Abami ba mbere 12:1-33

  • Rehobowamu yishura Abisirayeli abakarira (1-15)

  • Imiryango cumi igarariza (16-19)

  • Yerobowamu aba umwami wa Isirayeli (20)

  • Imana ibuza Rehobowamu kurwanya Abisirayeli (21-24)

  • Yerobowamu atanguza ivyo gusenga inyana (25-33)

12  Rehobowamu aja i Shekemu, kuko ari ho Abisirayeli bose bari bakoraniye+ ngo bamwimike+.  Yerobowamu mwene Nebati aravyumva. (Ico gihe yari akiri mu Misiri kuko yari yarahunze umwami Salomo agumayo+.)  Maze bamutumako. Nuko Yerobowamu n’ishengero ryose rya Isirayeli baza kwa Rehobowamu bamubwira bati:  «So yatwikoreje umutwaro utoroshe+. Niwaturemurura ibikorwa biruhisha so yadukoresha n’uwo mutwaro utoroshe* yatwikoreje, tuzoheza tugukorere.»  Na we ababwira ati: «Nimugende muzogaruke inyuma y’imisi itatu.» Baca baragenda+.  Maze umwami Rehobowamu agisha inama abagabo b’inararibonye* bari barakoreye se Salomo akiriho, ababwira ati: «Aba bantu mumpanuye ndabishure gute?»  Bamwishura bati: «Niwemera kuba umusuku wabo, ugakora ivyo bagusavye, ukabishurana umutima mwiza, bazokwama bagukorera.»  Ariko yanka kwumvira impanuro abagabo b’inararibonye* bamuhaye, agisha inama imisore bakuranye yari isigaye imukorera+.  Ababaza ati: «Aba bantu bambwiye ngo ndabaremurure umutwaro dawe yabikoreje. None mumpanuye tubishure gute?» 10  Iyo misore bakuranye imwishura iti: «Abo bantu bakubwiye ngo ubaremurure umutwaro utoroshe so yabikoreje, uze ubabwire uti: “Urutoke rwanje rw’uruhererezi ruzoba runini kuruta amafyinga ya dawe. 11  Dawe yabikoreje umutwaro utoroshe, jeho nzorushiriza. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane*.”» 12  Ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abandi bose bagaruka ku mwami Rehobowamu, kuko yari yababwiye ati: «Muze mugaruke ku musi ugira gatatu+ 13  Mugabo umwami abishura abakarira cane, ntiyakurikiza impanuro abagabo b’inararibonye* bari bamuhaye. 14  Yakurikije impanuro ya misore yamuha, ababwira ati: «Dawe yabikoreje umutwaro utoroshe, jeho nzorushiriza. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane.» 15  Nuko umwami yanka kwumviriza abantu, kuko Yehova ari we yashaka ko bigenda ukwo+. Kwari ukugira ngo ivyo Yehova yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati biciye kuri Ahiya+ w’i Shilo biranguke. 16  Abisirayeli bose babonye yuko umwami yanse kubumviriza, bamwishura bati: «Mbega Dawidi hari ico duhuriyeko? Hari intoranwa tuzoronka kuri mwene Yese? Nimwisubirire ku mana zanyu yemwe Bisirayeli! Namwe abakomoka kuri Dawidi* musigare murimenya n’umuryango wanyu!» Abisirayeli baca baritahira*+. 17  Mugabo Rehobowamu abandanya kuganza Abisirayeli baba mu bisagara vy’Ubuyuda+. 18  Mu nyuma umwami Rehobowamu arungika Adoramu+ ku Bisirayeli*, akaba yari ahagarikiye abahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. Mugabo bose bamutera amabuye, arapfa. Umwami Rehobowamu we, vyarakunze ko yurira mu mukogote wiwe, ahungira i Yeruzalemu+. 19  Abisirayeli babandanya kugarariza+ umuryango wa Dawidi gushika n’uyu musi. 20  Abisirayeli bose bakimara kwumva ko Yerobowamu yagarutse, bamutumako aho bari bakoraniye, baramwimika ngo aganze Isirayeli yose+. Nta n’umwe yari akiyoboka abakomoka kuri Dawidi kiretse abo mu muryango wa Yuda+. 21  Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu, aca akoranya abo mu muryango wa Yuda bose n’abo mu muryango wa Benyamini. Yakoranije abarwanyi 180.000 bamenyerejwe*, kugira barwanye Abisirayeli basubize ubutegetsi Rehobowamu mwene Salomo+. 22  Maze Imana y’ukuri ibwira Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri iti: 23  «Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’Ubuyuda, ubwire n’abantu bose bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini be n’abandi bantu bose uti: 24  “Yehova avuze ati: ‘Ntimuje kurwanya Abisirayeli benewanyu. Umwe wese nasubire iwe kuko ari je natumye ibintu bigenda ukwo+.’”» Nuko bagamburukira Yehova barataha, nk’uko Yehova yari abibabwiye. 25  Maze Yerobowamu asubira kwubaka* igisagara ca Shekemu+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, araheza abayo. Hanyuma aja mu gisagara ca Penuweli+ asubira kucubaka*. 26  Yerobowamu yaguma yibwira mu mutima ati: «Ubwami buzohava busubira mu muryango wa Dawidi+. 27  Aba bantu nibabandanya kuduga i Yeruzalemu gutanga ibimazi ku nzu ya Yehova+, umutima wabo uzohava usubira kuri shebuja Rehobowamu, umwami w’Ubuyuda. Ntibazogenda batanyishe bisubirire kwa Rehobowamu umwami w’Ubuyuda.» 28  Umwami amaze guhanuza abajanama biwe, akora inyana zibiri z’inzahabu+ aca abwira abantu ati: «Yaco muza muriruhisha muduga i Yeruzalemu. Ng’iyi Imana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye ikagukura mu gihugu ca Misiri+ 29  Maze inyana imwe ayishira i Beteli+, iyindi na yo ayishira i Dani+. 30  Ivyo vyatumye Abisirayeli bacumura+. Baragenda bagashika i Dani bagiye gusenga inyana yariyo. 31  Nuko Yerobowamu yubaka utuzu tw’ibigirwamana mu bibanza vyo gusengeramwo*, agena n’abaherezi akuye mu bantu basanzwe, atari Abalewi+. 32  Yerobowamu atanguza n’umusi mukuru mu kwezi kugira umunani, ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, umeze nk’umusi mukuru wahimbazwa mu Buyuda+. Ashikana ibimazi ku gicaniro yubatse i Beteli+, abishikanira za nyana yari yarakoze. Agena n’abaherezi bo gukorera i Beteli mu bibanza vyo gusengeramwo yari yaratunganije. 33  Yerobowamu atangura rero gushikana amashikanwa ku gicaniro yari yarubatse i Beteli, ku musi ugira 15 w’ukwezi kw’umunani. Ni we yahisemwo ukwo kwezi. Atanguza uwo musi mukuru kugira Abisirayeli bazoze barawuhimbaza, atanga n’amashikanwa kuri nya gicaniro umwotsi urafumba.

Utujambo tw'epfo

Canke «w’amananiza.»
Canke «abashingantahe.»
Canke «abashingantahe.»
Vyari ibimoko biriko udupfundo canke utuntu dusongoye. Vyari bimeze nk’umurizo w’akamina (scorpion).
Canke «abashingantahe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ewe Dawidi.»
Mu giheburayo havuga ngo «basubira ku mahema yabo.»
Biboneka ko ari Abisirayeli bo mu miryango cumi yo mu buraruko.
Mu giheburayo havuga ngo «bacaguwe.»
Canke «akomeza.»
Canke «aragikomeza.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»