Zaburi 37:1-40
Ni izaburi ya Dawidi.
א [ʼAlefu]
37 Nturungure kubera inkozi z’ikibi+.Ntiwumvire agashari abakora ibitagororotse+.
2 Kuko bazokabirana ningoga nk’ivyatsi+,Bayame nk’ivyatsi bitoto bikiri bishasha+.
ב [Beti]
3 Niwizigire Yehova, ukore iciza+;Niwibere mw’isi, ukorane ubwizigirwa+.
4 Vyongeye, nusoserwe na Yehova+,Na we azoguha ivyo umutima wawe usaba+.
ג [Gimelu]
5 Nuragize Yehova inzira yawe+,Kandi umwizigire+, na we ubwiwe azogira ico akoze+.
6 Kandi ntazobura kuzana ubugororotsi bwawe nk’umuco+,N’ubutungane bwawe nk’umutaga+.
ד [Daleti]
7 Guma ucereje imbere ya Yehova+,Umurindire ubishashaye+.Nturungure kubera uwutuma inzira yiwe iroranirwa+,Kubera umuntu ashitsa ivyiyumviro afise+.
ה [Heʼ]
8 Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe+;Nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi+.
9 Kuko inkozi z’ikibi zizorandurwa+,Ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi+.
ו [Vau]
10 Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho+;Kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure+.
11 Mugabo abatekereza bazokwigabira isi+,Kandi bazokwinovora amahoro menshi+.
ז [Zayini]
12 Umubisha agīra umugambi mubi umugororotsi+,Akamuhekenyera amenyo+.
13 Yehova ubwiwe azomutwenga+,Kuko abona neza yuko umusi wiwe uzoza+.
ח [Heti]
14 Ababisha basokoye inkota, bafora n’umuheto wabo+,Ngo bagwishe umuntu w’umurushwa kandi w’umworo+,Ngo bakerere abagororotse mu nzira yabo+.
15 Inkota yabo izobinjira mu mutima+,Imiheto yabo na yo ivunagurwe+.
ט [Teti]
16 Hopfuma dukeyi tw’umugororotsi+Kuruta umurengera w’ababisha benshi+.
17 Kuko amaboko y’ababisha azovunagurwa+,Mugabo Yehova azoshigikira abagororotsi+.
י [Yodi]
18 Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu+,Kandi intoranwa yabo izogumaho no gushika igihe kitagira urugero+.
19 Ntibazomaramara mu gihe c’ivyago+,Kandi mu misi y’ikigoyi bazohaga+.
כ [Kafu]
20 Kuko ababisha bazoyogera+,Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+.
ל [Lamedi]
21 Umubisha aragurana ntiyishure+,Mugabo umugororotsi agira impuhwe kandi agatanga ingabirano+.
22 Kuko abo ahezagira bazokwigabira isi+,Mugabo abo ahamagarirako akabi bazorandurwa+.
מ [Memu]
23 Intambuko z’umuntu w’umugabo zateguwe na Yehova+,Kandi Imana irahimbarwa n’inzira yiwe+.
24 Naho yotemba, ntazoraririzwa hasi+,Kuko Yehova ashigikiye ukuboko kwiwe+.
נ [Nuni]
25 Narabaye umusore, mbere ndashaje+,Yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere+,Canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate+.
26 Agira impuhwe kandi agatanga ingurane bukarinda bwira+,Bigatuma uruvyaro rwiwe rwitega umuhezagiro+.
ס [Sameki]
27 Nureke ikibi, ukore iciza+,Uheze wibereho gushika igihe kitagira urugero+.
28 Kuko Yehova akunda ubutungane+,Kandi ntazoheba intahemuka ziwe+.
ע [ʼAyini]Vy’ukuri zizorindwa gushika igihe kitagira urugero+;Nayo uruvyaro rw’ababisha, ruzorandurwa koko+.
29 Abagororotsi bazokwigabira isi+,Kandi bazoyibako ibihe bidahera+.
פ [Peʼ]
30 Akanwa k’umugororotsi ni ko kavuga ubukerebutsi n’ijwi ritoyi+,Kandi ururimi rwiwe ni rwo rucisha aho ukuri kuri+.
31 Itegeko ry’Imana yiwe riri mu mutima wiwe+;Intambuko ziwe ntizizonyoganyoga+.
צ [Tsade]
32 Umubisha aguma areretse umugororotsi+,Akarondera kumwica+.
33 Nayo Yehova, ntazomuhebera mu kuboko kw’uyo+,Ntazomwita umubisha igihe acirwa urubanza+.
ק [Kofu]
34 Niwizigire Yehova, ugumye inzira yiwe+,Na we azogushira hejuru wigarurire isi+.Ababisha nibarandurwa, uzobibona+.
ר [Reshi]
35 Narabonye umubisha ari intwazamukazo+,Agatagarara nk’igiti gitotahaye mw’ivu ryiwe kavukire+.
36 Yamara arahita, ntiyaba akiriho+;Nagumye ndamurondera, arabura+.
ש [Shini]
37 Itegereze uwutagirako umugayo, ugume uraba uwugororotse+,Kuko kazoza k’uyo muntu kazorangwa n’amahoro+.
38 Ariko abagabitanya bazozimanganirizwa icarimwe ata kabuza+;Kazoza k’ababisha kazorandurwa koko+.
ת [Tau]
39 Ubukiriro bw’abagororotsi buva kuri Yehova+;Ni we ababera iboma mu gihe c’amarushwa+.
40 Kandi Yehova azobatabara, abarokore+.Azobarokora abakure mu vyara vy’ababisha, abakize+,Kuko bahungiye muri we+.