Zaburi 99:1-9
99 Yehova ubwiwe acitse umwami+. Ibisata vy’abantu nibihagarike umutima+.Yicaye ku bakerubi+. Isi nidegedwe+.
2 Yehova arahambaye i Siyoni+,Kandi arakirurutse hejuru y’ibisata vy’abantu vyose+.
3 Nibahaye izina ryawe+.Rirahambaye kandi riteye ubwoba, rikaba ari ryeranda+.
4 Mu nkomezi z’umwami, yakunze ubutungane+.Ni wewe washimangiye ukugororoka+.Uguca imanza be n’ubugororotsi muri Yakobo, ni vyo washikije+.
5 Nimushire hejuru Yehova Imana yacu+, mwuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+;Ni mweranda+.
6 Musa na Aroni bari mu baherezi biwe+,Samweli na we yari mu bambaza izina ryiwe+.Barahamagara Yehova, na we akabitaba+.
7 Yaguma avugana na bo mu nkingi y’igicu+.Baragumya ivyibutsa vyiwe n’ingingo nyobozi yabahaye+.
8 Ewe Yehova Mana yacu, wewe ubwawe warabitaba+.Kuri bo wabonetse ko uri Imana itanga ikigongwe+,Igashitsa uguhōra ku bw’ibikorwa vyabo vy’agaterasoni+.
9 Nimushire hejuru Yehova Imana yacu+,Mwuname ku musozi wayo mweranda+.Kuko Yehova Imana yacu ari mweranda+.