Zaburi 116:1-19

116  Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva+Ijwi ryanje, ukwinginga kwanje+.   Kuko yanteze ugutwi+,Kandi mu misi yanje yose, nzohamagara+.   Imigozi y’urupfu yarankikuje+,Amarushwa y’ukuzimu yaranshikiriye+.Naguma nshikirwa n’amarushwa be n’intuntu+.   Mugabo nambaje izina rya Yehova+ nti:“Aaa! Yehova we, kiza ubuzima bwanje+!”   Yehova ni umunyempuhwe n’umugororotsi+;Kandi Imana yacu ni Imana igira imbabazi+.   Yehova ararinda abantu batazi utuntu n’utundi+.Nari nifumbereje, na we arankiza+.   Mutima wanje, subira ahantu hawe h’ukuruhukira+,Kuko Yehova ubwiwe yagukoreye ibibereye+.   Kuko watabaye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+,Ijisho ryanje ukarikiza amosozi, ikirenge canje ukagikiza gutsitara+.   Nzogendera+ imbere ya Yehova mu bihugu vy’abazima+. 10  Narizeye+, kuko navuze+.Jewe nari mu marushwa menshi. 11  Jewe, igihe nari nataye umutwe, navuze+ nti:“Umuntu wese ni umubeshi+.” 12  Nzokwishura iki Yehova+Ku vyiza vyose angirira+? 13  Nzotora igikombe c’ubukiriro buhambaye+,Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+. 14  Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,Egome, imbere y’abantu biwe bose. 15  Urupfu rw’intahemuka za YehovaNi urw’agaciro mu maso yiwe+. 16  Aaa! Ewe Yehova+,Erega ndi umusavyi wawe+.Ndi umusavyi wawe, umwana w’umushumbakazi wawe+.Watekuruye imizana yanje+. 17  Nzogushikanira ikimazi c’ugukenguruka+,Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+. 18  Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,Egome, imbere y’abantu biwe bose+, 19  Mu bigo vy’inzu ya Yehova+,Hagati muri wewe, ewe Yeruzalemu+!Shemeze Ya+!

Utujambo tw'epfo