Mika 1:1-16
1 Ijambo rya Yehova ryaje kuri Mika+ w’i Moresheti mu misi ya Yotamu+ n’iya Ahazi+ n’iya Hezekiya+, abami ba Yuda+, iryo yeretswe ku bijanye na Samariya+ na Yeruzalemu+:
2 “Nimwumve, mwa bisata vy’abantu mwese; niwumvirize wa si we n’ibikwuzuye+, kandi Umukama Segaba Yehova abe icabona kibagiriza+, Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+.
3 Kuko ehe, Yehova arasohotse avuye ahantu hiwe+, kandi azomanuka koko, ahonyange ibibanza bikirurutse* vy’isi+.
4 Imisozi izoshongera munsi yiwe+, kandi ibiyaya vyo hasi bizosatagurika, nk’ishashara kubera umuriro+, nk’amazi asutswe ahantu hashunguruka.
5 “Ivyo vyose vyatewe n’umugararizo wa Yakobo, egome, vyatewe n’ibicumuro vy’inzu ya Isirayeli+. None umugararizo wa Yakobo ni uwuhe? Mbega si Samariya+? Kandi ibibanza bikirurutse vya Yuda ni ibihe+? Mbega si Yeruzalemu?
6 Emwe, Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike co mu gahinga+, ahantu ho gutera imizabibu; amabuye yiwe nzoyasanzariza mu mubande, imishinge yiwe na yo ndayishire ahabona+.
7 Ibishusho vyiwe bibajwe bizojanjagurwa vyose+, kandi ingabirano zose yahaweko ingero zizoturirirwa mu muriro+; ibigirwamana vyiwe vyose nzobihonya. Kuko ivyo vyose yabirundanije abikuye mu bintu yahaweko ingero y’umumaraya, kandi bizosubira kuba ikintu gitanzweko ingero y’umumaraya+.”
8 Ku bw’ivyo, nzoboroga nongere ndire+; nzogenda ibirenge bigaragara kandi ndi gusa+. Nzoboroga nk’imbwebwe, ngandare nk’ibinyoni vyitwa imbuni vy’ibigore.
9 Kuko uruguma ruri kuri we rudashobora gukira+; kuko rwashitse no kuri Yuda+, icago kigashika kw’irembo ry’abantu banje, kigashika i Yeruzalemu+.
10 “Ntimubimenyeshe i Gati; oya ntimurire+.
“Niwikumbagaze mu mukungugu mu nzu ya Afura+.
11 Jabuka uri gusa bimwe vy’akamaramaza, ewe mugore uba i Shafiri+! Umugore aba i Zayanani ntiyasohotse. Ukuboroga kwa Beti-ezeli kuzobaka ahantu haho ho guhagarara.
12 Kuko umugore aba i Maroti yarindiriye ivyiza+, mugabo ibibi biba ari vyo bimanuka kw’irembo rya Yeruzalemu bivuye kuri Yehova+.
13 Bohera umukogote ku mugwi w’amafarasi, ewe mugore uba i Lakishi+! Yabereye umukobwa wa Siyoni intango y’igicumuro+, kuko imigararizo ya Isirayeli yabonetse muri wewe+.
14 Ni co gituma uzoha Moresheti-gati+ ingabirano z’agasaga. Amazu ya Akizibu+ yabereye abami ba Isirayeli nk’ikintu c’uruhendo.
15 Nzokuzanira umunyazi+, ewe mugore uba i Maresha+! Ubuninahazwa bwa Isirayeli buzoshika i Adulamu+.
16 Niwitobore ubuhanza, wimoshe umushatsi kubera abana bawe baguhimbara cane+. Niwagure ubuhanza bwawe bube nk’ubw’inkona, kuko bagiye mu bunyagano kure yawe+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.