Zaburi 41:1-13

Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. 41  Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi+.Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza+.   Yehova ubwiwe azomurinda, amuzigamire ubuzima+.Azokwitwa umuhirwe mw’isi+;Kandi ntiwoshobora kumuha abansi biwe ngo bamugire uko bagomba+.   Yehova ubwiwe azomushigikira ku busaswa arwariyeko+;Igitanda ciwe cose ntuzobura kugihindura mu gihe c’indwara yiwe+.   Nayo jewe, navuze nti: “Ewe Yehova, ngirira ubutoni+.Nkiza, kuko nagucumuyeko+.”   Nayo abansi banje, bavuga ibibi ku binyerekeye+ ngo:“Azopfa ryari ngo izina ryiwe rizimangane buhere?”   Kandi nihagira uwuza kundaba, ububeshi ni bwo umutima wiwe uzovuga+;Azorundarunda ibintu bibi;Azosohoka, abivugire hanze+.   Abanyanka bose barongoreranira bangiriye urunani+;Baguma bangīra umugambi wo kunkorera ikibi+, ngo:   “Ikintu c’imburakimazi gisutswe kuri we+;Ubu ko aryamye, ntazokwongera guhaguruka+.”   Kandi umuntu yabana amahoro nanje, uwo nari nizigiye+,Uwarya ku mukate wanje+, andugirije igitsintsiri+. 10  Nayo wewe, ewe Yehova, ngirira ubutoni umpagurutse+,Kugira ngo ndabishure+. 11  Iki ni co menyerako yuko wahimbawe nanje,Ni uko umwansi wanje atiha akaruru k’intsinzi anyigambako+. 12  Nayo jewe, kubera ugutungana kwanje waranshigikiye+,Kandi uzonshira imbere y’amaso yawe gushika igihe kitagira urugero+. 13  Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+Kuva igihe kitagira urugero no gushika igihe kitagira urugero+.Amen kandi Amen+.

Utujambo tw'epfo