Abami ba mbere 13:1-34

  • Ubuhanuzi bwerekeye igicaniro c’i Beteli (1-10)

    • Ico gicaniro gisaduka (5)

  • Umuntu w’Imana agambarara (11-34)

13  Maze umuntu umwe w’Imana+ ava mu Buyuda aza i Beteli, arungitswe na Yehova. Yahashitse Yerobowamu ahagaze iruhande y’igicaniro+ agira atange ibimazi ngo bifumbe umwotsi*.  Maze arasemerera abwira nya gicaniro ivyo Yehova yamutegetse kuvuga, akibwira ati: «Ewe wa gicaniro, wa gicaniro! Yehova avuze ati: “Hari umuhungu yitwa Yosiya+ azovuka mu muryango wa Dawidi. Azogutangako abaherezi bakorera mu bibanza vyo gusengeramwo*, babe ibimazi. Ni bamwe bagutangako ibimazi bigafumba umwotsi. Azoturirira n’amagufa y’abantu kuri wewe+.”»  Kuri uwo musi nyene, uwo muntu w’Imana atanga ikimenyetso*, avuga ati: «Ng’iki ikimenyetso* Yehova atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, iminyota* iri kuri co iseseke.»  Umwami Yerobowamu akimara kwumva ivyo uwo muntu w’Imana y’ukuri asemereye abwira ico gicaniro cari i Beteli, akura ukuboko ku gicaniro amutunga urutoke*, avuga ati: «Mufate+!» Ukwo kuboko yari amurabishijeko guca kuradadarara*, biranka ko akugarukana+.  Nya gicaniro gica kirasaduka, iminyota yari kuri co iraseseka. Cari ca kimenyetso* uwo muntu w’Imana y’ukuri yari ahejeje gutanga kivuye kuri Yehova.  Umwami aca abwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ndakwinginze utakambire Yehova Imana yawe, umusabe akize ukuboko kwanje+.» Uwo muntu w’Imana y’ukuri aca atakambira Yehova, maze ukuboko kw’umwami gusubira kumera uko kwahora.  Umwami araheza abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ingo tujane iwanje ndaguhe utwo utamira, ndaguhe n’ingabire.»  Mugabo nya muntu w’Imana y’ukuri yishura umwami ati: «Naho wompa ica kabiri c’ivyo utunze*, sinojana nawe ngo ngire ico ndira canke nywera aha hantu.  Kuko Yehova yantegetse ati: “Ntihaze hagire ico urya canke unywa*, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wazananye.”» 10  Aca aragenda, ajana iyindi nzira. Ntiyasubiye inyuma aciye mu nzira yari yazananye mu kuza i Beteli. 11  Aho i Beteli hari umuhanuzi w’umutama. Abahungu biwe batashe, bamubwira ibintu vyose wa muntu w’Imana y’ukuri yakoreye i Beteli uwo musi n’ivyo yabwiye umwami. Bamaze kubimwiganira, 12  ababaza ati: «Yajanye inzira iyihe?» Abahungu biwe baca bamwereka inzira uwo muntu w’Imana y’ukuri yaje ava mu Buyuda yajanye. 13  Maze abwira abahungu biwe ati: «Nimuntegurire indogobwa.» Barayimutegurira, aca ayurirako. 14  Nuko akurikira wa muntu w’Imana y’ukuri, amusanga aho yicaye munsi y’igiti kinini. Maze amubaza ati: «Woba uri wa muntu w’Imana y’ukuri yavuye mu Buyuda+?» Na we ati: «Ni jewe.» 15  Uwo muhanuzi amubwira ati: «Ingo tujane muhira nguhe ico ufungura.» 16  Ariko amwishura ati: «Sinshobora gusubirana inyuma nawe canke ngo nze iwawe. Sinshobora no gusangira nawe ngo ngire ico ndira canke nywera muri aka karere. 17  Kuko Yehova yambwiye ati: “Ntihaze hagire ico urirayo canke unywerayo*, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wazananye.”» 18  Wa muhanuzi aca amubwira ati: «Nanje ndi umuhanuzi nkawe, kandi Yehova yatumye umumarayika wiwe kumbwira ati: “Genda umugarukane aze iwawe kugira umuhe ico afungura n’ico anywa*.”» (Yariko aramuhenda.) 19  Uwo muntu w’Imana aca asubirana inyuma n’uwo muhanuzi, bajana iwe, ararya aranywa. 20  Bari ku meza, ijambo rya Yehova riza kuri uwo muhanuzi yari yamusubije inyuma. 21  Maze abwira n’ijwi ryo hejuru uwo muntu w’Imana y’ukuri yari yavuye mu Buyuda ati: «Yehova avuze ati: “Ko wagararije itegeko rya Yehova, ukarenga ku vyo Yehova Imana yawe yari yagutegetse, 22  ugasubira inyuma, ukarira ukongera ukanywera aha hantu, kandi yari yakubwiye ati: ‘Ntihaze hagire ico urya canke ico unywa*’, umuvyimba wawe ntibazowuhamba aho bahamvye ba sokuruza bawe+.”» 23  Uwo muntu w’Imana y’ukuri amaze kurya no kunywa, uwo muhanuzi w’umutama aca amutegurira indogobwa*. 24  Maze afata inzira aragenda mugabo ahura n’intambwe iramwica+, umuvyimba wiwe uguma aho ku nzira. Nya ndogobwa n’iyo ntambwe biguma bihagaze iruhande yawo. 25  Maze abantu bariko bararengana babona nya muvyimba uri aho ku nzira, na ya ntambwe ihagaze iruhande yawo. Bashitse mu gisagara wa muhanuzi w’umutama yabamwo, batangura kuvyiganira abantu. 26  Wa muhanuzi yari yamusubije inyuma avyumvise, aca avuga ati: «Ni wa muntu w’Imana y’ukuri yagarariza itegeko rya Yehova+. Yehova yarungitse intambwe ngo imutabagure, imwice, nk’uko nyene Yehova yari yabimubwiye+ 27  Aca abwira abahungu biwe ati: «Nimuntegurire indogobwa.» Nuko barayimutegurira. 28  Maze aragenda, asanga wa muvyimba ku nzira, ya ndogobwa na ya ntambwe bihagaze iruhande yawo. Iyo ntambwe ntiyariye uwo muvyimba canke ngo itabagure iyo ndogobwa. 29  Uwo muhanuzi aca aterura umuvyimba wa nya muntu w’Imana y’ukuri, awushira ku ndogobwa. Araheza amugarukana mu gisagara abamwo kugira ngo amuririre yongere amuhambe. 30  Amuhamba mu mva yiwe maze baramuborogera bavuga bati: «Yoo, birababaje mwenewacu, birababaje!» 31  Bamaze kumuhamba, uwo muhanuzi abwira abahungu biwe ati: «Ninapfa muze mumpambe aho uyu muntu w’Imana y’ukuri yahambwe. Amagufa yanje muze muyashire iruhande y’ayiwe+. 32  Kuko ivyo Yehova yamutegetse kubwira ca gicaniro kiri i Beteli na twa tuzu tw’ibigirwamana two mu bibanza vyo gusengeramwo+ biri mu bisagara vyo mu karere ka Samariya, bizoranguka ata kabuza+ 33  Naho ivyo vyose vyabaye, Yerobowamu ntiyahevye ibintu bibi yakora. Ahubwo yagumye agena abaherezi bo gukorera mu bibanza vyo gusengeramwo, abatoye mu bantu basanzwe+. Uwubishaka wese yaramwemerera kuba umuherezi*, akavuga ati: «Niyibere umuherezi wo mu bibanza vyo gusengeramwo+ 34  Ico gicumuro abo mu muryango wa Yerobowamu bakoze+, catumye bahona, barazimangana kw’isi+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha rirashobora no gusobanura «guturira imibavu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»
Canke «ikimenyamenya.»
Canke «ikimenyamenya.»
Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuruma.»
Canke «ca kimenyamenya.»
Mu giheburayo havuga ngo «c’inzu yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urya canke amazi unywa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urirayo canke amazi unywerayo.»
Mu giheburayo havuga ngo «kugira arye umukate, anywe n’amazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urya canke amazi unywa.»
Mu giheburayo havuga ngo «aca ashira ivyo kwicarako ku ndogobwa ya wa muhanuzi yari yasubije inyuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaramwuzuza ukuboko.»