Zaburi 14:1-7

Ku muyobozi. Ni izaburi ya Dawidi. 14  Imburabwenge yavuze mu mutima wayo ngo:“Yehova nta wuriho+.”Barikwegeye guhona+, bakoze ibiteye ishishi.Nta n’umwe ariho akora iciza+.   Nayo Yehova, yaravye hasi ari mw’ijuru, araba abana b’abantu+,Ngo arabe ko hariho uwufise ugutahura kwimbitse, uwurondera Yehova+.   Bose barakebeje+, bose ni cokimwe barononekaye+;Nta n’umwe ariho akora iciza+,Habe n’umwe+.   Mbega nta n’umwe mu bakora ibintu bibabaza yaronse ubumenyi+,Ko barotsa abantu banje nk’uko bariye umukate+?Ntibarushe bambaza Yehova+.   Aho nyene baratekewe n’ubwoba bwinshi+,Kuko Yehova ari hagati mw’iyaruka ry’umugororotsi+.   Impanuro y’umurushwa mwarayimaramaza,Kuko Yehova ari ubuhungiro bwiwe+.   Ese icompa i Siyoni hakava ubukiriro bwa Isirayeli+!Yehova niyagarukana abantu biwe bagizwe imbohe+,Yakobo aze anezerwe, Isirayeli ahimbarwe+.

Utujambo tw'epfo