Hoseya 14:1-9
14 “Ewe Isirayeli, garuka kuri Yehova Imana yawe+, kuko watsitaye mw’ikosa ryawe+.
2 Nimuze mwibangikanije amajambo, mugaruke kuri Yehova+. Mumubwire mwese muti: ‘Nuharire ikosa+; wemere iciza, natwe tuzotanga ibimasa vy’iminwa yacu+.
3 Ashuri ntizodukiza+. Ntituzogendera ku mafarasi+. Kandi ntituzokwongera kubwira igikorwa c’amaboko yacu ngo: “Ewe Mana yacu!”, kuko ari wewe utuma impfuvyi* igirirwa imbabazi+.’
4 “Nzokiza ubuhemu bwabo+. Nzobakunda ndavyigombeye+, kuko ishavu ryanje ryasubiye inyuma rikamuvako+.
5 Nzobera Isirayeli nk’ikime+. Azoshurika nk’ishurwe ry’ilisi, ashore imizi nk’igiti c’i Libani.
6 Iminago yiwe izonaga, iteka ryiwe ribe nk’iry’igiti c’umwelayo+, ugutamirana kwiwe na kwo kube nk’ukwa Libani.
7 Bazosubira kuba mu gitutu ciwe+. Bazorima intete, bashurike nk’umuzabibu+. Azokwibukwa nk’umuvinyu wo muri Libani.
8 “Efurayimu azovuga ati: ‘Ndacahuriye ku ki n’ibigirwamana+?’
“Jewe nzomwishura kandi nzomugumizako ijisho+. Meze nk’igiti c’umuberoshi gitotahaye+. Kuri jewe ni ho hazova ivyamwa vyawe.”
9 Ni nde ari inkerebutsi ngo ategere ivyo bintu+? Ni nde w’ubwenge ngo abimenye+? Kuko inzira za Yehova zigororotse+; abagororotsi ni bo bazozigenderamwo+, ariko abagabitanya bazozitsitaramwo+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”