Zaburi 30:1-12
Agahibongozo. Ururirimbo rw’ukwinjira inzu+. Ni izaburi ya Dawidi.
30 Nzogushira hejuru, ewe Yehova, kuko wankweze ukanduza+,Kandi ntiwaretse abansi banje ngo banezerwe banyigambako+.
2 Ewe Yehova Mana yanje, naragutabaje, nawe urankiza+.
3 Ewe Yehova, warandugije unkura mu kuzimu+;Wangumije ndi muzima, kugira ngo simanuke mu cobo+.
4 Nimuhibongoreze Yehova, yemwe ntahemuka ziwe+,Nimukengurukire icibutso ciwe ceranda+;
5 Kuko kuba munsi y’ishavu ryiwe ari ivy’akanya gato+,Kuba munsi y’ubutoni bwiwe bikaba ivy’ubuzima bwose+.Ku mugoroba amarira yoshobora kwaka indaro+, mugabo mu gitondo hakaba akamo k’umunezero+.
6 Nayo jewe, navuze ata co ninona+ nti:“Sinzokwigera nyiganyizwa+.”
7 Ewe Yehova, mu butoni bwawe watumye umusozi wanje uhagarara mu nkomezi+.Wahishije mu maso hawe, mpagarika umutima+.
8 Ewe Yehova, ni wewe nagumye mpamagara+;Kandi Yehova nagumye ndamwinginga nsaba ubutoni+.
9 Mbega ni inyungu nki iba mu maraso yanje manutse mu cobo+?Mbega umukungugu uzoguhaya+? Mbega umukungugu uzoyaga ukuri kwawe+?
10 Niwumve, Yehova we, ungirire ubutoni+.Ewe Yehova, numbere umutabazi+.
11 Wampinduriye ikigandaro canje kiba ugutamba+;Watekuruye igunira* ryanje, uguma unkenyeje umunezero+,
12 Kugira ngo ubuninahazwa bwanje buguhibongoreze, ntibugume bucereje+.Ewe Yehova Mana yanje, nzoguhaya gushika igihe kitagira urugero+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.