Zaburi 82:1-8
Agahibongozo ka Asafu.
82 Imana ihagaze mw’ikoraniro+ rya Nyenubumana+;Icira imanza hagati y’imana+ iti:
2 “Muzogeza ryari kuguma muca imanza mu karenganyo+No kugira nkunzi ku babisha+? Sela.
3 Nimubere abacamanza umuntu mutoyi n’impfuvyi*+.Nimutunganirize umurushwa na ntahonikora+.
4 Nimukize umuntu mutoyi be n’umworo+;Nimubarokore mu kuboko kw’ababisha+.”
5 Nta co bamenye, kandi ntibatahura+;Baguma bagendagenda mu mwiza+;Imishinge yose y’isi iranyiganyizwa+.
6 “Jewe naravuze nti: ‘Muri imana+,Kandi mwese muri abana ba Musumbavyose+.
7 Ni ukuri muzopfa nk’uko abantu bapfa+;Kandi nk’uko umuganwa wese agwa ni ko muzogwa+!’”
8 Haguruka, Mana we, ucire imanza isi+;Kuko ari wewe ukwiye kwigabira amahanga yose+.
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”