Imigani 4:1-27
4 Umvirize, bana, indero ya so+ kandi mutege ugutwi, kugira mumenye ugutegera+.
2 Kuko inyigisho nziza ari yo vy’ukuri ngira ndabahe+. Ntimuhebe itegeko ryanje+.
3 Kuko nabaye umwana nyawe kuri dawe+, yoroshe kandi w’ikinege imbere ya mawe+.
4 Yaranyigisha+ akambwira ati: “Umutima wawe+ nugumye rwose amajambo yanje+. Gumya amabwirizwa yanje, ubandanye kubaho+.
5 Niwironse ubukerebutsi+, wironse ugutegera+. Ntiwibagire, kandi ntukevye ngo uve ku majambo y’akanwa kanje+.
6 Ntubuhebe, na bwo buzokurinda. Bukunde, na bwo buzokuzigama.
7 Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru+. Niwironse ubukerebutsi; kandi hamwe n’ivyo wironsa vyose, niwironse ubwenge+.
8 Buhe agaciro rwose, na bwo buzogushira hejuru+. Buzokuninahaza kuko ubugumbira+.
9 Buzoha umutwe wawe igitsibo c’igikundiro+; buzokugabira urugori rw’ubwiza+.”
10 Niwumve, mwananje, kandi wemere amajambo yanje+. Ni ho imyaka y’ubuzima izokubera myinshi+.
11 Emwe, nzokwigisha inzira y’ubukerebutsi+; nzotuma ugendera mu mihora y’ukugororoka+.
12 Igihe ugenda, ingendo yawe ntizokwagirwa+; niwiruka na ho, ntuzotsitara+.
13 Fata indero ugumye+; nturekure+. Yizigame, kuko ari yo buzima bwawe+.
14 Ntiwinjire mu munyuro w’ababisha+, kandi ntugende indamvu uja mu nzira y’ababi+.
15 Yizibukire+, ntuyicemwo+; kevya uyireke, urengane+.
16 Kuko badasinzira badakoze ikibi+, n’itiro ryabo rigatwarwa iyo badatsitaje umuntu+.
17 Kuko bigaburiye umukate w’ububisha+, kandi umuvinyu w’ibikorwa vy’ubukazi ni wo banywa+.
18 Mugabo umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose+.
19 Inzira y’ababisha imeze nk’umuzimagiza+; ntibazi ico baguma batsitarako+.
20 Mwananje, niwumve amajambo yanje+. Tega ugutwi ivyo mvuga+.
21 Ntibije kure y’amaso yawe+. Bigumize hagati mu mutima wawe+.
22 Kuko ari ubuzima ku babironka+, n’amagara ku mubiri wabo wose+.
23 Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa+, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima+.
24 Kura iruhande yawe imvugo ihetaraye+; kandi iminwa y’uruyeri nuyishire kure yawe+.
25 Nayo amaso yawe, akwiye kuraba imbere adakebaguzwa+, emwe amaso aca ibibatsi yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa+.
26 Sena inzira y’ikirenge cawe+, kandi inzira zawe zose zibe izishimangiwe+.
27 Ntuhengamire iburyo canke ibubamfu+. Kura ikirenge cawe mu bibi+.