Yeremiya 23:1-40
23 “Baragowe abungere barandura intama zo mu buragiriro bwanje bakongera bakazishwiragiza+!”, ni ko Yehova avuze.
2 Ibi rero ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bungere baragira abantu banje: “Ni mwebwe mwasanzaje intama zanje; mwagumye muzishwiragiza, ntimwazitaho+.”
“Ehe ngira niteho ivyanyu kubera ububi bw’ibikorwa vyanyu+,” ni ko Yehova avuze.
3 “Jewe nzokoraniriza hamwe amasigarira y’intama zanje ndazikuye mu bihugu vyose nari narazishwiragirijemwo+, ndazigarukane mw’itongo ry’uburagiriro ryazo+, na zo zizorondoka koko, zigwire+.
4 Nzozihagurukiriza abungere bazoziragira koko+; ntizizokwongera gutinya, eka kandi ntizizocika ivutu+, kandi nta n’imwe izobura,” ni ko Yehova avuze.
5 “Ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzohagurukiriza Dawidi umunago ugororotse+. Kandi umwami azoganza koko+, akorane ukwiyubara yongere ashitse ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.
6 Mu misi yiwe Yuda izokizwa+, kandi Isirayeli izokwibera mu mutekano+. Iri ni ryo zina azokwitwa: Yehova ni ubugororotsi bwacu+.”
7 “Ku bw’ivyo, ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi ntibazokwongera kuvuga ngo: ‘Ndahiye ukubaho kwa Yehova, we yaduganye bene Isirayeli abakuye mu gihugu ca Misiri+,’
8 mugabo bazovuga ngo: ‘Ndahiye ukubaho kwa Yehova, we yaduganye akongera akazana uruvyaro rw’inzu ya Isirayeli arukuye mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose nabashwiragirijemwo,’ kandi bazokwibera koko ku butaka bwabo+.”
9 Nayo ku vyerekeye abahanuzi, umutima wanje wamvunikiyemwo. Amagufa yanje yose atanguye kunyiganyiga. Mbaye nk’umuntu yaborewe+, nk’umuntu w’umugabo yatsinzwe n’umuvinyu, kubera Yehova no kubera amajambo yiwe meranda.
10 Kuko igihugu gisigaye cuzuye+ abarenga ibigo+. Kuko kubera umuvumo igihugu cagiye mu kigandaro+, n’amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga yumye+; inyifato yabo ni mbi, kandi ubushobozi bwabo ntibugororotse.
11 “Kuko umuhanuzi n’umuherezi bompi bahumanye+. No mu nzu yanje nasanzeyo ububi bwabo+,” ni ko Yehova avuze.
12 “Ni co gituma inzira yabo izobabera nk’ahantu hanyerera+ mu muzimagiza; bazohenurirwayo bagwe ata kabuza+.”
“Kuko nzobazanako icago, umwaka bazokwitabwaho+,” ni ko Yehova avuze.
13 “Kandi abahanuzi ba Samariya+ nababonyemwo ibitabereye. Bakoze bwa bahanuzi bohejwe na Bayali+, kandi baguma batuma abantu banje, egome, Isirayeli, bayerera+.
14 Nabonye ibintu biteye ikinya mu bahanuzi ba Yeruzalemu+: ukurenga ibigo+ n’ukugendera mu kinyoma+; bakomeje amaboko y’inkozi z’ikibi kugira ngo ntibahindukire+, umwe wese ngo ave mu bubi bwiwe. Bose bambereye nka Sodomu+, ababa muri we bose na bo bambera nka Gomora+.”
15 Ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze ku bahanuzi: “Ehe ngira ndabarishe ibamba, kandi nzobanywesha amazi arimwo ubumara+. Kuko ubuhuni+ bwakwiragiye mu gihugu cose buvuye ku bahanuzi ba Yeruzalemu.”
16 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ntimwumvirize amajambo y’ubuhanuzi abahanuzi bababwira+. Batuma muba imburakimazi+. Bavuga ukwerekwa kwo mu mutima wabo bwite+, ntibavuga ibiva mu kanwa ka Yehova+.
17 Baguma babwira abatanyubaha ngo: ‘Yehova avuze ati: “Muzogira amahoro+.”’ Kandi babwiye abagendera mu kagagazo k’umutima wabo bose+ ngo: ‘Nta vyago bizobazako+.’
18 Kuko ni nde yahagaze mu mugwi w’abagenzi somambike+ wa Yehova ngo abone ijambo ryiwe yongere aryumve+? Ni nde yitayeho ijambo ryiwe ngo aryumve+?
19 Ehe ikirura c’umuyaga ca Yehova, ari co bushangashirwe bwiwe, kizosohoka koko, egome, igihuhusi c’agashururu+. Kizozungurukira ku mutwe w’ababisha+.
20 Ishavu rya Yehova ntirizosubira inyuma adashikije+ ivyiyumviro vy’umutima wiwe kandi atabiranguye+. Mu kiringo ca nyuma c’imisi muzobirimbura mwitonze mubitegere+.
21 “Sinatumye abahanuzi, yamara barirutse. Sinavuganye na bo, yamara baravuze ubuhanuzi+.
22 Mugabo iyo bahagarara mu mugwi w’abagenzi somambike+ wanje, baba rero baratumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba baratumye bahindukira bakava mu nzira yabo mbi no mu bubi bw’ibikorwa vyabo+.”
23 “Mbega ndi Imana iri hafi,” ni ko Yehova avuze, “atari Imana iri kure+?”
24 “Canke hari umuntu yohishwa mu bwihisho nanje sindamubone+?”, ni ko Yehova avuze.
“Mbega jewe sinuzuye koko amajuru n’isi+?”, ni ko Yehova avuze.
25 “Numvise ivyo abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ikinyoma mw’izina ryanje+ bavuze, ngo: ‘Narose! Narose+!’
26 Ivyo bizogeza ryari kuba mu mutima w’abo bahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ikinyoma bakaba n’abahanuzi b’amayeri y’umutima wabo+?
27 Biyumvira kwibagiza abantu banje izina ryanje biciye ku ndoto zabo baguma babwirana+, nk’uko ba se bibagiye izina ryanje biciye kuri Bayali+.
28 Umuhanuzi afise indoto, niyigane iyo ndoto; mugabo uwufise ijambo ryanje, navuge ijambo ryanje mu kuri+.”
“Mbega igikumbi gihuriye ku ki n’urutete+?”, ni ko Yehova avuze.
29 “Mbega ijambo ryanje ntirimeze nk’umuriro+,” ni ko Yehova avuze, “rikamera kandi nk’inyundo y’ugucura imenagura urutare+?”
30 “Ku bw’ivyo, ehe ngira ndwanye abo bahanuzi+,” ni ko Yehova avuze, “abiba amajambo yanje, umwe wese akayiba mugenziwe+.”
31 “Ehe ngira ndwanye abo bahanuzi,” ni ko Yehova avuze, “abakoresha ururimi rwabo kugira ngo bavuge bati: ‘Ijambo+!’”
32 “Ehe ngira ndwanye abo bahanuzi barotora indoto z’ikinyoma,” ni ko Yehova avuze, “abazigana bagatuma abantu banje bayerera kubera ibinyoma vyabo+ no kubera ukwirata kwabo+.”
“Mugabo jewe sinabatumye canke ngo ngire ico ndabategeka. Ku bw’ivyo, nta na kimwe bazomarira aba bantu+,” ni ko Yehova avuze.
33 “Kandi aba bantu canke umuhanuzi canke umuherezi nibakubaza bati: ‘Umuzigo wa Yehova ni uwuhe+?’, uze ubabwire rero uti: ‘“Ni mwebwe—urazi ukuntu muri umuzigo+! Nzobaheba ata gukeka+,” ni ko Yehova avuze.’
34 Nayo umuhanuzi canke umuherezi canke abantu bavuga ngo: ‘Ewe muzigo wa Yehova!’, nanje nzokwitaho ivy’uwo muntu n’urugo rwiwe+.
35 Ibi ni vyo umwe wese aguma abwira mugenziwe, ivyo umwe wese aguma abwira mwene wabo: ‘Yehova yishuye iki? Kandi Yehova yavuze iki+?’
36 Mugabo ntimube mukivuga+ umuzigo+ wa Yehova, kuko kuri umwe wese uwo muzigo uba ijambo ryiwe+, kandi mwahinduye amajambo y’Imana nzima+, Yehova nyen’ingabo, Imana yacu.
37 “Ibi ni vyo uzobwira umuhanuzi: ‘Yehova yakwishuye iki? Kandi Yehova yavuze iki+?
38 Kandi nimba muguma muvuga muti: “Umuzigo wa Yehova!”, ibi rero ni vyo Yehova avuze: “Kubera ko muvuga muti: ‘Iri jambo ni wo muzigo wa Yehova,’ kandi nagumye mbatumako nti: ‘Ntimukavuge ngo: “Umuzigo wa Yehova!”’
39 ku bw’ivyo, ndi hano! Nzobaheba buhere+, kandi nzobata, nte n’igisagara nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu, mumve imbere+.
40 Kandi nzobashirako iceyi co gushika igihe kitagira urugero, n’agateterwe ko gushika igihe kitagira urugero katazokwibagirwa+.”’”