Yeremiya 24:1-10

24  Nuko Yehova aranyereka, maze mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rwa Yehova, inyuma y’aho Nebukadirezari umwami wa Babiloni ajaniye mu bunyagano Yekoniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami wa Yuda, n’abaganwa ba Yuda n’abahinguzi b’utugenegene+ n’abubatsi b’ibibambazi, abakuye i Yeruzalemu kugira ngo abajane i Babiloni+.  Igisimbo kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni za kare+; ikindi gisimbo na co carimwo insukoni mbi cane, ku buryo zitashobora kuribwa kubera ububi bwazo.  Nuko Yehova ambwira ati: “Ubona iki ga Yeremiya?” Nanje nti: “Insukoni, insukoni nziza zikaba ari nziza cane, insukoni mbi na zo zikaba ari mbi cane, ku buryo zidashobora kuribwa kubera ububi bwazo+.”  Maze ijambo rya Yehova rinzako riti:  “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nk’izo nsukoni nziza, ni ko nzobona neza+ abagizwe inyagano ba Yuda, abo nzokwirukana aha hantu bakaja mu gihugu c’Abakaludaya+.  Nzobashinga ijisho ngo ndabagirire neza+, kandi nzobagarukana koko muri iki gihugu+. Nzobubaka, sinzobasambura; nzobateragira, sinzobarandura+.  Nzobaha umutima kugira bamenye jewe+, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.  “‘Kandi nk’izo nsukoni mbi zidashobora kuribwa kubera ububi bwazo+, ibi ni vyo mu vy’ukuri Yehova avuze: “Ukwo ni ko nzotanga Zedekiya+ umwami wa Yuda n’abaganwa biwe n’amasigarira ya Yeruzalemu asigaye muri iki gihugu+ n’ababa mu gihugu ca Misiri+  egome, nzobatanga babe akajugumiza, bashikirwe n’ivyago, mu bwami bwose bwo mw’isi+, babe iceyi n’iciro ry’umugani, babe akamenyo+ n’umuvumo+, ahantu hose nzobashwiragiriza+. 10  Kandi nzobarungikira inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+, gushika bahonye ku butaka nabahaye bo hamwe na ba sekuruza babo+.”’”

Utujambo tw'epfo