Ivyahishuwe 18:1-24
18 Inyuma y’ivyo mbona uwundi mumarayika amanuka ava mw’ijuru, ari n’ububasha+ bwinshi; kandi isi ibonesherezwa n’ubuninahazwa bwiwe+.
2 Maze asemerera n’ijwi rikomeye+, ati: “Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye+ be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa+!
3 Kuko amahanga yose yaguye mu mutego kubera umuvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+, kandi abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi+, kandi abadandaza b’ingenzi+ bo kw’isi batungishijwe n’ububasha bw’ibihinda vyiwe vy’agaterasoni+.”
4 Maze numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Nimuve iwe, bantu banje+, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe+, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.
5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika mw’ijuru+, kandi Imana yibutse ibikorwa vyiwe vy’akarenganyo+.
6 Mumwishure nk’uko na we yishuye+, kandi mumugerere kabiri, egome, kabiri igitigiri c’ivyo yakoze+; mu gikombe+ yashizemwo ikivange mumushiriremwo kabiri+ nya kivange+.
7 Urugero yashikanyeko mu kwininahaza no mu kwibera mu bihinda vy’agaterasoni, urwo rugero abe ari rwo mugezako mu kumuha umubabaro n’ikigandaro+. Kuko mu mutima wiwe aguma avuga ngo: ‘Nicaye nk’umwamikazi+, kandi sindi umupfakazi+, kandi sinzokwigera mbona ikigandaro+.’
8 Ni co gituma ivyago vyiwe+ bizoza mu musi umwe, urupfu n’ikigandaro n’ikigoyi, kandi azotongozwa umuriro+, kuko Yehova Imana amuciriye urubanza akomeye+.
9 “Kandi abami+ b’isi bakoranye na we ubusambanyi kandi bakibera mu bihinda vy’agaterasoni bazomuririra bongere bikubitagure ku gikiriza kubera intuntu+, nibaraba umwotsi+ uva ku kururumba kwiwe,
10 mu gihe bahagarara nka hariya kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bakavuga+ bati: ‘Birababaje, birababaje, wewe gisagara gikomeye+, Babiloni wewe gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe urubanza rwawe rushitse+!’
11 “Vyongeye, abadandaza b’ingenzi+ bo kw’isi baramuririra bongera bamuborogera+, kuko ata wuriho wo kwongera kugura ububiko bwabo bwuzuye,
12 ububiko bwuzuye+ inzahabu n’ifeza n’amabuye y’agaciro n’imaragarita n’impuzu z’ilino nziza, n’iz’umuyugubwe n’iz’iharire n’iz’agahama; be n’ikintu cose co mu mbaho z’akamoto be n’ubwoko bwose bw’ivyo mu masenge n’ubwoko bwose bw’ivyo mu mbaho z’agaciro kuruta izindi zose, n’ivyo mu mujumpu n’ivyo mu cuma n’ivyo mu mabuye y’agaciro yitwa marimari+;
13 n’ibimota vyitwa mudarasini be n’ivyitwa amome n’imibavu n’amavuta amota neza n’imibavu ya olibani n’umuvinyu n’amavuta y’umwelayo n’ifu inoze n’ingano n’inka n’intama, n’amafarasi n’imiduga n’abashumba n’abantu+.
14 Egome, ivyamwa vyiza umutima wawe wipfuje+ vyakuvuyeko, n’ibintu vyizavyiza be n’ibisayangana vyaguhezeko, kandi abantu ntibazokwongera kubironka+.
15 “Abadandaza b’ingenzi+ b’ivyo bintu, abacitse abatunzi kubera we, bazohagarara nka hariya kubera batinya ukubabazwa kwiwe, barire, bagandare+,
16 bavuga bati: ‘Birababaje, birababaje—ca gisagara gikomeye+, cambaye impuzu z’ilino nziza n’iz’umuyugubwe n’iz’agahama, kandi gisharijwe cane udusharizo tw’inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita+,
17 kubera ko mw’isaha imwe iryo tunga rikomeye ritikijwe+!’
“Kandi umukapitene w’imeri wese be n’umuntu wese agira ingendo aho ari ho hose+, n’abasoza be n’abo bose batunzwe n’ikiyaga, bahagarara nka hariya+
18 biha akaruru baravye umwotsi uva ku kururumba kwiwe, bavuga bati: ‘Ni ikihe gisagara kimeze nka ca gisagara gikomeye+?’
19 Maze bisūrirako umukungugu ku mitwe+, biha akaruru, barira bongera bagandara+, bavuga bati: ‘Birababaje, birababaje—ca gisagara gikomeye, kimwe abafise amato ku kiyaga+ bose batungiyemwo+ kubera ibitayega vyaco, kuko mw’isaha imwe gitikijwe+!’
20 “Nuhimbarirwe ivyiwe, ewe juru+, namwe beranda+ namwe ntumwa+ namwe bahanuzi, kuko Imana yashikije kuri we ku bwanyu igihano c’urubanza yamuciriye+!”
21 Maze umumarayika w’inkomezi araha ibuye rimeze nk’urusyo runini+ ariraririza mu kiyaga+, avuga ati: “Ukwo ni ko Babiloni ca gisagara gikomeye kizoraririzwa rimwe, kandi ntikizokwigera congera kuboneka+.
22 Kandi ijwi ry’abaririmvyi bajanisha amajwi yabo n’inanga be n’iry’abacuraranzi be n’iry’abavuza imyironge be n’iry’abavuza inzumbete ntirizokwigera ryongera kwumvikana iwawe+, kandi nta munyatugenegene w’umwuga n’umwe azokwigera yongera kuboneka iwawe, kandi nta jwi ry’urusyo rizokwigera ryongera kwumvikana iwawe,
23 kandi nta muco w’itara uzokwigera wongera gukayangana iwawe, kandi nta jwi ry’umukwe n’iry’umugeni rizokwigera ryongera kwumvikana iwawe+; kuko abadandaza b’ingenzi+ bawe bari bo bantu bo ku rwego rwo hejuru+ bo kw’isi, kuko amahanga yose yazimijwe n’ubupfumu bwawe+.
24 Egome, iwe ni ho habonetse amaraso+ y’abahanuzi+ n’ay’aberanda+ n’ay’abishwe kw’isi bose+.”