Yosuwa 2:1-24
2 Maze Yosuwa mwene Nuni arungika mu mpisho abagabo babiri ngo baje gutata, bavuye i Shitimu+, avuga ati: “Nimugende, mwihweze ico gihugu na Yeriko.” Nuko baragenda hanyuma bashika ku nzu y’umugore w’umumaraya yitwa Rahabu+, maze baka indaro ng’aho.
2 Mu nyuma umwami wa Yeriko abwirwa ngo: “Ehe, abagabo bo muri bene Isirayeli binjiye ng’aha muri iri joro kugira ngo bagendure igihugu.”
3 Umwami wa Yeriko aca atuma kuri Rahabu ati: “Sohora abagabo baje iwawe, binjiye mu nzu yawe, kuko bazanywe no kugendura igihugu cose+.”
4 Ariko nya mugore afata nya bagabo babiri arabahisha. Avuga rero ati: “Egome, abo bagabo baje koko iwanje, mugabo sinari nzi iyo bava.
5 Igihe co kwugara irembo+ kigeze, buhwibiriye, nya bagabo baciye basohoka. Ni ukuri sinzi iyo abo bagabo bagiye. Nimubome inyuma ningoga, kuko muza kubahamvya.”
6 (Ariko we yari yabaduganye ku gisenge+, abanyegeza mu duti tw’ilino* yari yaritondekeye mu misitari ku gisenge.)
7 Nuko nya bagabo baboma inyuma berekeza kuri Yorodani ku vyambu+, maze abo bagabo babomye inyuma bakimara gusohoka, amarembo arugarwa.
8 Bamwe bandi na bo, batararyama, uwo mugore ubwiwe aduga iyo bari ku gisenge.
9 Abwira abo bagabo ati: “Emwe, ndazi yuko Yehova atazobura kubaha iki gihugu+, be n’uko twacitse ivutu kubera mwebwe+, kandi ko ababa mu gihugu bose badendebutse kubera mwebwe+.
10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+.
11 Tuvyumvise, imitima yacu yaciye itangura gushonga+, kandi nta n’umwe yasubiye kugira umutima rugabo kubera mwebwe+, kuko Yehova Imana yanyu ari Imana mu majuru hejuru no kw’isi hasi+.
12 Ubu rero, kubera ko nabagiriye ubuntu bwuzuye urukundo, ndabinginze mundahire Yehova+ yuko namwe ata gukeka muzogirira ubuntu bwuzuye urukundo urugo rwa dawe+, kandi mumpe ikimenyetso co kwizigirwa+.
13 Muze muzigamire ubuzima dawe+ na mawe na basazanje na bene wacu n’ababo bose, kandi muze murokore ubuzima bwacu mubukize urupfu+.”
14 Nya bagabo na bo bamubwira bati: “Twebwe tuzopfa mu kibanza canyu+! Nimutatumenera ibanga, ibi rero ni vyo bizoba: Yehova niyaduha iki gihugu, ntituzobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+.”
15 Maze abururutsa ku mugozi baciye mw’idirisha, kuko inzu yiwe yari ifatanye n’uruhome, kandi ku ruhome ni ho yaba+.
16 Nuko ababwira ati: “Nimuje mu karere k’imisozi, kugira ntimuhure n’abariko babakurikira; mugume munyegeyeyo imisi itatu, gushika abariko babakurikira bagarutse; mu nyuma mushobora kwigira.”
17 Nya bagabo na bo bamubwira bati: “Nta caha kitwagira ku bijanye n’iyi ndahiro yawe uturahije+.
18 Ehe tugira tuze muri iki gihugu. Uyu mugozi w’inyuzi z’agahama uze uwubohere mw’idirisha utwururukirijemwo, kandi so na nyoko na basazawe n’urugo rwa so rwose uze ubegeranirize aho uri mu nzu+.
19 Kandi uwo wese azorenga imiryango y’inzu yawe agasohoka hanze+, amaraso yiwe azoba ku mutwe wiwe, twebwe nta caha kizotwagira; kandi umuntu wese azogumana nawe mu nzu, amaraso yiwe azoba ku mitwe yacu nihagira uwumukozako ukuboko.
20 Mugabo niwatumenera ibanga+, nta caha kizotwagira ku bijanye n’iyi ndahiro uturahije.”
21 Na we avuga ati: “Nibibe nk’uko muvuze.”
Aca arabarungika barigira. Inyuma y’ivyo abohera wa mugozi w’agahama mw’idirisha.
22 Nuko baragenda, bashika mu karere k’imisozi maze bagumayo imisi itatu, gushika abariko babakurikira bagarutse. Kandi abo bariko babakurikira bariko babarondera mu nzira zose, ariko ntibababona.
23 Nya bagabo babiri bongera kumanuka bavuye muri nya karere k’imisozi hanyuma barajabuka, baza aho Yosuwa mwene Nuni ari, batangura kumwiganira ibintu vyose vyari vyabashikiye.
24 Hanyuma babwira Yosuwa bati: “Yehova yatanze igihugu cose mu kuboko kwacu+. Ni co gituma ababa mu gihugu bose badendebutse kubera twebwe+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.