Abakorinto ba mbere 7:1-40
7 Ku bijanye n’ivyo mwanyandikiye, vyoba vyiza kuruta umugabo adakoze ku mugore*.
2 Yamara kubera ko hagwiriye ubusambanyi*, umugabo wese nagire umugore wiwe+, n’umugore wese agire umugabo wiwe+.
3 Umugabo nahe umugore wiwe ivyo ategerezwa kumuha*, n’umugore na we nyene abigirire umugabo wiwe+.
4 Umugore ntaganza umubiri wiwe, ahubwo uganzwa n’umugabo wiwe. N’umugabo ntaganza umubiri wiwe, ahubwo uganzwa n’umugore wiwe.
5 Ntimwimane, kiretse mwumvikanye ku bw’ikiringo kanaka, kugira muhebere umwanya ugusenga hanyuma mwongere kuja hamwe, ngo Shetani ntagume abagerageza kubera ukutigumya kwanyu.
6 Nshatse kubereka ko mubirekuriwe, si itegeko ndabahaye.
7 Mugabo noshima ko abantu bose baba nkanje. Yamara rero, umwe wese arafise ingabirano+ yahawe n’Imana, umwe uku, uwundi uku.
8 Ubu na ho mbwira abatubatse n’abapfakazi yuko ari vyiza kuruta bigumiye nk’uko ndi+.
9 Mugabo nimba badashobora kwigumya, nibubake kuko ari vyiza kwubaka kuruta kururumba inambu+.
10 Abubatse ndabahaye aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+.
11 Mugabo aramutse avanye na we, nagume atubatse canke na ho asubirane n’umugabo wiwe. Umugabo na we ntakwiye guta umugore wiwe+.
12 Mugabo abandi ni jewe ndababwiye, si Umukama+: nimba hari umuvukanyi afise umugore atizera, yamara uwo mugore agashima kubana na we, ntamute.
13 Kandi nimba umugore afise umugabo atizera, yamara uwo mugabo agashima kugumana na we, ntate umugabo wiwe.
14 Kuko uwo mugabo atizera yezwa kubera umugore wiwe, n’uwo mugore atizera akezwa kubera uwo muvukanyi. Ahandiho, abana banyu boba bahumanye, ariko noneho ni beranda.
15 Mugabo nimba uwutizera ahisemwo kugenda*, nagende. Mwenewacu canke mushiki wacu nta tegeko riba rikimuboshe igihe ibintu vyifashe gutyo. Imana yabahamagariye kuba mu mahoro+.
16 None ga mugore, uzi gute ko utazokiza umugabo wawe+? Weho ga mugabo, uzi gute ko utazokiza umugore wawe?
17 Ariko rero, umwe wese nagume nk’uko Imana yamuhamagaye, yisunze umugabane Yehova* yamuhaye+. Iryo ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose.
18 Hoba hari uwahamagawe yaragenyerewe*+? Nagume ukwo. Hoba hari uwahamagawe atagenyerewe? Ntagenyerwe+.
19 Kugenyerwa nta co bimaze, no kutagenyerwa nta co bimaze+. Kwubahiriza amabwirizwa y’Imana ni vyo bihambaye+.
20 Uko umuntu wese yahamagawe ameze kwose, nagume gutyo+.
21 Woba wahamagawe uri umushumba? Ntibiguhagarike umutima+. Ariko nimba ushobora kuba uwidegemvya, ntugishe rero ako karyo.
22 Kuko umuntu wese yahamagawe mu Mukama igihe yari umushumba, ubu ari umuntu yidegemvya kandi ni uw’Umukama+. N’uwahamagawe ari uwidegemvya ni umushumba wa Kristu.
23 Mwaguzwe igiciro kinini+. Nimureke kuba abashumba b’abantu.
24 Bavukanyi, uko umuntu wese yahamagawe ameze kwose, nagume gutyo imbere y’Imana.
25 Nayo ku bijanye n’abatarigera bubaka*, nta tegeko mfise riva ku Mukama, mugabo ndatanga iciyumviro+ nk’umuntu yagiriwe imbabazi n’Umukama ngo mbe umwizigirwa.
26 Niyumvira rero ko umuntu agumye uko ari, ari vyo vyiza kuruta, turavye ingorane zihari.
27 Woba ufise umugore? Reka kurondera kuvana na we+. Woba ata mugore ufise? Reka kumurondera.
28 Mugabo naho wokwubaka, nta gicumuro woba ukoze. Kandi umuntu atarubaka* aramutse yubatse, nta gicumuro yoba akoze. Ariko abubaka bazogira amakuba mu mubiri wabo. Mugabo jewe nashaka kuyabakingira.
29 Vyongeye bavukanyi, ivyo ndababwira ni ibi: igihe gisigaye ni kigufi+. Kuva ubu, abafise abagore bamere nk’abatabafise,
30 abarira bamere nk’abatarira, abanezerewe bamere nk’abatanezerewe, abagura bamere nk’abadafise na kimwe,
31 n’abakoresha isi bamere nk’abatayikoresha rwose, kuko ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka.
32 Mu vy’ukuri, nshaka ko mutiganyira. Umugabo atubatse aganyishwa n’ivy’Umukama, ingene yoshimwa n’Umukama.
33 Ariko umugabo yubatse aganyishwa n’ivy’isi+, ingene yoshimwa n’umugore wiwe,
34 kandi aba abangikanije. Vyongeye, umugore atubatse canke umwigeme w’isugi, aganyishwa n’ivy’Umukama+, ngo abe mweranda mu mubiri no mu mutima. Ariko umugore yubatse aganyishwa n’ivy’isi, ingene yoshimwa n’umugabo wiwe.
35 Mugabo ivyo ndabivuze ku neza yanyu bwite, atari kugira ndababohere amaboko imugongo*, ahubwo kugira ndabaremeshe gukora ikibereye no kuguma mwihebeye Umukama ata kibasamaza.
36 Mugabo nimba hari uwibaza ko ariko agira ibitabereye agumye atubatse*, kandi akaba amaze kurengana imyaka y’ubuto*, ibi rero ni vyo bikwiye kuba: nakore ico ashaka, ntaba acumuye. Nibubake+.
37 Mugabo nimba umuntu yiyemeje mu mutima wiwe kuguma atubatse*, akaba yumva atabikeneye, akaba ashoboye kwigumya, kandi akaba yarafashe iyo ngingo mu mutima wiwe, azoba agize neza+.
38 N’uwubatse* aba agize neza. Ariko uwutubatse azoba agize neza kuruta+.
39 Umugore aboherwa ku mugabo wiwe igihe uwo mugabo akiriho+. Ariko iyo umugabo wiwe asinziriye mu rupfu, nta kimubuza kwubakana n’uwo ashaka, ariko yubakane gusa n’umwigishwa w’Umukama*+.
40 Mugabo uko jewe ndavyiyumvira, arushiriza guhimbarwa yigumiye uko ari. Kandi na jewe ndibaza neza ko mfise impwemu y’Imana.
Utujambo tw'epfo
^ Ni ukuvuga kudahuza igitsina n’umugore.
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ukuvuga mu bijanye n’igitsina.
^ Canke «ko bavana.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Mu kigiriki havuga ngo «amasugi.» Iryo jambo mu kigiriki ryerekeza ku bantu b’igitsina-gabo n’abigitsina-gore batubatse.
^ Raba akajambo k’epfo ku murongo wa 25.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ndabatege umutego.»
^ Canke «ibitabereye ku bijanye n’ubusugi bwiwe.»
^ Canke «ishurika ry’ubuto.» Ni imyaka uwukiri muto aba ashushe cane mu vy’igitsina.
^ Canke «kugumana ubusugi bwiwe.»
^ Canke «uwutanze ubusugi bwiwe mu kwubaka.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu Mukama gusa.»