Yeremiya 11:1-23
11 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova, riti:
2 “Nimwumve amajambo y’iri sezerano!
“Uze uyabwire+ abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu,
3 ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Aravumwe umuntu atumviriza amajambo y’iri sezerano+,
4 ayo nategetse ba sogokuruza banyu ku musi nabadugana ndabakuye mu gihugu ca Misiri+, mw’itanure rishongesha ivyuma+, nti: ‘Nimugamburuke ijwi ryanje, mukore mwisunze ivyo ndabategeka vyose+; maze muzoba koko abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu+,
5 kugira ngo nshitse indahiro narahiye ba sogokuruza banyu+, ko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubuki+, nk’uko biri uyu musi.’”’”
Nuko nishura nti: “Amen, ewe Yehova!”
6 Yehova yongera kumbwira ati: “Tangaza aya majambo yose mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu+ uti: ‘Nimwumve amajambo y’iri sezerano, kandi muze muyashitse+.
7 Kuko nakebuye ba sogokuruza banyu nshimitse ku musi nabadugana ndabakuye mu gihugu ca Misiri+ gushika n’uyu musi, nkazinduka nkabakebura nti: “Nimugamburuke ijwi ryanje+.”
8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bagumye bagendera umwe wese mu kagagazo k’umutima wiwe mubi+; ni co catumye ndabazanako amajambo yose y’iri sezerano nari narabategetse gushitsa mugabo ntibayashitsa.’”
9 Vyongeye, Yehova ambwira ati: “Habonetse umugambi mubi mu bagabo ba Yuda no mu baba i Yeruzalemu+.
10 Basubiye mu makosa ya ba sekuruza babo+, bamwe ba mbere, abanse kugamburuka amajambo yanje, mugabo bagakurikira izindi mana kugira ngo bazikorere+. Inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda zararenze kw’isezerano ryanje nagiranye na ba sekuruza babo+.
11 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira ndabazaneko ivyago+ batazoshobora kuvamwo+; bazontabaza koko, mugabo sinzobumviriza+.
12 Ibisagara vya Yuda n’ababa i Yeruzalemu bazoja koko gutabaza imana bariko bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi+, mugabo zikaba zitazobazanira namba ubukiriro mu gihe c’ivyago vyabo+.
13 Kuko imana zawe zisigaye zingana n’ibisagara vyawe, ewe Yuda+; kandi mwashiriyeho ca kintu c’akamaramaza+ ibicaniro* bingana n’amabarabara ya Yeruzalemu, ibicaniro vyo gufumbishiriza Bayali umwotsi w’ibimazi+.’
14 “Ariko weho, ntusengere aba bantu, kandi ntubashirire hejuru akamo k’ukwinginga canke isengesho+, kuko ntazokwumviriza igihe bazosemerera bampamagara ku bijanye n’ivyago vyabo+.
15 “Umukundwa wanje arondera iki mu nzu yanje+ ko benshi muri we bakora iki kintu+, ari co mugambi mubi+? Mbega bazotuma bikuvako bikarengana bakoresheje inyama nyeranda+, ivyago vyawe nivyaza? Mbega ico gihe uzokwigina+?
16 Yehova yakwise ‘igiti c’umwelayo gitotahaye, ciza uravye ivyamwa vyaco be n’ukuntu kimeze+.’ Igihe haba ijwi ry’ukwasana gukomeye yaramudomekeye umuriro ururumba, kandi bavunaguye amashami yaco+.
17 “Yehova nyen’ingabo ubwiwe, Umwe yaguteragira+, yakuvuzeko ivyago kubera ikibi c’inzu ya Isirayeli+ n’inzu ya Yuda, ico bo bakoze kugira bambabaze, mu gufumbishiriza Bayali umwotsi w’ibimazi+.”
18 Yehova ubwiwe yarabimbwiye kugira ngo ndabimenye. Ico gihe waranyeretse ibikorwa vyabo+.
19 Nari meze nk’umwagazi w’intama w’isuguru utekereje, ujanywe gukererwa+, nkaba ntari nzi yuko ari jewe bariko bagīra imigambi mibi+, bati: “Duhonereze hamwe igiti n’ibifungurwa vyaco, tumurandure mu gihugu c’abazima+, kugira ngo izina ryiwe ntirisubire kwibukwa.”
20 Mugabo Yehova nyen’ingabo aca urubanza mu bugororotsi+; asuzuma amafyigo n’umutima+. Ese nobona ukuntu ubihōra, kuko ari wewe nahishuriye imburano zanje+.
21 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bantu b’i Anatoti+ barondera ubuzima bwawe, bati: “Ntukavuge ubuhanuzi mw’izina rya Yehova+, kugira ngo ntitukwice”;
22 ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ehe ngira niteho ivyabo. Imisore izokwicwa n’inkota+. Abahungu babo n’abakobwa babo bazokwicwa n’ikigoyi+.
23 Nta n’amasigarira bazosigarana, kuko nzozana ivyago ku bantu b’i Anatoti+, umwaka ivyabo bizokwitabwaho+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.