+, kugira ngo itugarurire agatege duheze duhagurutse inzu y’Imana yacu+ twongere tunagure ahantu hayo hacitse umusaka+, no kugira ngo iduhe uruhome rw’amabuye+ muri Yuda n’i Yeruzalemu. 10  “None ga Mana yacu, tuvuge iki inyuma y’ivyo? Kuko twahevye amabwirizwa yawe+, 11  ayo wategetse biciye ku basavyi bawe abahanuzi, uti: ‘Igihugu mugiyemwo kugira ngo mucigarurire ni igihugu gihumanye kubera ubuhumane bw’abantu bo muri ivyo bihugu+, kubera ibintu vyabo biteye ishishi+ bacujuje kuva ku mpera gushika ku yindi+ biciye ku buhumane bwabo+. 12  Ubu rero abakobwa banyu ntimubahe abahungu babo+, canke ngo abakobwa babo mwemere ko babirwa n’abahungu banyu; kandi gushika igihe kitagira urugero ntimuze mukore murondera amahoro yabo+ canke ugutunganirwa kwabo, kugira mukomere+, murye vy’ukuri ivyiza vy’igihugu mwongere mucigarurire koko ku bw’abahungu banyu, gushika igihe kitagira urugero+.’ 13  Inyuma y’ivyadushikiye vyose kubera ibikorwa bibi vyacu+ n’ukwagirwa n’icaha kwacu gukomeye⁠—​kuko wewe, ewe Mana yacu, utatugiriye ibihuye n’ikosa ryacu+, ukaba uduhaye abacitse kw’icumu nk’aba+​—⁠ 14  twongere none turenge amabwirizwa yawe, twunge ubucuti bw’ukwabirana+ n’abantu bakora ibi bintu biteye ishishi+? Mbega ntuzotururumbira ishavu ugaherezako+ ku buryo ata n’umwe azosigara+, ntihagire n’uwucika kw’icumu? 15  Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, uragororotse+, kuko dusigaye turi abantu bacitse kw’icumu, nk’uko biri uyu musi. Ehe turi imbere yawe twagirwa n’icaha+, kuko tudashobora guhagarara imbere yawe kubera ico+.”

Utujambo tw'epfo

Ijambo ku rindi ni “mu kuduha urumambo.”