Zaburi 140:1-13
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
140 Ewe Yehova, nuntabare abantu babi+;Nunzigame undinde umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+,
2 Abateguye umugambi w’ibintu bibi mu mutima wabo+,Bakaguma bagaba ibitero nko mu ntambara bukarinda bwira+.
3 Bakarihije ururimi rwabo nka rurya rw’inzoka+;Ubwayi bw’imamba y’amahembe buri munsi y’iminwa yabo+. Sela.
4 Nundinde, ewe Yehova, amaboko y’umubisha+;Nunzigame undinde umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+,Abateguye umugambi wo guhenura intambuko zanje+.
5 Abinantaje banyegeje umutego wo kuncakira+;Imigozi barashanje nk’urusenga iruhande y’umuhora+.Imitego baranteze+. Sela.
6 Nabwiye Yehova nti: “Uri Imana yanje+.Tega ugutwi, ewe Yehova, ijwi ry’ukwinginga kwanje+.”
7 Ewe Yehova Mukama Segaba+, nkomezi z’ubukiriro bwanje+,Wakingīriye umutwe wanje ku musi w’ingabo+.
8 Ewe Yehova, ntuhe umubisha ivyo ahahamiye+.Ntushigikire umugambi wiwe mubi, kugira ntibashirwe hejuru+. Sela.
9 Nayo imitwe y’abankikuje+,Ivyago vy’iminwa yabo nibiyipfuke+.
10 Amakara yaka natibagurirwe kuri bo+.Nibagwishwe mu muriro+, mu vyobo vy’amazi, ntibasubire guhaguruka+.
11 Imvuzi y’agakomeye, ntishimangirwe mw’isi+.Umuntu w’ubukazi, ikibi ubwaco nikimuhame, kimukubite urutavanako+.
12 Ndazi neza ko Yehova azoshitsa+Imburano z’umurushwa, urubanza rw’aboro+.
13 Ni ukuri, abagororotsi bazokengurukira izina ryawe+;Abagororotse bazokwibera imbere yo mu maso hawe+.