Zekariya 6:1-15
6 Nuko nongera kuraramura amaso, mbona imikogote ine isohotse ivuye hagati y’imisozi ibiri, iyo misozi ikaba yari imisozi y’umujumpu.
2 Umukogote wa mbere wariko amafarasi atukura+, uwa kabiri na wo amafarasi yirabura+.
3 Umukogote wa gatatu wariko amafarasi yera+, uwa kane na wo amafarasi y’utudorodonzi, y’amabara avangavanze+.
4 Maze mbaza nya mumarayika yariko avugana nanje nti: “Ivyo ni ibiki ga mukama wanje+?”
5 Nya mumarayika anyishura rero ati: “Izo ni za mpwemu zine+ zo mu majuru zisohoka+ zimaze guhagarara imbere y’Umukama+ w’isi yose+.
6 Ku bijanye n’umukogote uriko amafarasi yirabura, ano agiye mu gihugu co mu buraruko+; ayera abwirizwa kuja hakurya y’ikiyaga; ay’utudorodonzi na yo abwirizwa kuja mu gihugu co mu bumanuko+.
7 Ay’amabara avangavanze+ abwirizwa kugenda, akaguma arondera iyo aja, kugira ngo agendagende mw’isi+.” Maze avuga ati: “Nimugende, mugendagende mw’isi.” Nya mafarasi atangura rero kugendagenda mw’isi.
8 Nuko atangura gusemerera yerekeza iyo ndi, ambwira ati: “Raba, ariya agiye mu gihugu co mu buraruko ni yo yatumye impwemu+ ya Yehova iruhuka mu gihugu co mu buraruko+.”
9 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti:
10 “Haze hagire ivyakīrwa bivuye ku bajanywe ari inyagano+, egome, bivuye kuri Heludayi no kuri Tobiya no kuri Yedaya; uze winjire kuri uwo musi, winjire mu nzu ya Yosiya mwene Zefaniya+ uri kumwe n’abo bavuye i Babiloni.
11 Uze wakire ifeza n’inzahabu, ukore urugori ruhambaye+ hanyuma urushire ku mutwe wa Yosuwa+ mwene Yehozadaki umuherezi mukuru.
12 Uheze umubwire uti:“‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ng’uwu umugabo+ yitwa Munago+. Azonagira mu kibanza ciwe bwite, kandi azokwubaka koko urusengero rwa Yehova+.
13 Ni we azokwubaka urusengero rwa Yehova, kandi azogira iteka+; azokwicara koko ku ntebe yiwe y’ubwami aganze, kandi azobera umuherezi ku ntebe y’ubwami yiwe+; inama y’amahoro+ izoba hagati y’ayo mabanga yompi.
14 Urwo rugori ruhambaye ruzoba urwa Helemu n’urwa Tobiya n’urwa Yedaya+ n’urwa Heni mwene Zefaniya, rubabere icibutso+ mu rusengero rwa Yehova.
15 Kandi abari kure bazoza bubake koko mu rusengero rwa Yehova+.” Maze muzomenya yuko Yehova nyen’ingabo ari we yabantumyeko+. Ivyo bizoba, nimwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yanyu+.’”