Abami ba mbere 4:1-34

  • Abakuru mu ntwaro ya Salomo (1-19)

  • Ku ngoma ya Salomo abantu bari babayeho neza (20-28)

    • Umwe wese yibera mu mutekano (25)

  • Ubukerebutsi bwa Salomo n’imigani yiwe (29-34)

4  Umwami Salomo yaganza Isirayeli yose+.  Aba ni bo bari abakuru mu ntwaro*: Azariya mwene Sadoki+ yari umuherezi*,  Elihorefu na Ahiya bene Shisha bari abanyamabanga+, Yehoshafati+ mwene Ahiludi yari umwanditsi w’ivyaja biraba,  Benaya+ mwene Yehoyada yari umukuru w’ingabo, Sadoki na Abiyatari+ bari abaherezi,  Azariya mwene Natani+ yari umukuru w’abatware, Zabudi mwene Natani yari umuherezi akaba n’umugenzi w’umwami+,  Ahishari yari ahagarikiye ivyo ku kirimba, Adoniramu+ mwene Abuda na we yari ahagarikiye abahamagawe ngo bakorere umwami+.  Salomo yari afise abatware 12 muri Isirayeli yose baronsa umwami n’urugo rwiwe ibifungurwa. Umwe wese muri bo yari afise ukwezi kumwe mu mwaka abitangamwo+.  Abo batware ni aba: mwene Huru yatwara akarere k’imisozi ka Efurayimu.  Mwene Dekeri yatwara akarere k’i Makazi, i Shalubimu+, i Beti-Shemeshi n’i Eloni-Beti-Hanani. 10  Mwene Hesedi yakorera i Aruboti (agatwara ahitwa Soko n’akarere kose ka Heferi). 11  Mwene Abinadabu yatwara akarere kose k’imirambi y’i Dori (yarongoye umukobwa wa Salomo yitwa Tafati). 12  Bayana mwene Ahiludi yatwara i Tanaki, i Megido+ no mu karere kose ka Beti-Sheyani+ kari hafi y’i Saretani munsi y’i Yezireli. Ako karere kava i Beti-Sheyani kagashika i Abeli-Mehola no mu karere ka Yokimeyamu+. 13  Mwene Geberi yakorera i Ramoti-Gileyadi+ (agatwara ibigwati vy’amahema vya Yayiri+ mwene Manase biri mu karere ka Gileyadi+. Yatwara n’akarere ka Arugobu+ kari i Bashani+ kagizwe n’ibisagara bininibinini 60, bifise inzitiro n’amarembo ariko ivyugazo bikozwe mu mujumpu). 14  Ahinadabu mwene Ido yatwara i Mahanayimu+. 15  Ahimasi yatwara mu karere ka Nafutali (yarongoye umukobwa wa Salomo yitwa Basemati). 16  Bayana mwene Hushayi yatwara akarere ka Asheri n’i Beyaloti. 17  Yehoshafati mwene Paruwa yatwara akarere ka Isakari. 18  Shimeyi+ mwene Ela yatwara akarere ka Benyamini+. 19  Geberi mwene Uri yatwara akarere ka Gileyadi+ kahoze gatwarwa na Sihoni+ umwami w’Abamori na Ogi+ umwami w’i Bashani. Hariho n’umutware ahagarikiye abo batware bose bo mu gihugu. 20  Abo mu Buyuda no muri Isirayeli bari benshi nk’udutete tw’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. Bari bafise ivyo bafungura n’ivyo banywa, kandi bari bahimbawe+. 21  Salomo yaganza ubwami bwose bwari mu karere kava kuri rwa ruzi runini*+, kagaca mu gihugu c’Abafilisitiya, kagashika ku rubibe rwa Misiri. Mu kiringo cose yamaze akiriho, abo muri ubwo bwami baramuzanira ikori* kandi bakamuyoboka+. 22  Buri musi, abo ku kirimba ca Salomo bafungura ingero 30 zitwa koro* z’ifu inoze n’ingero 60 zitwa koro z’ifu isanzwe*, 23  inka 10 zinuze bagabuririye mw’iraro, inka 20 zaja kurisha n’intama 100. Aho ntituvuze impongo n’ingeregere n’inzobe n’inyoni zinuze zitwa imikukwe. 24  Yaganza vyose mu karere kari hakuno ya rwa ruzi runini*+, kuva i Tifusa gushika i Gaza+, akaganza n’abami bose bo hakuno yarwo. Kandi mu gihugu cose no ku mbibe zaco zose harangwa amahoro+. 25  Abo mu Buyuda no muri Isirayeli bose, kuva i Dani gushika i Beri-Sheba, bari babayeho mu mutekano, umwe wese yibera munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni. Ukwo ni ko vyari mu kiringo cose Salomo yamaze aganza. 26  Salomo yari afise impongore 4.000* z’amafarasi akwega imikogote yiwe, akagira n’amafarasi* 12.000+. 27  Ba batware bararonsa ibifungurwa umwami Salomo n’abafungurira ku meza yiwe bose. Umwe wese yari afise ukwezi yahawe kwo gukora ico gikorwa kandi akaraba ko ata na kimwe kibuze+. 28  Aho hose vyaba bikenewe, barazana intete za sayiri* n’ubwatsi bigenewe amafarasi akwega imikogote be n’ayandi mafarasi. Umwe wese yaba afise urugero yashingiwe rw’ivyo yategerezwa kuzana. 29  Imana iha Salomo ubukerebutsi bwinshi cane n’ubushobozi budasanzwe bwo gutahura, imuha n’ubwenge bwinshi* nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. 30  Salomo yari afise ubukerebutsi kuruta abantu bose bo mu buseruko n’Abanyamisiri bose+. 31  Yari afise ubukerebutsi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, kuruta na Etani+ mwene Zera hamwe na Hemani+, Kalikoli+ na Darida bene Maholi. Yaramenyekanye cane mu mahanga yose yari abakikuje+. 32  Yaciye* imigani 3.000+, indirimbo ziwe+ na zo zari 1.005. 33  Yari azi ibijanye n’ibiti, uhereye ku masederi y’i Libani ugashitsa ku gati ka ezobu+ kamera ku mpome. Yari azi n’ivyerekeye ibikoko binini+, inyoni*+, ivyikwega hasi*+ n’amafi. 34  Abantu bo mu mahanga yose baraza kwumviriza ubukerebutsi bwa Salomo. Haraza n’abami bo hirya no hino kw’isi bumvise ivyerekeye ubukerebutsi bwiwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «abaganwa.»
Biboneka ko yari umuherezi mukuru.
Canke «ingabire.»
Ni uruzi Efurate.
Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Ingero imwe y’ifu isanzwe ipima hafi ibilo 110.
Ni mu burengero bw’uruzi Efurate.
Ico gitigiri tugisanga mu mizingo imwimwe no mu kindi gitabu ca Bibiliya kivugwamwo iyo nkuru. Iyindi mizingo ivuga 40.000.
Canke «abagendera ku mafarasi.»
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Canke «umutima utegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima wagutse.»
Canke «yanditse.»
Canke «ibiguruka.»
Hashobora kuba harimwo n’udukoko dutoduto.