Ivyahishuwe 14:1-20

14  Maze ngize ntya, mbona Umwagazi w’intama+ ahagaze ku Musozi Siyoni+, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine+ bafise izina ryiwe n’izina rya Se+ wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo.  Maze numva ijwi riva mw’ijuru, nk’ijwi ry’amazi+ menshi, kandi nk’ijwi ry’umuturagaro ukomeye; kandi ijwi numvise ryari nk’iry’abaririmvyi bajanisha amajwi yabo n’inanga+, bavuza inanga zabo.  Kandi bariko baririmba+ nk’aho baririmba ururirimbo rushasha+ imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine+ na ba bakurambere+; kandi nta n’umwe yashoboye kwiga urwo ruririmbo ngo arumenye neza atari vya bihumbi ijana na mirongo ine na bine+, baguzwe+ bakuwe mw’isi.  Abo ni bo batihumanishije abagore+; nkako, ni amasugi+. Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose+. Abo baguzwe+ bakuwe mu bantu ngo babe umushuzo+ ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama,  kandi nta kinyoma cabonetse mu minwa yabo+; ntibagirako ikirabagu+.  Maze mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mu kirere+, kandi yari afise inkuru nziza+ y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose+,  avuga n’ijwi rirenga ati: “Nimutinye Imana+ kandi muyihe ubuninahazwa+, kuko isaha y’urubanza rwayo ishitse+; ku bw’ico rero nimusenge Uwaremye+ ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasôko y’amazi+.”  Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: “Yatemvye! Babiloni+ Akomeye yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu+ w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+!”  Maze uwundi mumarayika, uwa gatatu, arabakurikira, avuga mw’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko+ be n’ishusho yaco+, kandi akaronka ikimenyetso ku ruhanga rwiwe canke ku kuboko kwiwe+, 10  azonywa kandi ku muvinyu w’ishavu ry’Imana risutswe mu gikombe c’uburake bwayo+ ritavanze, kandi azobabazwa+ hakoreshejwe umuriro n’amazuku+ mu maso y’abamarayika beranda no mu maso ya wa Mwagazi w’intama. 11  Kandi umwotsi w’ukubabazwa kwabo uduga ibihe bitazoshira+, kandi ku murango no mw’ijoro nta gahengwe bagira, abasenga ca gikoko n’ishusho yaco, n’uwo wese yakiriye ikimenyetso+ c’izina ryaco. 12  Aho ni ho hakenewe ukwihangana ku beranda+, abubahiriza amabwirizwa y’Imana+ n’ukwizera+ kwa Yezu.” 13  Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Andika: Hahiriwe abapfuye+ bapfira mu bumwe n’Umukama+ guhera ubu+. Egome, ni ko impwemu ivuga, nibaruhuke ukubira akuya kwabo, kuko ivyo bakoze bica bijana na bo.” 14  Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe. 15  Maze uwundi mumarayika asokoroka aheranda h’urusengero, asemerera n’ijwi rirenga abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Rungika agakero kawe ushwabure+, kuko isaha yo gushwabura ishitse, kuko ivyimburwa+ vy’isi vyeze neza+.” 16  Buno umwe yicaye ku gicu atuma agakero kiwe kw’isi, isi irashwaburwa. 17  Uwundi mumarayika asokoroka aheranda h’urusengero ho mw’ijuru+, na we nyene afise agakero gakarishe. 18  Uwundi mumarayika asokoroka mu gicaniro, kandi yari afise ububasha ku muriro+. Asemerera n’ijwi rirenga abwira wa wundi yari afise agakero gakarishe, ati: “Rungika agakero kawe gakarishe wegeranye imisoko y’umuzabibu w’isi+, kuko inzabibu zawo zihiye.” 19  Nya mumarayika+ atuma agakero kiwe mw’isi yegeranya umuzabibu+ w’isi, araheza awuterera mu ruganiro rw’umuvinyu runini rw’ishavu ry’Imana+. 20  Maze nya ruganiro rw’umuvinyu ruganishirizwamwo ibirenge inyuma y’igisagara+, amaraso ava muri nya ruganiro, araduga gushika ku mijiginya y’amafarasi+, ahantu h’uburebure bwa sitadiyo igihumbi n’amajana atandatu*+.

Utujambo tw'epfo

Nk’ibilometero 296. Sitadiyo yari ingero ya kera y’uburebure y’Abagiriki, ireha n’imetero 185.