Zaburi 59:1-17

Ku muyobozi. “Ntuhonye.” Ni izaburi ya Dawidi. Mikitamu. Igihe Sauli yatuma abantu, bakagumiza ijisho ku nzu, kugira bamwice+. 59  Ndokora unkize abansi banje, ewe Mana yanje+;Nunkingire abampagurukira+.   Ndokora unkize abakora ibintu bibabaza+,Unkize n’abagīrwa n’amaraso.   Kuko, ehe babundiye ubuzima bwanje+;Abakomeye barantera+,Kandi ata mugararizo nagize, ata n’igicumuro nakoze, ewe Yehova+!   Naho ata kosa mfise, bariruka bakitegura+.Nuvyuke iyo mpamagaye, urabe+.   Nawe, ewe Yehova Mana nyen’ingabo, ni wewe Mana ya Isirayeli+.Ikangure, witeho ivy’amahanga yose+.Ntugirire ubutoni n’umwe mu baguranyi bakora ikibi+. Sela.   Baguma bagaruka ku mugoroba+;Baguma bakuga nk’imbwa+, bakazunguruka igisagara+.   Raba! Badudubiza amajambo n’akanwa kabo+;Inkota ziri ku minwa yabo+,Kuko, ni nde yumviriza+?   Mugabo wewe ubwawe, ewe Yehova, uzobatwenga+;Uzotwengera amahanga yose mw’ijigo+.   Ewe Nkomezi zanje, nzogumiza ijisho iwawe+;Kuko Imana ari yo hantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+. 10  Ya Mana ingirira ubuntu bwuzuye urukundo, izonsanganira+;Imana ubwayo izotuma nitegereza abansi banje+. 11  Ntubice, kugira ngo abantu banje ntibibagire+.Ku nkomezi zawe, utume bayerera+,Ubamanure, ewe nkinzo yacu Yehova+, 12  Ku bw’igicumuro c’akanwa kabo, ijambo ry’iminwa yabo+;Nibafatirwe mu bwishime bwabo+,Egome, kubera imivumo n’ubuhendanyi baguma basubiramwo. 13  Nubamare washangashiwe+;Nubamare, ntibabeho;Nibamenye yuko Imana iganza muri Yakobo gushika ku mpera z’isi+. Sela. 14  Nibagaruke ku mugoroba;Nibakuge nk’imbwa, bazunguruke igisagara+. 15  Abo nyene nibayerere barondera ico barya+;Ntibahage canke ngo bamare ijoro+. 16  Nayo jewe, nzoririmba inkomezi zawe+,Kandi mu gitondo nzovugana umunezero ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.Kuko wambereye ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi+Be n’ahantu ho guhungira ku musi w’amarushwa yanje+. 17  Ewe Nkomezi zanje, nzoguhibongoreza+,Kuko Imana ari yo hantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi, Imana y’ubuntu bwuzuye urukundo kuri jewe+.

Utujambo tw'epfo