Abami ba mbere 15:1-34

  • Abiyamu, umwami w’Ubuyuda (1-8)

  • Asa, umwami w’Ubuyuda (9-24)

  • Nadabu, umwami wa Isirayeli (25-32)

  • Bayasha, umwami wa Isirayeli (33, 34)

15  Abiyamu yatanguye kuganza Ubuyuda mu mwaka ugira 18 umwami Yerobowamu+ mwene Nebati aganza+.  Yamaze imyaka itatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Mayaka+, akaba yari umwuzukuru wa Abishalomu*.  Yagumye akora ibicumuro vyose se yari yarakoze. Ntiyakoreye Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose* nka sekuruza Dawidi.  Mugabo Yehova Imana ya Abiyamu yaramuhaye itara i Yeruzalemu+ mu kumuha umuhungu aganza mu kibanza ciwe no mu kureka igisagara ca Yeruzalemu kikagumaho. Yabigize kubera Dawidi+,  kuko Dawidi yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse. Imisi yose y’ubuzima bwiwe ntiyigeze arenga ku kintu na kimwe yari yaramutegetse, kiretse ivyo yakoreye Uriya Umuheti+.  Igihe cose Rehobowamu yamaze aganza, hamyeho intambara hagati yiwe na Yerobowamu+.  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Abiyamu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+. Hagati ya Abiyamu na Yerobowamu, na ho nyene harabaye intambara+.  Maze Abiyamu arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Asa+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.  Mu mwaka ugira 20 Yerobowamu umwami wa Isirayeli aganza, Asa atangura kuganza Ubuyuda. 10  Yamaze imyaka 41 aganza i Yeruzalemu. Inakuru yitwa Mayaka+, akaba yari umwuzukuru wa Abishalomu. 11  Asa yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse+ nka sekuruza Dawidi. 12  Yaromoye mu gihugu abamaraya b’abagabo* bo mu bibanza vyo gusengeramwo*+, akuraho n’ibigirwamana bisesemye* ba sekuruza bari barakoze+. 13  Yaranakuye inakuru Mayaka+ mu kibanza co kuba umugabekazi*, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye isoni yakoresha mu gusenga inkingi nyeranda y’igiti*. Ico kigirwamana giteye isoni Asa yaragisituye+, maze agituririra mu mwonga Kidironi+. 14  Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Naho ari ukwo, Asa yagumye akorera Yehova n’umutima wiwe wose*, mu buzima bwiwe* bwose. 15  Yarazanye mu nzu ya Yehova ibintu se yari yareguriye Imana n’ivyo we ubwiwe yeguriye Imana: uri ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho+. 16  Hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli hama intambara+. 17  Bayasha umwami wa Isirayeli aza gutera Ubuyuda, maze yubaka* igisagara ca Rama+ kugira ngo ntihagire uwuva canke uwuja* mu karere Asa umwami w’Ubuyuda yatwara+. 18  Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abiha abasuku biwe. Umwami Asa aca abatuma kuri Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Beni-Hadadi yari mwene Taburimoni, Taburimoni mwene Heziyoni. Abatuma kumubwira ngo: 19  «Twe nawe dufitaniye amasezerano nk’uko dawe na so bari bafitaniye amasezerano. Ehe raba nkurungikiye ingabire y’ifeza n’inzahabu. Ndagusavye rero uhagarike amasezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, ndabe ko yomvira mu karere.» 20  Nuko Beni-Hadadi yemera ivyo umwami Asa amusavye, arungika abakuru b’ingabo ziwe gutera ibisagara vyo muri Isirayeli. Bafata ahitwa Iyoni+, Dani+, Abeli-Beti-Mayaka, intara yose ya Kinereti n’akarere kose ka Nafutali. 21  Bayasha akivyumva, aca areka kwubaka* igisagara ca Rama, maze abandanya kuba i Tiruza+. 22  Umwami Asa ni kwo guca atumako abo mu Buyuda bose ata n’umwe avuyemwo, maze baseha amabuye n’ibiti Bayasha yariko yubakisha igisagara ca Rama. Umwami Asa aca avyubakisha* igisagara ca Geba+ kiri mu karere ka Benyamini n’ica Mizipa+. 23  Nayo ibisigaye vyose ku vyerekeye Asa, ni ukuvuga ububasha bwose yerekanye, ivyo yakoze vyose n’ibisagara yubatse*, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. Mugabo amaze gusaza yararwaye ibirenge+. 24  Maze Asa arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi sekuruza. Umuhungu wiwe Yehoshafati+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25  Mu mwaka ugira kabiri Asa umwami w’Ubuyuda aganza, Nadabu+ mwene Yerobowamu aba umwami wa Isirayeli. Yamaze imyaka ibiri aganza Isirayeli. 26  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, akurikira akarorero kabi ka se+, akora n’ibicumuro se yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora+. 27  Maze Bayasha mwene Ahiya wo mu muryango wa Isakari ategura umugambi wo kurwanya Nadabu, araheza amwicira mu gisagara ca Gibetoni+ caganzwa n’Abafilisitiya. Ico gihe Nadabu n’Abisirayeli bose bari bugarije ico gisagara. 28  Bayasha yamwishe mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Ubuyuda aganza, aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 29  Akimara kuba umwami, yica abo mu muryango wa Yerobowamu bose, ntihagira n’umwe asigaza*. Yarabazimanganije nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya w’i Shilo+. 30  Ivyo vyabaye kubera ibicumuro Yerobowamu yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora, no kubera yababaje cane Yehova Imana ya Isirayeli. 31  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Nadabu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 32  Hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli hama intambara+. 33  Bayasha mwene Ahiya yabaye umwami mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 24 aganza Isirayeli yose i Tiruza+. 34  Mugabo yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Akurikira akarorero kabi ka Yerobowamu, akora n’ibicumuro Yerobowamu yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora+.

Utujambo tw'epfo

Biboneka ko ari irindi zina rya Abusalomu.
Canke «n’umutima ukwiye.»
Canke «abagabo baryamana n’abandi bagabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Canke «umugore w’iteka.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»
Canke «n’umutima ukwiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»
Canke «akomeza», «asubira kwubaka.»
Canke «uwusohoka canke uwinjira.»
Canke «ikirimba.»
Canke «gukomeza», «gusubira kwubaka.»
Canke «abikoresha mu gukomeza», «abikoresha mu gusubira kwubaka.»
Canke «yakomeje», «yasubiye kwubaka.»
Canke «ntiyasigaza n’umwe ahumeka.»