Zaburi 27:1-14

Ni izaburi ya Dawidi. 27  Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+.Ni nde nzotinya+?Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+.Ni nde nzogirira ubwoba+?   Igihe inkozi z’ikibi zari zegereye zimpiga ngo zirye inyama zanje+,Abo bakaba ari abarwanizi banje be n’abansi banje ubwanje+,Bo ubwabo baratsitaye baragwa+.   Naho ikambi yoshinga ihema ngo intere+,Umutima wanje ntuzotinya+.Naho hovyuka intambara yo kuntera+,N’ico gihe nyene nzoguma nizigiye+.   Nasavye Yehova ikintu kimwe+,Ni co nzorondera+,Ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova imisi yose y’ubuzima bwanje+,Ngo nitegereze ubwiza bwa Yehova+No kugira ngo ndabe urusengero rwiwe nikugura+.   Kuko azonyegeza mu bwikingo bwiwe ku musi w’ivyago+;Azompisha ahihishije h’ihema ryiwe+;Azonshira hejuru ku gitandara+.   Maze umutwe wanje uzoba hejuru cane y’abansi banje irya n’ino yanje+;Kandi kw’ihema ryiwe nzoshikana ibimazi vy’akaruru k’umunezero+;Nzoririmba nongere mpibongoreze Yehova+.   Niwumve, Yehova we, igihe mpamagara n’ijwi ryanje+,Ungirire ubutoni kandi unyishure+.   Ku bikwerekeye umutima wanje wavuze uti: “Nimurondere mu maso hanje+.”Mu maso hawe, ewe Yehova, nzoharondera+.   Ntumpishe mu maso hawe+.Ntiwigizeyo umusavyi wawe washavuye+.Numbere imfashanyo+.Ntumpebe, ntunte, ewe Mana y’ubukiriro bwanje+! 10  Hamwe data na mama bonta+,Yehova ubwiwe yonyitorera+. 11  Nyigisha inzira yawe, Yehova we+,Unyobore mu munyuro w’ukugororoka, kubera abansi banje. 12  Ntunshire mu maboko y’abarwanizi banje ngo bangire uko bagomba+;Kuko ivyabona vy’ikinyoma bimpagurukiye+,Be n’uwusuka ubukazi+. 13  Iyo ntaba nizeye kubona ukumera neza kwa Yehova mu gihugu c’abazima+...! 14  Niwizigire Yehova+; gira umutima rugabo kandi umutima wawe ukomere+.Egome, niwizigire Yehova+.

Utujambo tw'epfo