Kuvayo 14:1-31
14 Nuko Yehova abarira Musa ati:
2 “Barira bene Isirayeli basubire inyuma bakambike imbere ya Pihahiroti hagati ya Migidoli n’ikiyaga, aharabana na Bayali-zefoni+. Imbere yaho ni ho mubwirizwa gukambika iruhande y’ikiyaga.
3 Maze ku biraba bene Isirayeli, Farawo ntazobura kuvuga ngo: ‘Bariko barayerera bajuragirika mu gihugu. Agahinga kabateraniyeko+.’
4 Nzoreka rero umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi azoboma inyuma koko, nanje nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare+; kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova+.” Nuko bagira ivyo nyene.
5 Mu nyuma umwami wa Misiri amenyeshwa yuko abantu bari bahunze. Buno nyene umutima wa Farawo n’abasavyi biwe urahindurwa ku bijanye na nya bantu+, bituma bavuga bati: “Ivyo twagize ni ibiki, kubona twarekuye Isirayeli ntibe ikidushumbira+?”
6 Aca ategura imikogote yiwe, ajana n’abantu biwe+.
7 Afata imikogote amajana atandatu nyayonyayo+ n’iyindi mikogote yose ya Misiri n’abarwanyi kuri umwe wose muri yo.
8 Nuko Yehova areka umutima wa Farawo umwami wa Misiri ucika intabarirwa+, hanyuma yoma inyuma bene Isirayeli mu gihe bariko bagenda ukuboko gutaritse*+.
9 Abanyamisiri baca baboma inyuma, kandi amafarasi yose akwega imikogote ya Farawo n’abarwanira ku mafarasi biwe+ n’inteko ziwe za gisirikare bagira babahamvye igihe bari bakambitse iruhande y’ikiyaga, iruhande ya Pihahiroti aharabana na Bayali-zefoni+.
10 Farawo yegereje, bene Isirayeli batangura kuraramura amaso yabo, maze babona Abanyamisiri bariko bagendera inyuma yabo. Nuko bene Isirayeli bagira ubwoba cane, baca batangura kuririra Yehova+.
11 Baca babwira Musa bati: “Mbega ni uko mu Misiri ata mva zihari muko watuzana ng’aha gupfira mu gahinga+? Ibi wadukoreye ni ibiki mu kudukura mu Misiri?
12 Iri si rya jambo twakubarira mu Misiri, duti: ‘Twirekere, dukorere Abanyamisiri’? Kuko twopfuma dukorera Abanyamisiri hako dupfira mu gahinga+.”
13 Maze Musa abwira abantu ati: “Ntimutinye+. Hagarare mushikamye maze mubone ubukiriro bwa Yehova, ubwo agira ashitse uno musi ku bwanyu+. Kuko abo Banyamisiri mubona uno musi mutazokwongera kubabona, emwe, habe na rimwe+.
14 Yehova ubwiwe arabarwanira+, namwe murinumira.”
15 Maze Yehova abwira Musa ati: “Kubera iki uguma undirira+? Bwira bene Isirayeli basambure ikambi.
16 Nayo wewe, tarika inkoni yawe+ hanyuma uramvurire ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga ugisature+, kugira bene Isirayeli bace hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+.
17 Nayo jewe, ehe ndaretse imitima y’Abanyamisiri icike intabarirwa+, ngo binjireyo babakurikira, no kugira ngo niheshe ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare, imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe+.
18 Kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova ninihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo, ku mikogote yiwe y’intambara no ku barwanira ku mafarasi biwe+.”
19 Maze umumarayika+ w’Imana y’ukuri yagendera imbere y’ikambi ya Isirayeli arahava, aja inyuma yabo, ya nkingi y’igicu na yo iva imbere yabo, ihagarara inyuma yabo+.
20 Nuko ija hagati y’ikambi y’Abanyamisiri n’ikambi ya Isirayeli+. Ku ruhande rumwe yari igicu kiri kumwe n’umwiza. Ku rundi ruhande yaguma ibonesha mw’ijoro+. Kandi umugwi wo hino ntiwegereye uwo hirya, ijoro ryose.
21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+.
22 Amaherezo bene Isirayeli baca hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+, mu gihe amazi yari ababereye uruhome iburyo bwabo n’ibubamfu bwabo+.
23 Hanyuma Abanyamisiri bajako barabakurikira, n’amafarasi yose ya Farawo, imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe batangura kwinjira babakurikira+, bashika hagati mu kiyaga.
24 Maze mw’iterama ryo mu gitondo Yehova atangura kurabira ikambi y’Abanyamisiri muri ya nkingi y’umuriro n’igicu+, maze ata ikambi y’Abanyamisiri mu muvurungano+.
25 Aguma akurako amakurudumu ku mikogote yabo ku buryo bayitwara vyanka+. Abanyamisiri batangura kuvuga bati: “Duhunge ntitwegere Isirayeli na gatoya, kuko Yehova ata gukeka abarwanira, akarwanya Abanyamisiri+.”
26 Amaherezo Yehova abwira Musa ati: “Ramvurira ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga+, kugira amazi agaruke arengere Abanyamisiri, imikogote yabo y’intambara n’abarwanira ku mafarasi babo.”
27 Musa ako kanya aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga, gica gitangura gusubira uko cari kimeze, buri mu guca. Ico gihe Abanyamisiri bariko barahunga ngo ntibahure na co, mugabo Yehova akunkumurira Abanyamisiri hagati mu kiyaga+.
28 Nuko amazi aguma agaruka+. Amaherezo apfuka ya mikogote y’intambara na bamwe barwanira ku mafarasi bo mu nteko za gisirikare za Farawo zose, ari na bo bari bagiye mu kiyaga babakurikira+. Habe n’umwe muri bo yasigaye+.
29 Bene Isirayeli bobo baciye kw’isi yumutse hagati mu ntebetebe y’ikiyaga+, kandi amazi yababereye uruhome iburyo bwabo n’ibubamfu bwabo+.
30 Gutyo, kuri uyo musi Yehova akiza Isirayeli ayikura mu kuboko kw’Abanyamisiri+, Isirayeli na yo iribonera Abanyamisiri bapfuye, ku nkengera y’ikiyaga+.
31 Vyongeye Isirayeli iribonera ukuboko gukomeye Yehova akoresheje mu kurwanya Abanyamisiri. Abantu baca batangura gutinya Yehova no kwizera Yehova na Musa umusavyi wiwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Iyo mvugo isobanura ko basohotse biyumva, bihaya inkomezi, bigina intsinzi.