Zaburi 128:1-6

Ururirimbo rw’Ukuduga. 128  Hahiriwe umuntu wese atinya Yehova+,Agendera mu nzira ziwe+.   Kuko uzorya ibivuye mu bucumukure bw’amaboko yawe+.Uzoba uwuhiriwe, kandi bizokugendera neza+.   Umugore wawe azoba nk’umuzabibu wama ivyamwa+Mu bwigobeko bw’inzu yawe.Abana bawe bazoba nk’imivyaro y’ibiti+ vy’umwelayo irya n’ino y’imeza yawe.   Raba! Ukwo ni ko hazohezagirwa umuntu w’umugabo+Atinya Yehova+.   Yehova azoguhezagira ari i Siyoni+.Nubone kandi ivyiza vya Yeruzalemu imisi yose y’ubuzima bwawe+,   Ubone n’abana b’abana bawe+.Nihabe amahoro kuri Isirayeli+.

Utujambo tw'epfo