Abami ba mbere 20:1-43

  • Abasiriya barwana na Ahabu (1-12)

  • Ahabu atsinda Abasiriya (13-34)

  • Umuhanuzi abwira Ahabu ivyago bizomushikira (35-43)

20  Maze Beni-Hadadi+ umwami wa Siriya+ akoranya ingabo ziwe zose, hamwe n’abami 32 n’amafarasi yabo n’imikogote yabo. Aca aduga gutera igisagara ca Samariya, aracugariza+.  Hanyuma arungika intumwa muri ico gisagara ngo zibwire Ahabu+ umwami wa Isirayeli ziti: «Beni-Hadadi avuze ati:  “Ifeza zawe n’inzahabu zawe ni rwanje. Abagore bawe beza kuruta abandi n’abahungu bawe beza kuruta abandi na bo nyene ni rwanje.”»  Umwami wa Isirayeli aca yishura ati: «Nibibe nk’uko ubivuze mwami wanje, databuja. Ndi uwawe kandi ivyanje vyose ni rwawe+  Mu nyuma za ntumwa ziragaruka, zivuga ziti: «Beni-Hadadi avuze ati: “Nararungitse intumwa kukubwira ngo umpe ifeza zawe n’inzahabu zawe n’abagore bawe n’abahungu bawe.  Mugabo ejo nk’aya mango nzorungika abantu banje iwawe, basake bitonze inzu yawe n’inzu z’abantu bagukorera. Ibintu vyose vy’agaciro utunze bazobitora babitware.”»  Umwami wa Isirayeli aca ahamagara abashingantahe bose bo mu gihugu, ababwira ati: «Ndabasavye mundabire ingene uyu mugabo ariko arondera kudukorera ikibi. Yari yansavye ngo ndamuhe abagore banje, abahungu banje, ifeza zanje n’inzahabu zanje, kandi sinamwankiye.»  Maze abashingantahe bose n’abantu bose bamubwira bati: «Ntumwumvire. Ntiwemere ivyo akubwiye.»  Abwira rero intumwa za Beni-Hadadi ati: «Genda mubwire databuja umwami wanje muti: “Ivyo wansavye ubwa mbere jewe umusavyi wawe, vyose nzobikora. Ariko ivyo bindi sinshobora kubikora.”» Izo ntumwa zica zija kubimenyesha Beni-Hadadi. 10  Nuko Beni-Hadadi arungika intumwa kumubwira ziti: «Nzotikiza Samariya ku buryo hatazosigara n’umukungugu wokwira abasoda banje ngo umwe wese aronke uwokwuzura urushi. Nintabikora, imana zizobimpanire bimwe bikomeye!» 11  Umwami wa Isirayeli na we yishura ati: «Genda mumubwire muti: “Uwitegurira urugamba ntakwiye kwirata nk’uwatahukanye intsinzi*+.”» 12  Beni-Hadadi yari kumwe na ba bami mu mahema* bariko baranywa. Akimara kwumva iyo nyishu, aca abwira abantu biwe ati: «Nimwitegure tuje ku rugamba!» Nuko baca baritegura kugira batere ico gisagara. 13  Mugabo umuhanuzi umwe araza, abwira Ahabu+ umwami wa Isirayeli ati: «Yehova avuze ati: “Urabona abo basoda ukuntu ari isinzi? Ngira ndagufashe kubatsinda. Uraheza umenye yuko ndi Yehova+.”» 14  Ahabu aca abaza ati: «Ndabatsinda biciye kuri nde?» Uwo muhanuzi yishura ati: «Yehova avuze ati: “Ubatsinda biciye ku bisongerezi vy’abakuru b’intara.”» Ahabu yongera kubaza ati: «Ni nde aza gutanguza urugamba?» Na we ati: «Wewe.» 15  Nuko Ahabu aharura ivyo bisongerezi vy’abakuru b’intara, asanga ni 232. Araheza aharura ingabo z’Abisirayeli zose: bari 7.000. 16  Bahengera mu masasita bava mu gisagara. Ico gihe Beni-Hadadi yariko aranywa yaborewe, ari kumwe na ba bami 32 bari baje kumufasha, bari mu mahema*. 17  Ba bagabo b’ibisongerezi ni bo babanje kuva mu gisagara. Beni-Hadadi abibonye, aca arungika abaja kuraba abo bantu abo ari bo, maze bamubwira bati: «Ni abantu bavuye i Samariya.» 18  Aca avuga ati: «Nimba bazanywe n’amahoro nimubafate ari bazima. Nimba baje kurwana, na ho nyene nimubafate ari bazima.» 19  Abari bavuye mu gisagara ni ba bagabo b’ibisongerezi vy’abakuru b’intara hamwe n’ingabo zabakurikiye. 20  Bamaze gusohoka, umwe wese muri bo agira uwo yishe mu bansi babo. Abasiriya baca barahunga+ maze Abisirayeli barabakurikira. Mugabo Beni-Hadadi umwami wa Siriya yurira ifarasi arahunga, ari kumwe na bamwebamwe mu bagendera ku mafarasi. 21  Umwami wa Isirayeli na we ava mu gisagara, yica abarwanira ku mafarasi no ku mikogote, atsinda Abasiriya bimwe bikomeye*. 22  Mu nyuma wa muhanuzi+ araza abwira umwami wa Isirayeli ati: «Genda ukomeze igisoda, urabe n’ibindi wokora+, kuko mu ntango z’umwaka uza* umwami wa Siriya azogaruka kugutera+ 23  Maze abajenama b’umwami wa Siriya bamubwira bati: «Imana yabo ni Imana yo mu misozi. Ni co catumye baturusha inkomezi. Mugabo nitwarwanira na bo mu biyaya tuzobatsinda. 24  Ehe ikindi wokora: nugene ba buramatari basubirire abami+ bose mu kuyobora ingabo. 25  Uheze ukoranye* ingabo zingana n’izo watakaje, usubirize n’amafarasi be n’imikogote watakaje. Tuzoca turwanira na bo mu biyaya, kandi ntituzobura kubatsinda.» Nuko yumva impanuro bamuhaye, aca akora nk’uko bamubwiye. 26  Umwaka utanguye*, Beni-Hadadi akoranya Abasiriya hanyuma aja i Afeki+ kurwana n’Abisirayeli. 27  Abisirayeli na bo nyene baca barakorana, batekererwa n’ibifungurwa hanyuma baja guhangana n’Abasiriya, bakambika imbere yabo. Uravye igitigiri c’abasoda b’Abisirayeli wamengo ni utugwi tubiri tw’impene. Abasiriya bobo bari buzuye akarere kose+. 28  Maze wa muntu w’Imana y’ukuri araza, abwira umwami wa Isirayeli ati: «Yehova avuze ati: “Ko Abasiriya bavuze ngo: ‘Yehova ni Imana yo mu misozi, si Imana yo mu biyaya’, ngomba ndagufashe gutsinda iri sinzi ry’ingabo+. Uraheza umenye vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”» 29  Ingabo z’Abisirayeli n’iz’Abasiriya ziguma zikambitse imisi indwi zihanganye. Maze ku musi ugira indwi urugamba ruratangura. Abisirayeli bica ku musi umwe abasoda 100.000 b’Abasiriya barwanira hasi. 30  Abari basigaye bahungira mu gisagara ca Afeki+. Mugabo uruzitiro rwaco rugwa ku basoda 27.000 muri bo. Beni-Hadadi na we arahunga ashika mu gisagara, yinyegeza mu cumba kiri ahantu hihishije. 31  Maze abajenama biwe bamubwira bati: «Twarumvise yuko abami b’Abisirayeli ari abami bafise ikigongwe*. Dukundire dukenyere amagunira, tubohere n’imigozi ku mutwe, hanyuma tuje kuraba umwami wa Isirayeli. Hari aho atokwica+ 32  Nuko bakenyera amagunira, babohera n’imigozi ku mutwe. Hanyuma baja kuraba umwami wa Isirayeli bamubwira bati: «Umusuku wawe Beni-Hadadi avuze ati: “Ndagusavye ntunyice.”» Na we yishura ati: «Mbega aracariho? Ni mwenewacu.» 33  Nuko bibaha icizigiro, ubwo nyene baca babona ko atabahenze. Maze bavuga bati: «Beni-Hadadi ni mwenewanyu.» Ahabu ni kwo guca ababwira ati: «Genda mumuzane.» Beni-Hadadi aca aza iyo Ahabu ari, Ahabu na we amwuriza mu mukogote. 34  Beni-Hadadi aca amubwira ati: «Nzosubiza ibisagara dawe yatwaye so, kandi uzogira ibibanza vyo kudandarizamwo* i Damasiko nk’uko na dawe yari abifise i Samariya.» Ahabu amwishura ati: «Ko unsezeraniye ivyo, ndakureka ugende.» Nuko bagirana amasezerano, hanyuma aramureka aragenda. 35  Maze umwe mu bana* b’abahanuzi*+ abwira uwo bari kumwe ati: «Ndagusavye unkubite.» Yehova ni we yari yabimutumye. Ariko nya muntu yanka kumukubita. 36  Na we aca amubwira ati: «Kubera ko utumviye ijwi rya Yehova, nitwamara kuvana intambwe irakwica.» Bamaze kuvana, intambwe ica iraza iramwica. 37  Mu nyuma uwo muhanuzi abona uwundi muntu, amubwira ati: «Ndagusavye unkubite.» Nya muntu aramukubita, aramukomeretsa. 38  Maze uwo muhanuzi aja gutegera umwami iruhande y’inzira. Yari yapfunze igitambara mu maso kugira ntibamumenye. 39  Umwami arenganye, nya muhanuzi arasemerera abwira umwami ati: «Jewe umusuku wawe nari ahari urugamba rushushe, hanyuma haza umusoda ansigarana umuntu. Ambwira ati: “Cunga uyu muntu. Akaramuka akujanye, urapfa mu kibanza ciwe*+ canke na ho uce uriha italanto* y’ifeza.” 40  Jewe umusuku wawe hari utuntu nariko ndakora, mpindukiye nsanga wa muntu yagiye.» Umwami wa Isirayeli aca amwishura ati: «None ntiwumva ko urwiciriye? Ico gihano uragikwiriye.» 41  Ubwo nyene akura ca gitambara mu maso, umwami wa Isirayeli aca amenya ko ari uwo mu bahanuzi+. 42  Nya muhanuzi avuga ati: «Yehova avuze ati: “Ko warekuye umuntu navuze ko ategerezwa kwicwa+, uzopfa mu kibanza ciwe*+, abantu bawe na bo bapfe mu kibanza c’abiwe+.”» 43  Umwami wa Isirayeli aca ataha iwe i Samariya+, yijiriwe kandi acitse intege.

Utujambo tw'epfo

Canke «uwambara ibirwanisho ntakwiye kwirata nk’uwuvyambura.»
Canke «mu nsago.»
Canke «mu nsago.»
Canke «yica Abasiriya, inganda ziratikira.»
Ni ukuvuga nko muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.
Mu giheburayo havuga ngo «uharure.»
Ni ukuvuga nko muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «uzofata amabarabara.»
Imvugo «abana b’abahanuzi» ishobora kuba yerekeza kw’ishure ryamenyereza abahanuzi canke ku mugwi w’abahanuzi wari utunganijwe nk’ishirahamwe.
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Canke «ubuzima bwawe buca busubirira ubwiwe.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ubuzima bwawe buzosubirira ubwiwe.»