Zaburi 62:1-12
Ku muyobozi wa Yedutuni. Agahibongozo ka Dawidi.
62 Koko, umutima wanje urindiriye Imana mu gacerere+.Kuri yo ni ho ubukiriro bwanje buva+.
2 Koko, ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+;Sinzonyiganyizwa kanini+.
3 Muzogeza ryari kugurukira ku wo mushaka kwica+?Mwese mumeze nk’uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye ruriko rurahenurwa+.
4 Koko, batanga inama kugira ngo bahendahende umuntu ngo atakaze iteka ryiwe+;Bahimbarwa n’ikinyoma+.Bahezagirisha akanwa kabo, mugabo muri bo bagahamagara akabi+. Sela.
5 Koko, rindira Imana ucereje, ewe mutima wanje+,Kuko kuri yo ari ho icizigiro canje kiva+.
6 Koko, ni we gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+;Sinzonyiganyizwa+.
7 Ku Mana ni ho ubukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje biri+.Igitandara canje gikomeye, ubuhungiro bwanje ni mu Mana+.
8 Nimuyizigire ibihe vyose, emwe bantu+!Imbere yayo nimusuke umutima wanyu+.Imana ni ubuhungiro bwacu+. Sela.
9 Koko, abana b’umuntu yakuwe mw’ivu ni impemu zisohotse+,Abana b’abantu ni uruhendo+.Iyo bashizwe ku munzane, bose hamwe bahwahutse kuruta impemu zisohotse+.
10 Ntimwizigire ubugunge+,Canke ngo mube imburakimazi mu kwizigira ubwambuzi+.Ibibeshaho umuntu nivyagwira, ntimubishireko umutima+.
11 Imana yavuze rimwe, kabiri numvise ibi+:Yuko inkomezi ari iz’Imana+.
12 N’ubuntu bwuzuye urukundo ni rwawe, ewe Yehova+,Kuko wewe ubwawe wishura umwe wese ibihuye n’igikorwa ciwe+.