Zaburi 7:1-17
Akaririmbo k’intimba ka Dawidi, ako yaririmbiye Yehova ku vyerekeye amajambo ya Kushi Umubenyamini.
7 Ewe Yehova Mana yanje+, muri wewe ni ho nahungiye+.Nkiza abampama bose, undokore+,
2 Kugira ntihagire uwuntabagura nka kurya intambwe igira+,Akanshikura igihe ata murokozi ariho+.
3 Ewe Yehova Mana yanje, nimba ibi narabikoze+,Nimba hariho akarenganyo na gakeyi mu biganza vyanje+,
4 Nimba narishuye ikibi uwunyihora+,Canke nimba naranyaze uwo wese anyanka mugabo ntaroranirwe+,
5 Umwansi nankurikire+,Nahamvye ubuzima bwanje abukandagire,Atume ubuninahazwa bwanje buba mu mukungugu. Sela.
6 Haguruka, Yehova we, mw’ishavu ryawe+;Vira hasi ugupfunduka kw’uburake bw’abanyanka+,Wikangure ku bwanje+, kuko watanze itegeko ku bw’urubanza+.
7 Kandi ikoraniro ry’imiryango y’amahanga nirigukikuze,Nawe wisubirire iyo hejuru urirwanye.
8 Yehova ubwiwe azosomera urubanza ibisata vy’abantu+.Ncira urubanza, Yehova we, nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,Nk’uko kandi ugutungana* kwanje kwo muri jewe kuri+.
9 Ndakwinginze, ububi bw’ababisha burangire+,Ushimangire umugororotsi+;Imana, yo igororotse+, isuzuma umutima+ n’amafyigo+.
10 Inkinzo yanje iri ku Mana+, Umukiza w’ab’umutima ugororotse+.
11 Imana ni Umucamanza agororotse+,Kandi Imana irungika imisibo imisi yose.
12 Nimba umuntu atigaruye+, inkota yayo izoyikarisha+,Umuheto wayo ntizobura kuwugonda, iwutegurire kurasa+.
13 Kandi izotegura ibikoresho vyayo vy’urupfu+;Imyampi yayo izoyigira iyirurumba imbeya+.
14 Raba! Hari umuntu yibungenze ibintu bibabaza+,Yasamye inda y’ivyago, kandi nta kabuza azokwibaruka ikinyoma+.
15 Yimvye icobo, aracimburura+;Ariko azogwa mu kinogo yimvye+.
16 Ivyago vyiwe bizomusubira ku mutwe+,Kandi ubukazi bwiwe buzomanuka ku rutwariro rwiwe+.
17 Nzohaya Yehova nk’uko ubugororotsi bwiwe buri+,Mpibongoreze izina+ rya Yehova Musumbavyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.