Abakorinto ba mbere 12:1-31
12 Nayo ibijanye n’ingabirano z’impwemu+ ga bavukanyi, sinshaka ko mutabimenya.
2 Murazi yuko igihe mwari abanyamahanga*, mwoshwa mugakurikira ibigirwamana bitavuga+, mukaja iyo bibajanye hose.
3 Nshaka rero ko mumenya yuko ata muntu avugishwa n’impwemu y’Imana avuga ngo: «Yezu ni ikivume!», kandi nta muntu ashobora kuvuga ngo: «Yezu ni Umukama!» atabitumwe n’impwemu nyeranda+.
4 Rero hari ingabirano zitandukanye, mugabo hari impwemu imwe+.
5 Hari ibikorwa vy’Imana* bitandukanye+, yamara hari Umukama umwe.
6 Hari n’imirimo itandukanye*, yamara Imana imwe ni yo ikora iyo mirimo yose mu bantu bose+.
7 Mugabo impwemu irigaragaza kuri umwe wese kugira bigirire akamaro bose+.
8 Biciye ku mpwemu, umuntu umwe arahabwa ijambo* ry’ubukerebutsi, uwundi agahabwa ijambo ry’ubumenyi biciye kuri iyo mpwemu nyene,
9 uwundi agahabwa ukwizera+ biciye kuri nya mpwemu nyene, uwundi agahabwa ingabirano zo gukiza+ biciye kuri iyo mpwemu imwe,
10 uwundi na we agahabwa gukora ibikorwa vy’ububasha+, uwundi kuvuga ubuhanuzi, uwundi gutahura amajambo yahumetswe+, uwundi kuvuga indimi zitandukanye+, uwundi na we gusobanura indimi+.
11 Mugabo iyo mpwemu nyene ni yo ikora ivyo vyose, igaha umwumwe wese ubwo bushobozi nk’uko igomba.
12 Kurya nyene umubiri ari umwe mugabo ukaba ufise ibihimba vyinshi, kandi ibihimba vyose vy’uwo mubiri bikaba bigize umubiri umwe naho ari vyinshi+, na Kristu ni ukwo.
13 Kuko twese twabatijwe mu mubiri umwe biciye ku mpwemu imwe, baba Abayuda canke Abagiriki*, baba abashumba canke abidegemvya, kandi twese twanyweshejwe impwemu imwe.
14 Kuko mu vy’ukuri umubiri utagizwe n’igihimba kimwe, ahubwo ugizwe na vyinshi+.
15 Hamwe ikirenge covuga ngo: «Ko ntari ikiganza, sindi uwo ku mubiri», ntibica bituma kitaba ico ku mubiri.
16 Kandi hamwe ugutwi kwovuga ngo: «Ko ntari ijisho, sindi uwo ku mubiri», ntibica bituma kutaba ukwo ku mubiri.
17 Iyo umubiri wose uba ijisho, ukwumva kwobaye hehe? Iyo wose uba ukwumva, ukumoterwa kwobaye hehe?
18 Mugabo noneho kimwe cose mu bihimba vy’umubiri, Imana yagihaye ikibanza ishaka.
19 Iyo vyose biba ari igihimba kimwe, umubiri wobaye hehe?
20 Mugabo noneho ni ibihimba vyinshi, yamara umubiri ni umwe.
21 Ijisho ntirishobora kubwira ikiganza ngo: «Sindagukeneye», eka n’umutwe ntushobora kubwira ibirenge ngo: «Sindabakeneye.»
22 Ahubwo riho, ibihimba vy’umubiri bisa n’ibigoyagoya kuruta ibindi birakenewe.
23 Ibihimba vy’umubiri twiyumvira ko bidakeneye iteka cane turabitera iteka ryinshi kuruta+. Ibihimba vy’umubiri wacu rero bisa n’ibidahimbaye ni vyo dufatana icubahiro cinshi kuruta,
24 mu gihe ibihimba vy’umubiri wacu biteye igomwe ata kintu na kimwe bikeneye. Yamara rero, ukwo ni ko Imana yatunganije umubiri, iha iteka ryinshi ibihimba vyari n’ico bihajije,
25 kugira ngo ntihabe ukwicamwo ibice mu mubiri, ahubwo ibihimba vyawo vyitwararikane+.
26 Iyo igihimba kimwe kibabaye, ibindi bihimba vyose bibabarana na co+, canke iyo igihimba kimwe gitewe iteka, ibindi bihimba vyose binezeranwa na co+.
27 Namwe rero muri umubiri wa Kristu+, umwe wese muri mwebwe akaba ari igihimba cawo+.
28 Kandi Imana yashize ivyo bihimba bitandukanye mw’ishengero: ubwa mbere intumwa+, ubwa kabiri abahanuzi+, ubwa gatatu abigisha+, hanyuma abakora ibikorwa vy’ububasha+, hanyuma abafise ingabirano zo gukiza+, abakora ibikorwa vy’ingirakamaro, abafise ubushobozi bwo kuyobora+ n’abavuga indimi zitandukanye+.
29 Mbega bose ni intumwa? Mbega bose ni abahanuzi? Mbega bose ni abigisha? Mbega bose bakora ibikorwa vy’ububasha?
30 Mbega bose bafise ingabirano zo gukiza? Mbega bose bavuga izindi ndimi+? Mbega bose ni abasobanuzi*+?
31 Mugabo mugume mwihatira kuronka* ingabirano ziruta izindi+. Yamara jewe ndabereka inzira y’agahebuza+.
Utujambo tw'epfo
^ Ni ukuvuga abatizera.
^ Canke «ubusuku.»
^ Canke «uburyo butandukanye bwo gukora.»
^ Canke «ubutumwa.»
^ Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.
^ Canke «abahinduzi.»
^ Canke «mugume muronderana umwete.»