Abami ba mbere 22:1-53

  • Yehoshafati yifatanya na Ahabu (1-12)

  • Mikaya amenyesha Ahabu ko aza gutsindwa (13-28)

    • Umumarayika ahenda Ahabu (21, 22)

  • Ahabu yicirwa i Ramoti-Gileyadi (29-40)

  • Intwaro ya Yehoshafati mu Buyuda (41-50)

  • Ahaziya, umwami wa Isirayeli (51-53)

22  Imyaka itatu irahera hatabaye intambara hagati ya Siriya na Isirayeli.  Mu mwaka ugira gatatu, Yehoshafati+ umwami w’Ubuyuda aja kuraba umwami wa Isirayeli+.  Maze umwami wa Isirayeli abwira abantu biwe ati: «Murazi yuko igisagara ca Ramoti-Gileyadi+ ari rwacu. Yamara tuguma tugonanwa kukigaruza ngo tucake umwami wa Siriya.»  Nuko abwira Yehoshafati ati: «None uzojana nanje ku rugamba i Ramoti-Gileyadi?» Yehoshafati aca yishura umwami wa Isirayeli ati: «Erega turi bamwe. Abasoda bawe n’abasoda banje ni bamwe. N’amafarasi yanje be n’amafarasi yawe ni ko kw’ukwo+  Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: «Ndagusavye ubanze ubaze+ Yehova+  Maze umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi. Bari nk’abagabo 400. Ababaza ati: «Nje gutera i Ramoti-Gileyadi canke ndeke?» Bamwishura bati: «Genda kandi Yehova aragufasha kuhatsinda, mwami.»  Yehoshafati aca avuga ati: «Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova ahari? Reka na we tumubaze twumve ico Imana ivuga+  Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Haracariho uwundi mugabo yotubariza Yehova+. Mugabo ndamwanka+ kuko atigera avuga ko hari ivyiza bizonshikira, amvugako ibibi gusa+. Ni Mikaya mwene Imula.» Ariko Yehoshafati avuga ati: «Sigaho mwami, reka kuvuga gutyo.»  Umwami wa Isirayeli aca ahamagara umukozi wo ku kirimba maze amubwira ati: «Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula+ 10  Umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda bari bicaye ku ntebe z’ubwami, bambaye impuzu za cami, ku mbuga* iri hafi y’irembo rya Samariya. Abahanuzi bose bari imbere yabo bariko bavuga ubuhanuzi+. 11  Maze Zedekiya mwene Kenayana akora amahembe y’icuma hanyuma avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya ni yo uzokoresha mu gucumita* Abasiriya gushika ubahoneje.”» 12  N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga nk’ukwo nyene bati: «Genda i Ramoti-Gileyadi kandi uratahukana intsinzi. Yehova aragufasha gutsinda ico gisagara, mwami.» 13  Wa muntu yari yatumwe guhamagara Mikaya amubwira ati: «Umviriza, abahanuzi bose bariko babwira umwami ivyiza. Ndagusavye nawe uvuge ivyiza nka bo+ 14  Mugabo Mikaya avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, ivyo Yehova ambwira ni vyo nza kuvuga.» 15  Maze ashitse imbere y’umwami, umwami amubaza ati: «Mikaya, tuje gutera i Ramoti-Gileyadi canke tureke?» Aca amwishura ati: «Genda kandi urahatsinda. Yehova aragufasha kuhatsinda mwami.» 16  Umwami aca amubwira ati: «Nirirwe ndakurahiza kangahe ngo umbwize ukuri mw’izina rya Yehova aho kumpenda?» 17  Na we avuga ati: «Mbona Abisirayeli bose basanzaye ku misozi+ nk’intama zitagira umwungere. Yehova yavuze ati: “Nta shebuja bagifise. Umwe wese niyisubirire iwe amahoro.”» 18  Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Sinari nakubwiye ko ata vyiza aza kuvuga ku binyerekeye, ahubwo ko aza kuvuga ibibi gusa+ 19  Mikaya yongera kuvuga ati: «Niwumve rero ubutumwa buvuye kuri Yehova. Nabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami+, ingabo zose zo mw’ijuru zihagaze hafi yiwe, iburyo n’ibubamfu+. 20  Maze Yehova avuga ati: “Ni nde aza guhenda Ahabu ngo aje i Ramoti-Gileyadi apfireyo?” Umwe atangura kuvuga uku, uwundi uku. 21  Haca haza umumarayika*+, ahagarara imbere ya Yehova, avuga ati: “Jewe ndamuhenda.” Yehova aca amubaza ati: “Ubigenza gute?” 22  Na we ati: “Ndagenda nkorere mu bahanuzi biwe bose, ntume bavuga ibinyoma*+.” Amwishura ati: “Uraza kumuhenda kandi birakunda. Genda ugire gutyo.” 23  Yehova rero yatumye abahanuzi bawe bose bavuga ibinyoma*+, ariko vy’ukuri Yehova yafashe ingingo yo kuguteza ivyago+ 24  Zedekiya mwene Kenayana aca yegera Mikaya amukubita kw’itama maze avuga ati: «Ushatse kuvuga ko impwemu ya Yehova yamvuyeko ikaza kuvugana nawe? Yoba yaciye hehe+ 25  Mikaya aca amwishura ati: «Uzomenya aho yaciye umusi uzoja kwinyegeza mu cumba kiri ahantu hihishije.» 26  Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: «Nimufate Mikaya mumujane, mumushikirize Amoni umukuru w’igisagara na Yowasi umuhungu w’umwami. 27  Mubabwire muti: “Umwami avuze ati: ‘Nimushire uyu mugabo mw’ibohero+, mumuhe ivyo kurya* n’amazi vy’inticantikize gushika ngarutse amahoro.’”» 28  Mugabo Mikaya avuga ati: «Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.» Aca yongerako ati: «Yemwe bantu mwese, nimuvyumve.» 29  Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda baja i Ramoti-Gileyadi+. 30  Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: «Ngira nambare izindi mpuzu niyoberanye maze nje mu rugamba, mugabo wewe wambare impuzu zawe za cami.» Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya+, araheza aja mu rugamba. 31  Umwami wa Siriya yari yategetse abakuru 32 bajejwe abarwanira ku mikogote yiwe+ ati: «Ntihagire umusoda n’umwe murwanya, yaba mutoyi canke uwuhambaye. Murwanye umwami wa Isirayeli wenyene.» 32  Abo bakuru bakibona Yehoshafati, bibwira bati: «Umwami wa Isirayeli ni uyu nyene.» Baca baja kumurwanya. Yehoshafati aca atangura gutabaza. 33  Abo bakuru babonye yuko atari umwami wa Isirayeli, ubwo nyene baca bareka kumukurikira. 34  Ariko umugabo umwe apfa kurasa umwampi, asanga yagemye umwami wa Isirayeli aho ibice vy’ikoti y’ivyuma yari yambaye bihurira. Umwami aca abwira uwutwara umukogote wiwe ati: «Hindukiza umukogote mve mu rugamba* kuko nakomeretse cane+ 35  Kuri uwo musi urugamba rurakomera, biba ngombwa ko umwami bamushigikira kugira agume ahagaze mu mukogote, araba Abasiriya. Aho bamukomerekeje haguma hava amaraso, avira mu mukogote w’intambara. Ku mugoroba yaciye apfa+. 36  Izuba ririko rirarenga, abasoda baterwa akamo ngo: «Umwe wese nasubire mu gisagara iwabo. Umwe wese nasubire iyo yaje ava+ 37  Nuko umwami arapfa bamujana i Samariya, bamuhambayo. 38  Igihe bariko bogereza umukogote w’intambara ku kidengeri c’i Samariya, imbwa zirigata amaraso yiwe, kandi abamaraya bariko barahogera*. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze+. 39  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ahabu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, inzu* y’amasenge*+ yubatse n’ibisagara vyose yubatse, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 40  Ahabu amaze gupfa+ umuhungu wiwe Ahaziya+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 41  Yehoshafati+ mwene Asa, yabaye umwami w’Ubuyuda mu mwaka ugira kane Ahabu umwami wa Isirayeli aganza. 42  Yehoshafati yabaye umwami afise imyaka 35, amara imyaka 25 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Azuba, akaba yari umukobwa wa Shilihi. 43  Aguma akurikira akarorero ka se Asa+ adaca ku ruhande, akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+. Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho, kandi abantu bari bakihashikanira ibimazi+ bigafumba umwotsi. 44  Yehoshafati yari abanye amahoro n’umwami wa Isirayeli+. 45  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoshafati, ni ukuvuga ubutwari bwiwe n’intambara yarwanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 46  Yarakuye mu gihugu abamaraya b’abagabo* bo mu bibanza vyo gusengeramwo*+ bari barasigaye ku ntwaro ya se Asa+. 47  Ico gihe nta mwami yariho muri Edomu+. Hari umutware aganza nk’umwami+. 48  Yehoshafati akora n’amato* y’i Tarushishi* kugira aze araja i Ofiri kuzana inzahabu+. Mugabo ayo mato ntiyabaye akijayo kubera yasambukiye i Eziyoni-Geberi+. 49  Maze Ahaziya mwene Ahabu abwira Yehoshafati ati*: «Nkundira abasuku banje baze bajane n’abawe muri ayo mato.» Mugabo Yehoshafati ntiyamwemerera. 50  Mu nyuma Yehoshafati arapfa+, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi sekuruza. Maze umuhungu wiwe Yehoramu+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 51  Ahaziya+ mwene Ahabu yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 17 Yehoshafati umwami w’Ubuyuda aganza. Ahaziya yamaze imyaka ibiri aganza Isirayeli. 52  Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Akurikira akarorero kabi ka se+ na nyina+ n’aka Yerobowamu mwene Nebati, umwe yatuma Abisirayeli bacumura+. 53  Abandanya gukorera Bayali+ arayunamira, aguma ababaza Yehova Imana ya Isirayeli+ cokimwe na se.

Utujambo tw'epfo

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «gusunika.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndagenda nihindure impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi biwe bose.»
Mu giheburayo havuga ngo «yashize impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi bawe bose.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «mw’ikambi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aho abamaraya bogera, imbwa zararigase amaraso yiwe.»
Canke «ikirimba.»
Ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Raba akajambo k’epfo mu 1Bm 14:24.
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Raba Insiguro y’amajambo (Amato y’i Tarushishi).
Bashobora kuba babiyaze imbere y’uko ayo mato asambuka.