Zaburi 125:1-5

Ururirimbo rw’Ukuduga. 125  Abizigira Yehova+Bameze nk’umusozi Siyoni+ udashobora kunyiganyizwa, mugabo ukiberaho no gushika igihe kitagira urugero+.   Nk’uko imisozi iri irya n’ino ya Yeruzalemu+,Ni ko Yehova ari irya n’ino y’abantu biwe+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.   Kuko agakoni k’ubutware k’ububisha katazoguma+ ku mugabane w’abagororotsi,Kugira ngo abagororotsi ntibatume ukuboko kwabo ku bukozi bw’ikibi na bumwe+.   Korera ineza abeza, ewe Yehova+,Uyikorere abagororotse mu mitima yabo+.   Nayo abakevya bakaja mu nzira zabo zihetaraye+,Yehova azobajaniranya n’abamenyereye gukora ibibabaza+.Hazoba amahoro kuri Isirayeli+.

Utujambo tw'epfo