Zaburi 12:1-8
Ku muyobozi, kuri ogitave yo hasi+. Agahibongozo ka Dawidi.
12 Nkiza+, Yehova we, kuko intahemuka irangiye+;Kuko abantu b’abizigirwa bakamanganye mu bana b’abantu.
2 Baguma babwirana ivy’ububeshi+;Baguma bavugisha akanwa gasosa+, n’imitima ibiri+.
3 Yehova azorandura iminwa isosa yose,Ururimi ruvuga ibihambaye+,
4 Abavuze ngo: “Ku rurimi rwacu tuzonesha+.Iminwa turafise. Ni nde azoba umutware wo kutuganza?”
5 “Kubera ukunyagwa kw’abarushwa, kubera ukuniha kw’aboro+,Ubu ho ngira mpaguruke,” ni ko Yehova avuga+.“Ngira ndamushire ahatagira inkomanzi, aho ata n’umwe amuhemerako+.”
6 Amajambo ya Yehova ni amajambo atavanze+,Nk’ifeza ityororewe mw’itanure ry’ivu riyaza ivyuma, ikaba itosoye incuro indwi.
7 Wewe ubwawe, ewe Yehova, uzobarinda+;Uzozigama umwe wese umurinde iri yaruka gushika igihe kitagira urugero.
8 Ababisha bagendagenda impande zose,Kubera yuko ivy’agahomerabunwa bishirwa hejuru mu bana b’abantu+.