Mika 4:1-13

4  Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+: umusozi+ w’inzu+ ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi+; kandi ibisata vy’abantu bizorindiga koko bija kuri wo+.  Amahanga menshi azogenda koko, avuge ati: “Nimuze+ tuduge ku musozi wa Yehova no ku nzu y’Imana ya Yakobo+; izotwigisha inzira zayo+, natwe tuzogendera mu minyuro yayo+.” Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+.  Azoca imanza koko mu bisata vy’abantu vyinshi+, agorore ibintu+ ku bijanye n’amahanga akomeye ya kure+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.  Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+, kandi nta n’umwe azobajugumiza+; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo* kabivuze+.  Kuko ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco+; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu+ gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera+.  “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “nzokoranya uwacumbagira+; kandi uwari yarashwiragiye nzomwegeraniriza hamwe+, egome, uwo nagiriye nabi.  Uwacumbagira nzomugira amasigarira+, n’uwari yarirukaniwe kure ndamugire ihanga rikomeye+; kandi Yehova azobaganza ku musozi Siyoni, guhera ubu gushika igihe kitagira urugero+.  “Nawe, ewe munara w’ubusho, kidunduri c’umukobwa wa Siyoni+, izoshika no kuri wewe, egome, ya nganji ya mbere izoza+, bwa bwami bw’umukobwa wa Yeruzalemu+.  “Kubera iki none uguma uvuza induru n’ijwi rirenga+? Mbega nta mwami ari muri wewe, canke na ho umujanama wawe yoba yapfuye, ko wafashwe n’ububabare nk’ubw’umugore ariko yibaruka+? 10  Nugire ububabare bukaze kandi uturikishe, ewe mukobwa wa Siyoni, nk’umugore ariko yibaruka+, kuko ubu uzosohoka uvuye mu gisagara, ukaba koko mu gahinga+. Uzoshika i Babiloni ata kabuza+. Aho ni ho uzorokorerwa+. Ni ho Yehova azogucungurira akagukura mu kiganza c’abansi bawe+. 11  “Ubu rero amahanga menshi azokoranywa ata kabuza kugira akurwanye, amwe avuga ngo: ‘Nahumanywe, kandi amaso yacu yitegereze Siyoni+.’ 12  Ariko yo ntiyamenye ivyiyumviro vya Yehova, kandi ntiyategereye inama yiwe+; kuko azoyakoraniriza hamwe koko ku mbuga y’ikubitiro nk’imikama y’ibinyantete ihejeje gutemwa+. 13  “Haguruka ukubite nk’uko bakubita intete, ewe mukobwa wa Siyoni+; kuko ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’ibinono vyawe nkabihindura umujumpu, kandi uzosya koko ibisata vy’abantu vyinshi+; inyungu yabo y’akarenganyo+ uzoyiziririza ibe iyihebewe Yehova, n’amatunga yabo aheberwe Umukama w’ukuri w’isi yose+.”

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.