Yosuwa 22:1-34
22 Ico gihe Yosuwa ahamagara Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase+,
2 ababwira ati: “Mwebwe mwaragumije ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse vyose+, kandi mwaragamburutse ijwi ryanje mu vyo nabategetse vyose+.
3 Ntimwataye bene wanyu iyi misi myinshi+ gushika n’uyu musi, kandi mwarashikije ico musabwa n’ibwirizwa rya Yehova Imana yanyu+.
4 Ubu rero Yehova Imana yanyu yahaye bene wanyu akaruhuko, nk’uko nyene yabasezeraniye+. None rero nimuhindukire, muje ku mahema yanyu mu gihugu mwigabira, ico Musa umusavyi wa Yehova yabahaye hakurya ya Yorodani+.
5 Ariko mwitwararike cane gushitsa ibwirizwa+ n’itegeko Musa umusavyi wa Yehova yabategetse, mu gukunda Yehova Imana yanyu+, mu kugendera mu nzira ziwe zose+, mu kugumya amabwirizwa yiwe+, mu kwumira kuri we+ no mu kumukorera+ n’umutima wanyu wose+ n’ubuzima bwanyu bwose+.”
6 Yosuwa aca arabahezagira+ hanyuma arabarungika kugira bagende ku mahema yabo.
7 Igice c’umuryango wa Manase, Musa yari yaragihaye ingabirano i Bashani+, ikindi gice cawo na co Yosuwa yagihanye ingabirano na bene wabo ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burengero+. Igihe rero Yosuwa yabarungika ku mahema yabo, yaranabahezagiye.
8 Hanyuma ababwira ati: “Nimusubire ku mahema yanyu muri n’ubutunzi bwinshi n’ibitungwa vyinshi cane, n’ifeza n’inzahabu n’umujumpu n’icuma n’impuzu nyinshi cane+. Mwebwe hamwe na bene wanyu mutore umuturi wanyu w’isahu+ ry’abansi banyu.”
9 Inyuma y’ivyo, bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase basubira inyuma, bava muri bene Isirayeli bandi, i Shilo mu gihugu ca Kanani, kugira baje mu gihugu ca Gileyadi+, mu gihugu bigabira bari baragerereyemwo kw’itegeko rya Yehova, iryo yatanze biciye kuri Musa+.
10 Bashitse mu turere twa Yorodani twari mu gihugu ca Kanani, bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase baca bubakayo igicaniro iruhande ya Yorodani, igicaniro+ kinini cibonekeza.
11 Mu nyuma, abandi bahungu ba Isirayeli bumva+ bivugwa ngo: “Ehe bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase bubatse igicaniro ku mupaka w’igihugu ca Kanani mu turere twa Yorodani, ku ruhande rwegukira bene Isirayeli.”
12 Bene Isirayeli ngo bavyumve, ikoraniro rya bene Isirayeli ryose+ rica rikoranirizwa i Shilo+ kugira baduge kugaba igitero ca gisirikare kuri bo+.
13 Maze bene Isirayeli batuma+ Finehasi+ mwene Eleyazari umuherezi kuri bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase mu gihugu ca Gileyadi,
14 ari kumwe n’abakuru cumi, umukuru umwe w’inzu ya ba sekuru imwimwe yose mu miryango ya Isirayeli, kandi umwe wese muri bo yari umukuru w’inzu ya ba se babo mu bihumbi vya Isirayeli+.
15 Amaherezo bashika kuri bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase mu gihugu ca Gileyadi, batangura kuvugana na bo+ bati:
16 “Ibi ni vyo ikoraniro ryose rya Yehova+ rivuze: ‘Kubera iki mwahemukiye+ Imana ya Isirayeli, mukareka+ uyu musi gukurikira Yehova mu kwiyubakira igicaniro+, kugira ngo uyu musi mugararize Yehova?
17 Mbega ikosa ry’i Peyori+ ryatubereye rito cane, iryo tutarihumanura gushika n’uyu musi, naho icago caje kw’ikoraniro rya Yehova+?
18 Namwe uyu musi mushaka kureka gukurikira Yehova. Nimwagarariza Yehova uyu musi, ejo ikoraniro ryose rya Isirayeli ni ryo rero azorakarira+.
19 Nimba rero igihugu mwigabira gihumanye koko+, nimujabuke muje mu gihugu Yehova yigabira+, aho itaberenakulo* ya Yehova iba+, mugerere hagati muri twebwe; mugabo ntimugararize Yehova kandi ntimutume tuba abagarariji mu kwiyubakira igicaniro ciyongereye ku gicaniro ca Yehova Imana yacu+.
20 Mbega Akani+ mwene Zera si we yakoze ikintu c’ubuhemu ku bijanye n’ikintu cari ico gutikizwa yamara ikoraniro ryose rya Isirayeli rikaba ari ryo rirakarirwa+? Kandi si we wenyene yapfiriye mw’ikosa ryiwe+.’”
21 Nuko bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase bishura+ abakuru b’ibihumbi vya Isirayeli+ bati:
22 “Nyenubumana+, Imana+ Yehova, Nyenubumana, Imana Yehova+, arabizi+, na Isirayeli na yo nyene izobimenya+. Niba twabitumwe n’ubugarariji+ kandi nimba twabitumwe n’uguhemukira Yehova+, ntudukize uyu musi.
23 Nimba kwari ukugira ngo twiyubakire igicaniro kugira dusubire inyuma tureke gukurikira Yehova, kandi nimba kwari ukugira ngo dushikane kuri co amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’intete+, kandi nimba kwari ukugira ngo duhereze kuri co ibimazi vy’ugusangira, Yehova ubwiwe arabisuzuma+;
24 canke nimba twabikoze tutabitumwe n’uko riho turajwe ishinga cane n’ikindi kintu, tuvuga duti: ‘Mu gihe kizoza abana banyu bazobwira abana bacu bati: “Muhuriye ku ki na Yehova Imana ya Isirayeli?
25 Hariho urubibe Yehova yashize hagati yacu na mwebwe bene Rubeni na bene Gadi, ari rwo Yorodani. Nta muturi mufise muri Yehova+.” Abana banyu rero ntibazobura gutuma abana bacu bareka gutinya Yehova+.’
26 “Ku bw’ivyo twavuze duti: ‘Enda nimuze tugire ico dukoze ku neza yacu, mu kwubaka iki gicaniro, atari ico gushikanirako ishikanwa riturirwa canke ikimazi,
27 mugabo kugira kibe icabona hagati yacu+ namwe be n’amayaruka yacu hanyuma yacu, yuko tuzokora igikorwa ca Yehova imbere yiwe tumushikanira amashikanwa yacu aturirwa n’ibimazi vyacu n’ibimazi vyacu vy’ugusangira+, kugira abana banyu ntibaze babwire abana bacu mu gihe kizoza ngo: “Nta muturi mufise muri Yehova.”’
28 Twavuze rero duti: ‘Nibatubwira ivyo, twebwe hamwe n’amayaruka yacu mu gihe kizoza, tuzobabwira rero duti: “Ehe ishusho y’igicaniro ca Yehova ba dawe bahinguye, atari ico gushikanirako ishikanwa riturirwa canke ikimazi, mugabo ni icabona hagati yacu namwe.”’
29 Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe kugarariza Yehova bituvuyeko, tukareka uyu musi gukurikira Yehova+ mu kwubaka igicaniro co gushikanirako ishikanwa riturirwa, ishikanwa ry’intete n’ikimazi, ciyongereye ku gicaniro ca Yehova Imana yacu kiri imbere y’itaberenakulo yiwe+!”
30 Finehasi+ umuherezi n’abakuru b’ikoraniro+ n’abakuru b’ibihumbi vya Isirayeli bari kumwe na we bumvise amajambo bene Rubeni na bene Gadi na bene Manase bavuze, biba vyiza mu maso yabo.
31 Nuko Finehasi mwene Eleyazari umuherezi abwira bene Rubeni na bene Gadi na bene Manase ati: “Uno musi turamenye koko yuko Yehova ari hagati yacu+, kuko mutakoreye Yehova ico kintu c’ubuhemu. Ubu murokoye bene Isirayeli mu kuboko kwa Yehova+.”
32 Finehasi mwene Eleyazari umuherezi n’abakuru baca basubira inyuma+ bavuye kuri bene Rubeni na bene Gadi mu gihugu ca Gileyadi, baja mu gihugu ca Kanani ku bandi bahungu ba Isirayeli, babagarukanira inyishu+.
33 Iyo nyishu iba nziza mu maso ya bene Isirayeli; bene Isirayeli bahezagira rero Imana+, maze ntibavuga ivyo kuduga kugaba igitero ca gisirikare kuri bo kugira bageseze igihugu bene Rubeni na bene Gadi babamwo.
34 Nuko bene Rubeni na bene Gadi bita izina nya gicaniro, kuko bavuze bati: “Ni icabona hagati yacu yuko Yehova ari we Mana y’ukuri+.”
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.