Abami ba mbere 6:1-38
6 Mu mwaka ugira 480 inyuma y’aho Abisirayeli baviriye mu gihugu ca Misiri+, Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova*+. Hari mu mwaka ugira kane abaye umwami wa Isirayeli, mu kwezi kugira kabiri kwitwa Zivu*+.
2 Iyo nzu umwami Salomo yubakiye Yehova yari ifise uburebure bw’intambwe* 60, ubwaguke bw’intambwe 20, n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 30*+.
3 Uburebure* bw’ibaraza+ ry’imbere y’urusengero* bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nzu*. Ubwaguke bw’iryo baraza na bwo bwari intambwe cumi uvuye ku bwinjiriro bw’iyo nzu.
4 Maze akorera iyo nzu amadirisha agenda araga*+.
5 Vyongeye, mu mbavu z’iyo nzu ahubaka inyubakwa ifatanye n’uruhome rwa nya nzu. Iyo nyubakwa yari ikikuje impome z’iyo nzu igizwe n’Aheranda* be n’Aheranda cane*+. Iyo nyubakwa yo mu mbavu Salomo ayicamwo ivyumba+.
6 Muri ivyo vyumba vyo mu mbavu, ico hasi cari gifise ubwaguke bw’intambwe zitanu, ico hagati kikagira ubwaguke bw’intambwe zitandatu, ico hejuru ya vyose na co kikagira ubwaguke bw’intambwe indwi. Salomo yari yagiye arasiga imyanya* ku mpome z’iyo nzu impande zose, kugira ngo ntihagire imbaho zinjira mu mpome+.
7 Iyo nzu yubakishijwe amabuye bacukuye maze barayatunganya+. Ni co gituma ata nyundo canke ishoka canke ikindi gikoresho c’icuma cumvikana muri iyo nzu igihe yariko irubakwa.
8 Ubwinjiriro bw’icumba co mu mbavu co hasi bwari ku ruhande rwo mu bumanuko* rw’iyo nzu+. Hariho n’ingazi zigenda zizunguruka umuntu yacako kugira aduge mu cumba co hagati, no kugira ave mu cumba co hagati aduge mu co hejuru.
9 Abandanya kwubaka iyo nzu arayirangiza+. Maze ayikorera igisenge kigizwe n’ibigiga vy’amasederi n’imbaho z’amasederi+ zitondetse ku murongo.
10 Ivyumba vyo mu mbavu yubatse irya n’ino y’iyo nzu+ vyari bifise amahagarara y’intambwe zitanu. Imbaho z’amasederi ni zo zabifatanya n’iyo nzu.
11 Muri ico gihe, Yehova abwira Salomo ati:
12 «Niwagendera mu vyagezwe vyanje, ugashitsa ingingo nashinze kandi ukubahiriza amabwirizwa yanje yose+, nanje rero nzokugirira ivyo nasezeraniye so Dawidi+ ku bijanye n’iyi nzu uriko urubaka.
13 Nzoba hagati mu Bisirayeli+, kandi sinzoheba ihanga ryanje Isirayeli+.»
14 Salomo abandanya rero kwubaka nya nzu gushika ayirangije.
15 Impome z’imbere muri iyo nzu azihomekako* imbaho z’amasederi kuva hasi gushika ku gisenge*, hasi na ho ahasasa imbaho z’umuberoshi+.
16 Maze mu gice c’inyuma muri iyo nzu ahatunganya icumba c’intambwe 20 mu mbaho z’amasederi, kuva hasi gushika ku gisenge*. Ico cumba c’indani ahiherereye+ citwa Aheranda cane+.
17 Igice c’imbere c’iyo nzu, ni ukuvuga Aheranda*+, cari gifise uburebure bw’intambwe 40.
18 Imbaho z’amasederi zari zihometse imbere muri iyo nzu zari zisaruyeko amashusho asa n’imyungu+ be n’amashurwe asambuye+. Ku mpome hose hari amasederi gusa. Nta buye na rimwe ryaboneka.
19 Muri ca cumba c’ahiherereye+ muri iyo nzu, arahategura kugira ngo ahashire isandugu y’isezerano rya Yehova+.
20 Ico cumba c’ahiherereye cari gifise uburebure bw’intambwe 20, ubwaguke bw’intambwe 20, n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 20+. Salomo agihomekako inzahabu itavanze, igicaniro+ na co agihomekako amasederi.
21 Imbere muri nya nzu, Salomo ahahomeka inzahabu itavanze+, yongera atambika iminyororo y’inzahabu imbere y’icumba c’ahiherereye+. Nya cumba cari gihometseko inzahabu.
22 Hose muri nya nzu ahahomeka inzahabu, ntihagira na hamwe hasigara. N’igicaniro cari hafi y’ico cumba c’ahiherereye, cose agihomekako inzahabu+.
23 Akora n’abakerubi+ babiri bo mu cumba c’ahiherereye, abakora mu giti c’ipinusi*. Umwe wese yari afise uburebure bw’intambwe cumi+.
24 Ibaba rimwe ry’umukerubi ryareha n’intambwe zitanu, n’irindi rikareha n’intambwe zitanu. Kuva kw’isonga ry’ibaba rimwe gushika ku rindi songa hareha n’intambwe cumi.
25 N’umukerubi agira kabiri kwari ukwo: zari intambwe cumi. Bompi barangana kandi bari bakozwe cokimwe.
26 Umwe wese muri abo bakerubi yareha n’intambwe cumi.
27 Maze Salomo ashira nya bakerubi+ muri ca cumba c’indani*. Amababa yabo yari ashanje ku buryo ibaba ry’umwe ryakora ku ruhome rumwe, iry’uwundi rigakora ku rundi ruhome. Ayandi mababa yabo yahurira hagati muri ico cumba, agakoranako.
28 Abo bakerubi yabahometseko inzahabu.
29 Ku mpome zose z’iyo nzu, ni ukuvuga mu cumba c’Aheranda cane n’ic’Aheranda*, ahasarura amashusho y’abakerubi+, ay’ibigazi+ n’ay’amashurwe asambuye+.
30 Hasi muri ivyo vyumba ahahomeka inzahabu.
31 Ku bwinjiriro bw’icumba c’ahiherereye ahakora imiryango mu giti c’ipinusi, inkingi zo mu mbavu n’ibishimaryango, bifata ica gatanu c’uruhome*.
32 Iyo miryango ibiri yo mu giti c’ipinusi ayisarurako amashusho y’abakerubi, ay’ibigazi n’ay’amashurwe asambuye. Maze ayihomekako inzahabu. Ayo mashusho y’abakerubi n’ay’ibigazi ayatsindagiramwo inzahabu akoresheje inyundo.
33 Ukwo ni ko yagize no ku bwinjiriro bw’Aheranda*: ibishimaryango vyaho yabikoze mu giti c’ipinusi, bifata ica kane c’uruhome*.
34 Akora imiryango ibiri mu giti c’umuberoshi. Buri muryango wari ugizwe n’inzugi zibiri ziriko ibintu bituma zizinga*+.
35 Nuko asarura kuri iyo miryango amashusho y’abakerubi, ay’ibigazi n’ay’amashurwe asambuye, maze nya mashusho ayahomekako inzahabu.
36 Yubaka uruhome ruzitira ikigo c’indani+. Yarwubatse mu kugerekeranya imirongo itatu y’amabuye abajwe, ayongerako umurongo w’imbaho z’amasederi+.
37 Mu mwaka ugira kane mu kwezi kwa Zivu*, ni ho bashinga umushinge w’inzu ya Yehova+.
38 Bayirangije mu mwaka ugira 11 mu kwezi kw’umunani kwitwa Buli*. Ico gihe ni ho basozera utuntu twose tujanye n’iyo nzu hisunzwe umugero wayo+. Salomo yamaze rero imyaka indwi ayubaka.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya B8.
^ Raba Inyongera ya B15.
^ Ni ukuvuga imetero 27 z’uburebure, 9 z’ubwaguke na 13 z’amahagarara.
^ Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ubwaguke.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urusengero rwa nya nzu.»
^ Canke «ibaraza ry’imbere y’urusengero ryareha n’intambwe 20 z’ubwaguke bw’iyo nzu.»
^ Canke «amadirisha arimwo utubaho dutuma umwenge wayo ugenda uragabanuka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «icumba c’ahiherereye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urusengero.»
^ Canke «ahaniguye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «rw’iburyo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azubakisha.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga vy’igisenge.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urusengero.» Ico gice cari imbere y’Aheranda cane.
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu giti c’amavuta.» Ico giti gishobora kuba ari ipinusi y’i Alepo.
^ Ni Aheranda cane.
^ Mu giheburayo havuga ngo «indani no hanze.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibishimaryango, ica gatanu.» Gishobora kuba gisobanura ubunini bw’imiryango canke ukuntu igishimaryango cari cubatse.
^ Mu giheburayo havuga ngo «urusengero.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ipinusi, ica kane.» Gishobora kuba gisobanura ubunini bw’imiryango canke ukuntu igishimaryango cari cubatse.
^ Ivyo bintu hari abavyita amapomere canke amapata.
^ Raba Inyongera ya B15.
^ Raba Inyongera ya B15.