Zaburi 65:1-13
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. Ururirimbo.
65 Imbere yawe hari ishemezo n’agacerere, ewe Mana, i Siyoni+;Kandi indagano izoshitswa kuri wewe+.
2 Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe+.
3 Ibintu vy’ikosa vyandushije inkomezi+.Nayo ibigabitanyo vyacu, wewe ubwawe uzobipfuka+.
4 Hahiriwe uwo utora ukamwiyegereza+,Ngo yibere mu bigo vyawe+.Ntituzobura guhazwa n’ukumera neza kw’inzu yawe+,Ahantu heranda h’urusengero rwawe+.
5 Uzotwishura ukoresheje ibintu biteye ubwoba, mu bugororotsi+,Ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,Mizero y’imipaka yose y’isi n’abari kure ku kiyaga+.
6 Ashimangira imisozi akoresheje ububasha bwiwe+;Emwe, akenyeye ubushobozi+.
7 Ahwamika urwamo rw’ibiyaga+,Urwamo rw’imipfunda yavyo n’uruyogoyogo rw’imiryango y’amahanga+.
8 Ababa iyo catawe bazotinya ibimenyetso vyawe+;Utuma uguturuka kw’igitondo n’ukw’umugoroba vyiha akamo k’umunezero+.
9 Witayeho isi, kugira ngo uyihe umukimba+;Urayitungisha cane.Umugezi uva ku Mana wuzuye amazi+.Utegura intete zabo+,Kuko ukwo ari ko utegura isi+.
10 Imirongo yayo y’ubusizi irajobekwa, ibinonko vyayo bikaringanizwa+;Uyorohesha imicuncubuko y’imvura; uhezagira iminago yayo+.
11 Wambitse umwaka urugori rw’ineza yawe+,Kandi imihora yawe itonyanga ibinure+.
12 Amatongo y’uburagiriro y’agahinga aguma atonyanga+,Imirambi na yo igakenyera akanyamuneza+.
13 Amaragiriro yambaye imikuku+,Ibiyaya vyo hasi na vyo bitwikiriwe n’intete+.Vyiha akaruru k’intsinzi, egome, biraririmba+.