Nehemiya 7:1-73

7  Uruhome rukimara gusubira kwubakwa+, nca nshiraho imiryango+. Maze hashirwaho abarinzi b’amarembo+ n’abaririmvyi+ n’Abalewi+.  Nuko nzeza Yeruzalemu Hanani+ mwene wacu na Hananiya umuganwa w’Ikirimba+, kuko yari umugabo w’umwizigirwa+ kandi akaba yaratinya+ Imana y’ukuri kurusha abandi benshi.  Hanyuma ndababwira nti: “Amarembo+ ya Yeruzalemu ntaze yugururwe izuba ritaraka cane; kandi mu gihe bazoba bahagaze ng’aho, baze bugare imiryango bayishireko ivyugazo+. Kandi mushireho abarinzi bo mu baba i Yeruzalemu, umwe wese ku kirindiro ciwe, umwe wese imbere y’inzu yiwe+.”  Ico gihe igisagara cari cagutse kandi kikaba kinini, mugabo muri co hari abantu bakeyi+, kandi nta mazu yubakwa.  Mugabo Imana yanje ishira mu mutima+ wanje ivyo gukoraniriza hamwe abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware n’abantu, kugira biyandikishe hakurikijwe amamuko+. Maze nubura igitabu c’iyandikwa rifatiye ku mamuko+ ry’abaduze ubwa mbere, nsanga canditswemwo ngo:  Aba ni bo bana b’intara y’ubutware+ baduze bavuye iyo abajanywe ari inyagano+ bari baragiriwe imbohe, abo Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano+ maze mu nyuma bagasubira i Yeruzalemu no muri Yuda, umwe wese mu gisagara ciwe+,  abashitse bari kumwe na Zerubabeli+ na Yeshuwa+ na Nehemiya na Azariya na Rayamiya na Nahamani na Morudekayi+ na Bilishani na Misipereti na Bigivayi na Nehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu gisata ca Isirayeli cari iki:  Bene Paroshi+ bari ibihumbi bibiri n’ijana na mirongo irindwi na babiri;  bene Shefatiya+ bari amajana atatu na mirongo irindwi na babiri; 10  bene Ara+ bari amajana atandatu na mirongo itanu na babiri; 11  bene Pahati-mowabu+, bo kuri bene Yeshuwa na Yowabu+, bari ibihumbi bibiri n’amajana umunani na cumi n’umunani; 12  bene Elamu+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane; 13  bene Zatu+ bari amajana umunani na mirongo ine na batanu; 14  bene Zakayi+ bari amajana indwi na mirongo itandatu; 15  bene Binuwi+ bari amajana atandatu na mirongo ine n’umunani; 16  bene Bebayi+ bari amajana atandatu na mirongo ibiri n’umunani; 17  bene Azigadi+ bari ibihumbi bibiri n’amajana atatu na mirongo ibiri na babiri; 18  bene Adonikamu+ bari amajana atandatu na mirongo itandatu n’indwi; 19  bene Bigivayi+ bari ibihumbi bibiri na mirongo itandatu n’indwi; 20  bene Adini+ bari amajana atandatu na mirongo itanu na batanu; 21  bene Ateri+, bo kuri Hezekiya, bari mirongo icenda n’umunani; 22  bene Hashumu+ bari amajana atatu na mirongo ibiri n’umunani; 23  bene Bezayi+ bari amajana atatu na mirongo ibiri na bane; 24  bene Harifu+ bari ijana na cumi na babiri; 25  bene Gibeyoni+ bari mirongo icenda na batanu; 26  abagabo b’i Betelehemu+ n’i Netofa+ bari ijana na mirongo umunani n’umunani; 27  abagabo b’i Anatoti+ bari ijana na mirongo ibiri n’umunani; 28  abagabo b’i Beti-azimaveti+ bari mirongo ine na babiri; 29  abagabo b’i Kiriyati-yeyarimu+ n’i Kefira+ n’i Beyeroti+ bari amajana indwi na mirongo ine na batatu; 30  abagabo b’i Rama+ n’i Geba+ bari amajana atandatu na mirongo ibiri n’umwe; 31  abagabo b’i Mikimasi+ bari ijana na mirongo ibiri na babiri; 32  abagabo b’i Beteli+ n’i Ayi+ bari ijana na mirongo ibiri na batatu; 33  abagabo b’i Nebo+ handi bari mirongo itanu na babiri; 34  bene Elamu+ wundi bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane; 35  bene Harimu+ bari amajana atatu na mirongo ibiri; 36  ab’i Yeriko+ bari amajana atatu na mirongo ine na batanu; 37  ab’i Lodi+ n’i Hadidi+ n’i Ono+ bari amajana indwi na mirongo ibiri n’umwe; 38  ab’i Senaya+ bari ibihumbi bitatu n’amajana icenda na mirongo itatu. 39  Abaherezi bari aba: Bene Yedaya+ bo mu nzu ya Yeshuwa bari amajana icenda na mirongo irindwi na batatu; 40  bene Imeri+ bari igihumbi na mirongo itanu na babiri; 41  bene Pashuri+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo ine n’indwi; 42  bene Harimu+ bari igihumbi na cumi n’indwi. 43  Abalewi bari aba: Abahungu ba Yeshuwa, ba Kadumiyeli+, bo kuri bene Hodeva+, bari mirongo irindwi na bane. 44  Abaririmvyi+, bene Asafu+, bari ijana na mirongo ine n’umunani. 45  Abarinzi+ b’amarembo bari aba: bene Shalumu+, bene Ateri, bene Talimoni+, bene Akubu+, bene Hatita, bene Shobayi+: bari ijana na mirongo itatu n’umunani. 46  Abanetinimu*+ bari aba: Bene Ziha, bene Hasufa, bene Tabayoti+, 47  bene Kerosi, bene Siya, bene Padoni+, 48  bene Lebana, bene Hagaba+, bene Salumayi, 49  bene Hanane+, bene Gideli, bene Gahari, 50  bene Reyaya+, bene Rezini+, bene Nekoda, 51  bene Gazamu, bene Uza, bene Paseya, 52  bene Besayi+, abahungu b’Abamewunimu, abahungu b’Abanefushesimu+, 53  bene Bakibuki, bene Hakufa, bene Harihuri+, 54  bene Baziliti, bene Mehida, bene Harisha+, 55  bene Barikosi, bene Sisera, bene Tema+, 56  bene Neziya, bene Hatifa+. 57  Abahungu b’abasuku ba Salomo+ bari aba: Bene Sotayi, bene Sofereti, bene Perida+, 58  bene Yayala, bene Darikoni, bene Gideli+, 59  bene Shefatiya, bene Hatili, bene Pokereti-hazebayimu, bene Amoni+. 60  Abanetinimu+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo bose bari amajana atatu na mirongo icenda na babiri. 61  Aba ni bo baduze bavuye i Teli-mela n’i Teli-harisha n’i Kerubi n’i Adoni n’i Imeri+, mugabo ntibashobora kwerekana inzu ya ba se n’amamuko yabo, kugira bimenyekane ko bakomoka kuri Isirayeli: 62  bene Delaya na bene Tobiya na bene Nekoda+ bari amajana atandatu na mirongo ine na babiri. 63  Abo mu baherezi+ bari aba: bene Habaya, bene Hakozi+, bene Baruzilayi+, uwabiriye umugore mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umugileyadi maze akitirirwa izina ryabo. 64  Abo ni bo barondeye igitabu banditswemwo kugira ngo bemeze icese amamuko yabo, mugabo nticaboneka+, bituma bakurwa mu buherezi kuko bafashwe ko banduye+. 65  Nuko Buramatari*+ ababwira ko batoriye+ ku bintu vyeranda rwose gushika umuherezi afise Urimu+ na Tumimu*+ abonetse. 66  Ishengero ryose uko ari umugwi ryari rigizwe n’abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu+, 67  hatarimwo abashumba+ babo n’abashumbakazi babo, bano bakaba bari ibihumbi indwi n’amajana atatu na mirongo itatu n’indwi+; kandi bari bafise abaririmvyi+ n’abaririmvyikazi+ amajana abiri na mirongo ine na batanu. 68  Amafarasi yabo yari amajana indwi na mirongo itatu n’atandatu, inyumpu zabo zikaba amajana abiri na mirongo ine na zitanu+. 69  Ingamiya zari amajana ane na mirongo itatu na zitanu. Indogobwa+ zari ibihumbi bitandatu n’amajana indwi na mirongo ibiri+. 70  Nuko igice c’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru+ gitanga intererano igenewe igikorwa+. Buramatari+ ubwiwe atanga amadarakima* igihumbi y’inzahabu, amabakure mirongo itanu, amakanzu amajana atanu na mirongo itatu y’abaherezi+, ngo bishirwe mu kigega. 71  Kandi bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuru batanga amadarakima ibihumbi mirongo ibiri y’inzahabu n’imina*+ ibihumbi bibiri n’amajana abiri z’ifeza ngo bishirwe mu kigega kigenewe igikorwa. 72  Abantu basigaye na bo batanga amadarakima ibihumbi mirongo ibiri y’inzahabu n’imina ibihumbi bibiri z’ifeza be n’amakanzu mirongo itandatu n’indwi y’abaherezi. 73  Nuko abaherezi+ n’Abalewi n’abarinzi b’amarembo n’abaririmvyi+ na bamwe mu bantu n’Abanetinimu+ na Isirayeli yose batangura kuba mu bisagara vyabo+. Ukwezi kugira indwi gushika+ bene Isirayeli bari mu bisagara vyabo+.

Utujambo tw'epfo

Canke kandi, “Abashumba b’urusengero.” Ijambo ku rindi ni “Abatanzwe.”
Ijambo ku rindi ni “Tirushata,” rino rikaba ari izina ry’icubahiro ryo mu Buperesi.
Raba Inyongera ya 21.
Mu bisanzwe idarakima yari ihwanye n’igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4. Si ya darakima ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.
Imina yapima amagarama 570. Si ya mina ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.