Zaburi 25:1-22
Ni izaburi ya Dawidi.
א [ʼAlefu]
25 Ewe Yehova, nduza umutima wanje kuri wewe+.
ב [Beti]
2 Ewe Mana yanje, ni wewe nizigiye+;Ese ntomaramara.Abansi banje ntibigine banyigamba+.
ג [Gimelu]
3 Kandi, nta n’umwe mu bakwizigira azomaramara+.Bazomaramara abahemuka ntibaroranirwe+.
ד [Daleti]
4 Numenyeshe inzira zawe, ewe Yehova+;Nyigisha iminyuro yawe+.
ה [Heʼ]
5 Nutume ngendera mu kuri kwawe kandi unyigishe+,Kuko uri Imana y’ubukiriro bwanje+.
ו [Vau]Ni wewe nizigiye burinda bwira+.
ז [Zayini]
6 Ibuka imbabazi zawe+, ewe Yehova, be n’ibikorwa vyawe vy’ubuntu bwuzuye urukundo+,Kuko ari ivyo kuva igihe kitagira urugero+.
ח [Heti]
7 Ibicumuro vyo mu buto bwanje be n’imigararizo yanje, ewe, ntuvyibuke+!Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, ubwawe nunyibuke+,Ku bw’ukumera neza kwawe, ewe Yehova+!
ט [Teti]
8 Yehova ameze neza kandi aragororotse+.Ni co gituma yigisha inzira abacumuzi+.
י [Yodi]
9 Azotuma abatekereza bagendera mu ngingo yiwe y’ubutungane+,Kandi abatekereza azobigisha inzira yiwe+.
כ [Kafu]
10 Iminyuro ya Yehova yose ni ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuriKu bw’abubahiriza isezerano ryiwe+ n’ivyibutsa vyiwe+.
ל [Lamedi]
11 Ku bw’izina ryawe, ewe Yehova+,Babarira ikosa ryanje, kuko atari rito+.
מ [Memu]
12 Ni nde muntu none atinya Yehova+?Azomwigisha inzira azohitamwo+.
נ [Nuni]
13 Azokwibera mu vyiza+,Kandi uruvyaro rwiwe ruzokwigarurira isi+.
ס [Sameki]
14 Ubugenzi somambike na Yehova ni ubw’abamutinya+,Mbere n’isezerano ryiwe, kugira aribamenyeshe+.
ע [ʽAyini]
15 Nama mpanze amaso Yehova+,Kuko ari we akura ibirenge vyanje mu rusenga+.
פ [Peʼ]
16 Hindukiriza mu maso hawe kuri jewe, ungirire ubutoni+;Kuko ndi inyakamwe n’umurushwa+.
צ [Tsade]
17 Amarushwa y’umutima wanje yagwiriye+;Ewe, nunkure mu maganya andiko+!
ר [Reshi]
18 Nubone amarushwa yanje n’ivyago vyanje+,Kandi uharire ibicumuro vyanje vyose+.
19 Nubone ingene abansi banje basigaye ari benshi+,Kandi banyanse urwanko rukaze+.
ש [Shini]
20 Rinda ubuzima bwanje kandi undokore+.Ese ntomaramara, kuko nahungiye muri wewe+.
ת [Tau]
21 Ugutungana n’ukugororoka ubwavyo nibinzigame+,Kuko ari wewe nizigiye+.
22 Ewe Mana, cungura Isirayeli umukure mu marushwa yiwe yose+.