Yeremiya 1:1-19

1  Amajambo ya Yeremiya+ mwene Hilikiya, umwe mu baherezi bari i Anatoti+ mu gihugu ca Benyamini+,  uwo ijambo rya Yehova ryajeko mu misi ya Yosiya+ mwene Amoni+, umwami wa Yuda, mu mwaka ugira cumi na gatatu w’ingoma yiwe+.  Ryongera kumuzako mu misi ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, gushika umwaka ugira cumi na rimwe wa Zedekiya+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, urangiye, gushika Yeruzalemu igiye mu bunyagano mu kwezi kugira gatanu+.  Nuko ijambo rya Yehova rinzako riti:  “Ntarakubumbira mu nda+ nari ndakuzi+, kandi utarava mu gitereko narakwejeje+. Nakugize umuhanuzi ku mahanga.”  Mugabo mvuga nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova! Ehe vy’ukuri sinzi kuvuga+, kuko ndi agahungu+.”  Maze Yehova ambwira ati: “Ntuvuge ngo: ‘Ndi agahungu.’ Mugabo abo nzogutumako bose, ni bo uzojako; kandi ico nzogutegeka cose, ni co uzovuga+.  Ntuterwe ubwoba no mu maso habo+, kuko ‘ndi kumwe nawe kugira nkurokore+,’ ni ko Yehova avuze.”  Yehova aca atuma ukuboko kwiwe agukoza ku munwa wanje+. Maze Yehova ambwira ati: “Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe+. 10  Raba ngushinze igikorwa uyu musi co kuba hejuru y’amahanga no hejuru y’ubwami+, kugira ngo urandure, usiturire hasi, utikize, usambure+, wubake kandi uteragire+.” 11  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti: “Ubona iki ga Yeremiya?” Nanje nti: “Mbona agashami k’igiti ca shakedi*.” 12  Maze Yehova ambwira ati: “Ubonye neza, kuko nguma ndi maso ku bijanye n’ijambo ryanje kugira ndarishitse+.” 13  Nuko ijambo rya Yehova rinzako ubugira kabiri riti: “Ubona iki?” Nanje nti: “Mbona inkono y’umunwa munini bahūshe*, kandi umunwa wayo uhengamye uva mu buraruko.” 14  Yehova aca ambwira ati: “Ivyago bizorekurirwa ku baba mu gihugu bose bivuye mu buraruko+. 15  Kuko ‘ehe mpamagaje imiryango yose y’ubwami bwo mu buraruko,’ ni ko Yehova avuze+; ‘kandi izoza koko, umwumwe wose ushire intebe y’ubwami yawo ku bwinjiriro bw’amarembo ya Yeruzalemu+, maze itere impome zayo zose zihakikuje, itere n’ibisagara vyose vya Yuda+. 16  Kandi nzoshikiriza imanza ndabiciriye ku bw’ububi bwavyo bwose+, kubera bampevye+ kandi bakaba baguma bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ bongera bunamira ivyakozwe n’amaboko yabo+.’ 17  “Nayo wewe, ukenyere mu mafyinga+, maze uhaguruke, ubabwire ibintu vyose ngutegeka. Ntucike ivutu kubera bo+, kugira ngo simpave ndaguca ivutu imbere yabo. 18  Mugabo jewe, ehe uyu musi nkugize igisagara gikingijwe ibihome, nkugira n’inkingi y’icuma n’impome z’umujumpu+ ku gihugu cose+, ngo uhangane n’abami ba Yuda, n’abaganwa baho, n’abaherezi baho be n’abanyagihugu+. 19  Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha+, kuko ‘ndi kumwe nawe+ kugira nkurokore+,’ ni ko Yehova avuze.”

Utujambo tw'epfo

Bisobanura ngo: “uwuri maso.”
“Bahūshe,” ni ukuvuga ko bahūshe umuriro uri munsi yayo.