Yeremiya 37:1-21
37 Nuko Umwami Zedekiya+ mwene Yosiya+ atangura kuganza mu kibanza ca Koniya+ mwene Yehoyakimu+, uwo Nebukadirezari umwami wa Babiloni yari yagize umwami mu gihugu ca Yuda+.
2 Mugabo we hamwe n’abasuku biwe n’abanyagihugu ntibumviriza amajambo ya Yehova+, ayo yari yaravuze biciye kuri Yeremiya umuhanuzi+.
3 Nuko Umwami Zedekiya atuma Yehukali+ mwene Shelemiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya+ umuherezi kuri Yeremiya umuhanuzi, ati: “Ndakwinginze udusabire kuri Yehova Imana yacu+.”
4 Yeremiya yarinjira akongera agasohoka hagati mu bantu+, kuko batari baramushize mu nzu y’ibohero.
5 Kandi inteko za gisirikare za Farawo zari zivuye mu Misiri+; nuko Abakaludaya bari basugereje Yeruzalemu bumva inkuru yabo. Baca bavaho baheba gutera Yeruzalemu+.
6 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya umuhanuzi riti:
7 “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ibi abe ari vyo mubwira umwami wa Yuda abatumye kuri jewe kunsiguza+, muti: “Ehe, inteko za gisirikare za Farawo zije kuri mwebwe kugira zibafashe zizobwirizwa gusubira mu gihugu cazo, ari co Misiri+.
8 Kandi Abakaludaya bazogaruka ata kabuza, barwanye iki gisagara, bagifate maze bagiturize umuriro+.”
9 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimwihende+ muvuga ngo: ‘Abakaludaya bazogenda ata kabuza batureke,’ kuko batazogenda.
10 Kuko naho mwoba mwatikije inteko za gisirikare zose z’Abakaludaya ziriko zibarwanya+ hagasigara muri bo abagabo batobekeranijwe+, bohaguruka umwe wese mw’ihema ryiwe, bagaturiza koko iki igisagara umuriro.”’”
11 Nuko inteko za gisirikare z’Abakaludaya zimaze kuhava zikagenda, zikareka gutera Yeruzalemu+ kubera inteko za gisirikare za Farawo+,
12 Yeremiya arasohoka ava i Yeruzalemu kugira aje mu gihugu ca Benyamini+, ngo aronkeyo umugabane wiwe mu bantu.
13 Igihe yashika mw’Irembo rya Benyamini+, umukuru w’abarinzi yitwa Iriya mwene Shelemiya, Shelemiya mwene Hananiya, ni ho yari ari. Aca afata Yeremiya umuhanuzi, amubwira ati: “Ugira wishikane ku Bakaludaya!”
14 Mugabo Yeremiya avuga ati: “Si vyo+! Singira nishikane ku Bakaludaya.” Mugabo ntiyamwumviriza. Nuko Iriya agumya Yeremiya hanyuma amushira abaganwa.
15 Abaganwa+ barākarira rero Yeremiya+, baramukubita+ maze bamushira mu nzu y’amapingu+, mu nzu ya Yehonatani+ umunyamabanga, kuko bari bayigize inzu y’ibohero+.
16 Yeremiya yinjiye mu nzu y’itangi+ no mu vyumba vyo mu kuzimu, agumayo imisi myinshi.
17 Nuko Umwami Zedekiya atuma kumuzana, maze atangura kumubaza ibibazo mu nzu yiwe, mu bwihisho+. Amubwira ati: “Hoba hariho ijambo rivuye kuri Yehova?” Yeremiya na we ati: “Ririho koko!” Yongerako ati: “Uzotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+!”
18 Maze Yeremiya abwira Umwami Zedekiya ati: “Ni igiki nacumuye kuri wewe no ku basuku bawe no kuri aba bantu+, catumye munshira mu nzu y’ibohero?
19 Bari hehe none ba bahanuzi banyu bababwira ubuhanuzi ngo: ‘Umwami wa Babiloni ntazoza kubatera no gutera iki gihugu+’?
20 Ubu rero ndakwinginze wumvirize, ewe mukama wanje umwami! Ndakwinginze ugusaba ubutoni kwanje+ gushike imbere yawe, ntunsubize mu nzu ya Yehonatani+ umunyamabanga, kugira simpfireyo+.”
21 Umwami Zedekiya atanga rero itegeko, maze bashira Yeremiya aho acungirwa mu Kigo c’Abarinzi+; nuko baza baramuha ku musi ku musi agakate k’umuzingi kavuye kw’ibarabara ry’abakora igikorwa co kwotsa+, gushika imikate yose iheze mu gisagara+. Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+.