Kuvayo 22:1-31
22 “Umuntu niyiba ishūri canke intama akayikerera canke akayigurisha, aze ashumbushe zitanu zo mu busho ku bwa nya shūri na zine zo mu mukuku ku bwa nya ntama+.
2 (“Igisuma+ nicafatwa kiriko kiramena ngo cinjire+ maze kigakubitwa kigapfa, nta kwagirwa n’amaraso kuzohaba ku bw’uyo+.
3 Nimba izuba rimurasiyeko, hazoba ukwagirwa n’amaraso ku bw’uyo.)
“Abwirizwa gutanga inshumbusho. Nimba ata co afise, aze agurishwe ku bw’ibintu yivye+.
4 Hamwe icibwe cosangwa mu minwe yiwe ata kwihenda, uhereye kw’ishūri ugashika ku ndogobwa no ku ntama, ari kizima, abwirizwa gutanga inshumbusho yiyongereyeko kabiri.
5 “Umuntu niyonesha umurima kanaka canke umurima w’imizabibu kandi akahura ibitwazi vyiwe bikayigiza uwundi murima, aze atange inshumbusho+ y’ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe canke y’ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe w’imizabibu.
6 “Umuriro niwarandagata ugafata amahwa, n’imiganda canke ibinyantete bihagaze canke umurima bikayigira+, uwawudometse abwirizwa gutanga inshumbusho y’ivyahiye.
7 “Umuntu niyabitsa mugenziwe amahera canke ibintu+, bikibirwa mu nzu yiwe, nya gisuma nicafatwa, kize gitange inshumbusho yiyongereyeko kabiri+.
8 Nya gisuma nikitafatwa, nyene inzu aze yigizwe hafi y’Imana y’ukuri+ kugira birabwe ko atakojeje ukuboko kwiwe ku bintu vya mugenziwe.
9 Ku rubanza urwo ari rwo rwose rw’ukugabitanya+, ku vyerekeye ishūri, indogobwa, intama, impuzu, ikintu ico ari co cose cazimiye yovuga ati: ‘Ni iki nyene!’, urubanza rwabo bompi rubwirizwa kuza imbere y’Imana y’ukuri+. Uwo Imana izovuga ko ari we mubisha, abwirizwa guha mugenziwe inshumbusho yiyongereyeko kabiri+.
10 “Umuntu niyabitsa mugenziwe indogobwa, canke ishūri, canke intama, canke igitungwa ico ari co cose, maze kigapfa canke kigacika igihimba c’umubiri, canke bakagitwara ata wubona,
11 abo bompi baze barahire+ Yehova, yuko uwakibikijwe atakojeje ukuboko kwiwe ku bintu vya mugenziwe+. Kandi nyenevyo ategerezwa kuvyemera, uwo wundi na we nta nshumbusho azotanga.
12 Mugabo hamwe vyokwibirwa iwe koko, abwirizwa guha inshumbusho nyenevyo+.
13 Hamwe cotabagurwa koko n’igikoko+, abwirizwa kukizana bwa kimenyamenya+. Icatabaguwe n’igikoko ntazogitangira inshumbusho.
14 “Mugabo umuntu niyasaba igitungwa mugenziwe+, hanyuma kigacika igihimba c’umubiri canke kigapfa nyeneco atari ho ari, ategerezwa gutanga inshumbusho+.
15 Nimba nyeneco ari ho ari, ntazotanga inshumbusho. Nimba gikoteshejwe, bizoharurwa mu kiguzi cakoteshejweko.
16 “Umugabo niyaryosharyosha umwigeme w’isugi atarehejwe, akaryamana na we+, ategerezwa kumutwara akaba umugore wiwe, ku kiguzi+.
17 Nimba se arahiye akarengwa ko atamumuha, azoriha nya mahera ku kiguzi c’abigeme b’isugi+.
18 “Ntuze ureke umupfumukazi ngo abeho+.
19 “Uwo wese aryamanye n’igikoko ntaze abure kwicwa+.
20 “Uwushikaniye ikimazi izindi mana atari Yehova wenyene, abwirizwa kurandurwa+.
21 “Ntugafate nabi kavamahanga canke ngo umuhahaze+, kuko namwe mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.
22 “Ntimuze mucumukuze umupfakazi n’umwe canke impfuvyi*+.
23 Niwamucumukuza mu buryo ubwo ari bwo bwose, maze akandirira, sinzobura kwumva amaborogo yiwe+;
24 kandi ishavu ryanje rizorurumba koko+, kandi sinzogenda ntabicishije inkota, n’abagore banyu bagacika abapfakazi, abahungu banyu na bo bagacika impfuvyi+.
25 “Niwagurana amahera abantu banje, ukagurana umurushwa ari iruhande yawe+, ntuze umubere nk’uwuguranira kwunguka. Ntimuze mumwake inyungu+.
26 “Niwaramuka ufashe bwa ngwati impuzu ya mugenzawe+, ubwirizwa kuyimusubiza izuba rirenze.
27 Kuko ari yo yonyene afise yipfuka+. Ni umutamana wiwe wo gupfuka urukoba rwiwe. None azoryama mu ki? Azondirira, nanje sinzobura kumwumva, kuko ndi umunyempuhwe+.
28 “Ntugahamagarire akabi ku Mana+ canke ngo uvume umukuru wo mu bantu b’iwanyu+.
29 “Umwimbu wawe wose be n’umusesekara w’uruganiro rwawe ntukabitange ugonanwa+. Imfura mu bahungu bawe uze uyimpe+.
30 Uku ni ko uzogenza ishūri yawe n’intama yawe+: Mu misi indwi izogumana na nyina wayo+. Ku musi ugira umunani uze uyimpe.
31 “Kandi mukwiye kuba abantu beranda kuri jewe+; ntimuze murire mw’ishamba inyama y’icatabaguwe n’igikoko+. Muze mugiterere imbwa+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”