Zaburi 5:1-12

Ku muyobozi, kuri Nehiloti. Agahibongozo ka Dawidi. 5  Tega ugutwi amajambo yanje+, ewe Yehova;Tahura ukuniha kwanje.   Umviriza ijwi ry’ugutabaza kwanje+,Ewe Mwami wanje+ n’Imana yanje, kuko ari wewe nsenga+.   Ewe Yehova, mu gitondo uzokwumva ijwi ryanje+;Mu gitondo nzokwitura, ngume ngavye+.   Kuko utari Imana ihimbarwa n’ububisha+;Nta mubi yobana nawe akanya na gatoyi+.   Nta birata bohagarara imbere y’amaso yawe+.Uranka koko abaza barakora ibintu bibabaza bose+;   Uzorandura abavuga ikinyoma+.Umuntu asesa amaraso+ kandi akoresha ubuhendanyi+ Yehova aramwanka urunuka.   Nayo jewe, mu bwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+Nzokwinjira mu nzu yawe+,Nzokwunama nerekeza ku rusengero rwawe rweranda ngutinya+.   Ewe Yehova, nunyobore mu bugororotsi bwawe+ kubera abansi banje+;Sena inzira yawe imbere yanje+.   Kuko mu kanwa kabo ata kintu co kwizigirwa kiriyo+;Imbere muri bo ni amarushwa gusa+.Umuhogo wabo ni imva irangaye+;Bakoresha akarimi gasosa+. 10  Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;Bazogwa kubera inama zabo bwite+.Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,Kuko bakugararije+. 11  Ariko abahungira muri wewe bose bazonezerwa+;Gushika igihe kitagira urugero*, bazokwiha akamo k’umunezero+.Nawe uzozibira inzira ishika aho bari,Kandi abakunda izina ryawe bazokwigina muri wewe+. 12  Kuko ubwawe uzohezagira umuntu wese w’umugororotsi+, ewe Yehova!Uzobakikuza ugushimwa+, nk’aho ukoresheje inkinzo+ yagutse.

Utujambo tw'epfo

Raba Inyongera ya 21.