Zaburi 50:1-23
Agahibongozo ka Asafu+.
50 Nyenubumana+, Imana, Yehova+, ubwiwe aravuze+,Atangura guhamagara isi+,Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+.
2 Imana ubwayo yasayanganye+ iri i Siyoni, bwa bwiza butagira akanenge+.
3 Imana yacu izoza, kandi ntiyoshobora kuguma icereje+.Imbere yayo umuriro urarigata+,Kandi irya n’ino yayo hose habaye ikirura gikaze bihebuje+.
4 Ihamagara amajuru hejuru be n’isi+Kugira ngo ishitse urubanza ku bantu bayo+:
5 “Koranirize kuri jewe intahemuka zanje+,Barya bapfundika isezerano ryanje biciye ku bimazi+.”
6 Amajuru ayaga ubugororotsi bwayo+,Kuko Imana ubwayo ari Umucamanza+. Sela.
7 “Umvirize, bantu banje, ngira mvuge+,Ewe Isirayeli, ngira nshinge intahe ikwagiriza+.Ndi Imana, Imana yawe+.
8 Singukangira ku vyerekeye ibimazi vyawe+Canke amashikanwa yawe aturirwa yama imbere yanje+.
9 Nta shūri nzotora mu nzu yawe+,Canke amasuguru y’impene mu mpongore zawe.
10 Kuko igikoko cose co mu kibira ari rwanje+,Ibikoko vyo ku misozi igihumbi+.
11 Ndazi neza ikiremwa c’amababa cose co mu misozi+,Kandi amasinzi y’ibikoko vyo mu gahinga ari kumwe nanje+.
12 Hamwe noba nshonje, sinobikubwira;Kuko ubutaka bwimbuka+ n’ibibwuzuye ari rwanje+.
13 Mbega ndye inyama z’amashūri y’amanyabubasha+?Mbega nywe amaraso y’amasuguru y’impene+?
14 Shikanira Imana ugukenguruka bwa bimazi vyawe+,Kandi ushitse indagano zawe kuri Musumbavyose+;
15 Numpamagare ku musi w’amarushwa+.Nzogutabara, nawe uzoninahaza+.”
16 Mugabo umubisha, Imana ntizobura kumubwira+ iti:“Ni uburenganzira ki ufise bwo kudondagura ingingo nyobozi zanje+,Ngo utware isezerano ryanje mu kanwa kawe+?
17 Erega wewe, waranse indero+,Kandi uguma uterera amajambo yanje inyuma yawe+.
18 Igihe cose ubonye igisuma, warahimbarwa na co+;Kandi wasangira n’abarenga ibigo+.
19 Akanwa kawe warakarekuye ngo kivugire ibibi+,Kandi ururimi rwawe uguma urufatanije n’ubuhendanyi+.
20 Uricara ukavuga nabi mwene wanyu+,Ukandagaza akanenge ka mwene nyoko+.
21 Ivyo bintu warabikoze, nanje nguma nicerereje+.Wiyumviriye yuko ntobuze kumera nkawe+.Ngira ndagukangire+, kandi nzoshira ibintu mu buryo mu maso yawe+.
22 Enda nimubitahure, mwebwe abibagira Imana+,Sindabatabagure ata wuri bubarokore+.
23 Uwushikana ugukenguruka bwa kimazi ciwe ni we aninahaza+;Nayo uwugumya inzira yashinzwe,Nzomuha kubona ubukiriro Imana itanga+.”